bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibiliya mu Kirundi Coroshe) Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc
/
Mark 2
Mark 2
Kirundi (Bibiliya mu Kirundi Coroshe) Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc
← Chapter 1
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 3 →
1
Haciye imisi, Yesu asubira i Kaperinawumu, maze inkuru iramenyekana ko yagarutse i muhira.
2
Abantu benshi bakoranira aho hantu haruzura ku buryo n’imbere y’umuryango ata kibanza cari kihasigaye.
3
Nuko haza abantu bane bateruye ku nderuzo umuntu akongataye.
4
Ariko kubera ubwinshi bw’abantu, ntivyakunda ko bashikira Yesu. Nuko basambura ahantu hato ku nzu hejuru y’aho Yesu yari ari, bururukirizamwo ya nderuzo wa muntu aryamyeko.
5
Yesu abonye ukwizera kwabo, abwira ca kimuga ati: “Mwana wanje, ivyaha vyawe urabihariwe.”
6
Bamwe mu bigisha b’ivyagezwe bari ngaho batangura kwibaza mu mitima yabo bati:
7
“Uwo mugabo yubahutse gute kuvuga gutyo? Ukwo ni ugutuka Imana! Imana yonyene ni yo ishobora guharira ivyaha!”
8
Ubwo nyene Yesu amenya mu mpwemu yiwe ivyo bariko baribaza mu mitima yabo. Arababaza ati: “Ni kuki muriko mwiyumvira gutyo mu mitima?
9
Mbega icoroshe ni uko nobwira iki kimuga nti: ‘Ivyaha vyawe urabihariwe,’ canke ni uko novuga nti: ‘Haguruka wikorere inderuzo yawe ugende’?
10
Ariko nshaka ko mutahura ko Umwana w’Umuntu afise ububasha kw’isi bwo guharira ivyaha.” Nuko abwira ca kimuga ati:
11
“Haguruka, ikorere ikirago cawe, witahire.”
12
Wa muntu aca arahaguruka, aterura ikirago ciwe, asohoka bose babibona. Abantu bose baratangara, bahimbaza Imana bavuga bati: “Ntitwari bwabone ibintu nk’ibi!”
13
Yesu yongera kuja ku nkengera y’ikiyaga c’i Galilaya. Nuko abantu benshi baza aho ari na we atangura kubigisha.
14
Ariko ararengana, abona Lewi mwene Alufayo yicaye aho yatoreza ikori, amubwira ati: “Nkurikira!” Lewi aca ava hasi, aramukurikira.
15
Mu nyuma Lewi atumira Yesu n’abigishwa biwe i muhira iwe kugira ngo abazimane, atumira kandi n’abatozakori benshi n’abandi banyavyaha; kuko mu bakurikira Yesu harimwo benshi bameze nk’abo.
16
Bamwe mu bigisha b’ivyagezwe b’Abafarisayo babonye Yesu asangira n’abatozakori n’abandi banyavyaha, babaza abigishwa biwe bati: “Ni kuki asangira n’abatozakori n’abandi banyavyaha?”
17
Yesu avyumvise, arabishura ati: “Abakomeye si bo bakeneye umuganga, ahubwo abarwaye ni bo bamukeneye. Sinaje guhamagara abiyumvira ko ari abagororotsi, ahubwo naje guhamagara abemera ko ari abanyavyaha.”
18
Ikindi gihe, abigishwa ba Yohana n’abigishwa b’Abafarisayo bari bisonzesheje. Maze abantu baza aho Yesu ari baramubaza bati: “Ni kuki abigishwa ba Yohana Umubatizi n’abigishwa b’Abafarisayo bisonzesha, ariko abigishwa bawe ntibisonzeshe?”
19
Yesu arabishura ati: “Mbega abatumire b’umukwe bokwisonzesha bakiri kumwe na we mu musi mukuru? Ntibishoboka!
20
Ariko hazogera aho umukwe abakurwamwo; ico gihe bazoheza bisonzeshe.
21
Nta wofata igitambara gishasha ngo akibaririre ku mpuzu y’umushire, kuko ico gitambara cotuma ya mpuzu y’umushire itabuka rwose.
22
Ni nk’uko ata wosuka umuvinyu mushasha mu mukuza w’urushato ushaje, kuko uwo muvinyu wotuma uwo mukuza umeneka; hanyuma wa muntu akabura umuvinyu n’umukuza. Ahubwo umuvinyu mushasha bawushira mu mukuza mushasha.”
23
Umusi umwe, ku musi w’Isabato, Yesu yariko aca mu mirima y’ingano ari kumwe n’abigishwa biwe. Bariko bararengana, abigishwa biwe bagenda baraca imitwe y’ingano zeze.
24
Abafarisayo baramubaza bati: “Ni kuki abigishwa bawe bakora ibitemewe ku musi w’Isabato?”
25
Yesu arabishura ati: “Mbega ntimurasoma ivyo Dawidi yakoze igihe we n’abo bari kumwe bari bashonje, ata co kurya bafise?
26
Yinjiye mu nzu y’Imana, mu gihe c’umuherezi mukuru Abiyatari, arya imikate yashikaniwe Imana; kandi abaherezi ari bo bonyene bari bemerewe kuyirya; yongera ahako n’abari kumwe na we.”
27
Yesu aca arababwira ati: “Isabato yashizweho ku neza y’umuntu, umuntu ntiyaremewe kuganzwa na yo,
28
ni co gituma Umwana w’Umuntu ari na we Mwami w’Isabato.”
← Chapter 1
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 3 →
All chapters:
1
2
3
4
5
6
7
8
9
10
11
12
13
14
15
16