bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibiliya mu Kirundi Coroshe) Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc
/
Mark 3
Mark 3
Kirundi (Bibiliya mu Kirundi Coroshe) Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc
← Chapter 2
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 4 →
1
Ikindi gihe Yesu yinjira mw’isinagogi ahasanga umuntu akongataye ukuboko.
2
Bamwe mu bari aho bamuhanga amaso ngo barabe ko amukiza, kuko bashaka ico bafatirako kugira ngo bamwagirize ko yakoze ku musi w’Isabato kandi kizira.
3
Yesu abwira wa muntu akongataye ukuboko ati: “Haguruka uhagarare hano imbere y’ishengero.”
4
Arababaza ati: “Mbega ni igiki cemewe gukorwa ku musi w’Isabato: Gukora iciza canke gukora ikibi? Gukiza umuntu canke kumwaka ubugingo?” Ntihagira uwumwishura.
5
Nuko Yesu abitegereza ashavuye, kandi ababajwe cane n’uko imitima yabo ikomantaye. Nuko abwira wa muntu ati: “Gorora ukuboko kwawe.” Akugoroye guca kurakira.
6
Abafarisayo baca baragenda baja inama n’abayoboke ba Herode, barondera ingene bokwica Yesu.
7
Yesu n’abigishwa biwe bava aho hantu baja ku kiyaga c’i Galilaya, maze abantu benshi baramukurikira bavuye i Galilaya, i Yudaya,
8
i Yerusalemu, muri Idumaya, hakurya y’uruzi Yorodani no mu micungararo y’intara za Tiro na Sidoni. Abo bose bamukurikiye kuko bumvise ibitangaza yakoze.
9
Nuko abwira abigishwa biwe ngo bamutegurire ubwato kugira ngo abantu ntibamusite,
10
kuko yari yakijije abantu benshi bituma abarwaye bandi barondera kumukorako.
11
Abantu baboshwe n’impwemu mbi bamukubise ijisho, izo mpwemu mbi zaca zibakubita hasi zigasemerera ziti: “Uri Umwana w’Imana!”
12
Ariko we yaca azikankamira ngo zihore, ntizisubire kuvuga uwo ari we.
13
Hanyuma Yesu aduga ku musozi ahamagara abo ashaka, na bo baza aho ari.
14
Maze atoranyamwo cumi na babiri, abita intumwa, kugira ngo babane na we yongere abatume kuvuga Ubutumwa Bwiza;
15
abaha n’ububasha bwo kwirukana abadayimoni.
16
Aya ni yo mazina y’abo cumi na babiri yatoranije: Simoni (uwo yise Petero);
17
Yakobo na Yohana bene Zebedayo (na bo abita Bowanerige, bisigura ngo abana b’inkuba);
18
Andereya, Filipo, Baruteremi, Matayo, Toma, Yakobo mwene Alufayo, Tadeyo, Simoni Umuzelote,
19
na Yuda Isikariyote, ari we yahavuye amugurisha.
20
Hanyuma Yesu aja i muhira, maze abantu benshi basubira gukoranira aho ari, ku buryo we n’abigishwa biwe bitashoboka ko bafungura.
21
Abo mu muryango wiwe bavyumvise, baja kumufata, kuko bivuga bati: “Yasaze.”
22
Abigisha b’ivyagezwe bari baje bava i Yerusalemu bavuga bati: “Akoreshwa n’ububasha bwa Beyelizebuli! Umukuru w’abadayimoni ni we amushoboza kwirukana abadayimoni.”
23
Yesu arabahamagara ababwira mu migani ati: “Mbega Satani yokwirukana Satani gute?
24
Iyo ubwami bwiciyemwo ibice, buba bugiye gusenyuka.
25
Kandi iyo umuryango wiciyemwo ibice, ntushobora kurama.
26
Iyo Satani yigwanije akicamwo ibice, ntashobora guhagarara, ivyiwe biba biheze.
27
Nta muntu yokwinjira mu nzu y’umunyenkomezi ngo amunyage ivyo atunze atabanje kumuboha. Aho ni ho honyene ashobora kumunyaga ivyiwe.
28
Ndababwire ukuri, ivyaha vyose abana b’abantu bakora n’ibitutsi vyose batuka Imana barashobora kubibabarirwa.
29
Ariko umuntu wese atuka Mpwemu Yera ntazokwigera abibabarirwa, icaha ciwe kizohoraho ibihe bidashira.”
30
Ivyo yabivuze kuko bariko bavuga ngo arimwo impwemu mbi.
31
Bene nyina ba Yesu na nyina baraza bahagarara hanze, batuma umuntu kumuhamagara.
32
Abantu bari bamukikije baramubwira bati: “Nyoko na bene nyoko bari hanze kandi barakurondera.”
33
Arababaza ati: “Mama ni nde kandi bene mama ni ba nde?”
34
Nuko yeraguza mu bari bamukikije, avuga ati: “Aba ni bo mama kandi ni bo bene mama.
35
Uwukora ivyo Imana ishaka wese ni we mwene mama kandi ni we mama.”
← Chapter 2
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 4 →
All chapters:
1
2
3
4
5
6
7
8
9
10
11
12
13
14
15
16