bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
/
1 Corinthians 13
1 Corinthians 13
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
← Chapter 12
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 14 →
1
Naho novuga indimi z’abantu n’iz’ abamarayika, ariko ntagira urukundo, noba ncitse umuringa uvuga, cank’ icuma kivuzwa kigasāma.
2
Kandi naho nogira ingabire yo kuvugishwa n’Imana, nkamenya amabanga yose, n’ubgenge bgose, kandi naho nogira ukwizera kwose, ngashobora gukūrah’ imisozi, ariko ntagira urukundo, noba nd’ ubusa.
3
Kandi naho notanga ivyanje vyose, ngo ngaburire aboro, kandi naho notanga umubiri wanje ngo nturirwe, ariko ntagira urukundo, nta co vyommarira.
4
Urukundo rurihangana, rugira neza, urukundo ntirugira ishari, urukundo ntirwihayagiza, ntirwihimbaza,
5
ntirukora ibiteye isoni, ntirurondera ivyarwo, ntirwiciraho, ntirwiyumvira ikibi ku bantu,
6
ntirunezererwa ukugabitanya kw’abandi, ariko runezeranwa n’ukuri:
7
rurenzako muri vyose, rwizera vyose, rwizigira vyose, rwihanganira vyose.
8
Urukundo nta ho rushira. Ukuvugishwa n’Imana kuzokūrwaho, ukuvuga izindi ndimi kuzogira iherezo, ubgenge buzokūrwaho.
9
Kuko tuzi agace, kandi tuvugishwa n’Imana agace,
10
ariko, ah’ igihingūye kizoshikira, ivy’ agace bizokūrwaho.
11
Nkir’u mwana mutoya, navuga rwana, niyumvira rwana, nibgira rwana. Mmaze gukura, mva mu vy’ ubgana.
12
Kuk’ ubu turābira mu cirore ivyijiji, arikw ico gihe tuzorāba nk’abarābana imbonankubone. Ubu nzi agace, arikw ico gihe nzomenya rwose nk’uko namenywe rwose.
13
None rero hagumyeh’ ukwizera, n’ivyizigiro, n’urukundo, ivyo ukw ari bitatu: arikw ikibiruta n’urukundo.
← Chapter 12
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 14 →
All chapters:
1
2
3
4
5
6
7
8
9
10
11
12
13
14
15
16