bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibiliya mu Kirundi Coroshe) Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc
/
Mark 4
Mark 4
Kirundi (Bibiliya mu Kirundi Coroshe) Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc
← Chapter 3
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 5 →
1
Ikindi gihe Yesu asubira kwigishiriza ku nkengera y’ikiyaga c’i Galilaya, maze abantu isinzi bakoranira aho ari, na we aca atambukira mu bwato abwicaramwo, abantu na bo bahagarara i musozi.
2
Nuko abigisha vyinshi mu migani, ababwira ati:
3
“Umviriza! Habaye umurimyi yakiriye imbuto aja kubiba.
4
Ariko arabiba, zimwe zigwa i ruhande y’inzira, hanyuma inyoni ziraza zirazinobagura.
5
Izindi zigwa ku rutare, ahantu hatagira ivu ryinshi; zica zimera ningoga kuko ivu ryari rike.
6
Ariko izuba ryatse, za mbuto zariko ziramera zica ziruma kuko imizi yazo itashika kure.
7
Izindi mbuto zigwa mu mahwa; zimaze kumera, ayo mahwa arakura arazinyoha, ntizashobora kwama.
8
Ariko hari n’imbuto zaguye mw’ivu ryiza. Izo zarameze, zirakura kandi zirama; zimwe zama mirongo itatu, izindi mirongo itandatu, izindi ijana.”
9
Hanyuma aca ababwira ati: “Uwufise amatwi yo kwumva niyumve!”
10
Inyuma y’aho, Yesu ari kumwe na ba bigishwa cumi na babiri n’abandi bari bamukikije, bamubaza ivyerekeye iyo migani.
11
Arabishura ati: “Mwebwe mwahawe kumenya amabanga y’ivy’Ubwami bw’Imana. Ariko ku batabihawe, nkoresha imigani
12
kugira ngo, ‘naho boraba, ntibabone, naho bokwumviriza ntibatahure; kugira ngo ntibagaruke ku Mana na yo ngo ibababarire.’ ”
13
Nuko Yesu arababaza ati: “Mbega ntimutahura uwo mugani? None iyindi mwoyitahura gute?
14
Umubivyi abiba ijambo ry’Imana.
15
Abantu bamwe bafise imitima imeze nk’i ruhande y’inzira. Bagiheza kwumva iryo jambo, Satani araza akiba iryo jambo ritewe mu mitima yabo.
16
Abandi, imitima yabo imeze nk’urutare. Abo ni abumva ijambo ry’Imana bakaryakirana umunezero.
17
Ariko kubera iryo jambo ritagira imizi muri bo, bamara akanya gato bizeye. Iyo baciye mu vyago canke mu guhamwa bazira kwizera iryo Jambo ry’Imana, baca bata ukwizera.
18
Abandi bafise imitima imeze nk’umurima urimwo amahwa. Abo barumva ijambo ry’Imana,
19
ariko imyitwarariko y’ivy’iyi si, n’uruhendo rw’ubutunzi n’ibindi vyipfuzo vy’uburyo bwinshi, biraza bikanyoha iryo jambo bigatuma ata co ryama.
20
Abandi imitima yabo imeze nk’umurima ufise ivu ryiza. Abo na bo ni abumva ijambo ry’Imana bakaryakira maze bakama ivyamwa, bamwe mirongo itatu, abandi mirongo itandatu, abandi ijana.”
21
Yesu yongera kubabwira ati: “Mbega hari umuntu yodomeka itara akaryubikako igiseke canke akarishira musi y’igitanda? Mbega ntibarishira aho risanzwe riterekwa?
22
Nta canyegejwe kitazonyegururwa, kandi nta cagizwe ibanga kitazomenyekana.
23
Uwufise amatwi yo kwumva niyumve!”
24
Yongera kubabwira ati: “Mushire imitima cane ku vyo mwumva! Kuko uko mugerera abandi ari ko namwe muzogererwa, mbere kuri mwebwe bizorushiriza.
25
Uwufise vyinshi azokwongererezwa, uwufise bike azokwakwa n’ivyo yari afise.”
26
Yesu yongera kubabwira ati: “Uku ni ko Ubwami bw’Imana bugereranywa: Iyo umuntu abivye imbuto mu murima wiwe,
27
haba mw’ijoro canke ku murango, asinziriye canke ari maso, izo mbuto ziramera, zigakura, ariko we ntamenya uko bigenda.
28
Isi ubwayo ni yo ituma icabibwe gikura kandi kikama: ubwa mbere haza umutumba waco, hagakurikira umuyange, hanyuma intete.
29
Umurima weze, wa murimyi arazana umuhoro akimbura, kuko iyimbura riba rigeze.”
30
Yesu yongera kuvuga ati: “Mbega Ubwami bw’Imana twobugereranya n’iki? Twokoresha uwuhe mugani mu kubusigura?
31
Ubwami bw’Imana busa n’akabuto k’igiterwa citwa mutaride. Ako kabuto ni gato kurusha izindi zose kw’isi.
32
Ariko iyo gatewe, karakura kakaba igiterwa kiruta ibindi vyose. Amashami yaco arakura, akaba manini kugeza n’aho inyoni ziza zikarika mu gitutu caco.”
33
Yesu yigisha abantu akoresheje imigani myinshi isa n’iyo, akurikije ivyo bashobora gutahura.
34
Nta kintu na kimwe yabigishije adakoresheje imigani. Ariko asigaranye n’abigishwa biwe bonyene, yaca abasigurira vyose.
35
Ku mugoroba w’uwo musi nyene, Yesu abwira abigishwa biwe ati: “Tujabuke tuje hakurya y’ikiyaga.”
36
Nuko basiga aho rya sinzi ry’abantu, baja mu bwato Yesu yari yicayemwo, bajana na we. Kandi hari n’ubundi bwato bwajanye n’ubwabo.
37
Maze haza umuyaga w’igihuhusi ukomeye bituma imipfunda y’amazi yisuka mu bwato, ku buryo bwari bugiye kwuzura amazi.
38
Yesu we yari yiryamiye inyuma mu bwato yiseguye. Abigishwa baramukangura, bamubwira bati: “Mwigisha, ntubabajwe n’uko tugira dupfe?”
39
Nuko Yesu aravyuka, akankamira uwo muyaga, abwira ikiyaga ati: “Hora, tekereza!” Wa muyaga uca urahagarara, haca haba agahwekere.
40
Aca abwira abigishwa biwe ati: “Ni kuki mufise ubwoba? Mbega n’ubu nta kwizera mugira?”
41
Ba bigishwa batinya cane, barabazanya bati: “Mbega uwu ni umuntu ki, ko umuyaga n’imipfunda na vyo bimwumvira?”
← Chapter 3
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 5 →
All chapters:
1
2
3
4
5
6
7
8
9
10
11
12
13
14
15
16