bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
/
1 Corinthians 16
1 Corinthians 16
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
← Chapter 15
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
1
Nuko ku vyo gukoranya ibitabara abera, nk’uko nageze amashengero y’i Galatiya, abe ari ko namwe mukora.
2
Ku wa mbere wose w’imisi ndwi, umuntu wese muri mwebge abīke i we ibimuhaye uburyo, nk’ukw atunze, kugira ngw aho nzozira ntihabe ari ho amashikanwa azokoranirizwa.
3
Kand’ aho nzoshikira, abo muzoshima, nzobatuma mbahaye ivyete, kugira ngo bajane ivy’ ubuntu bganyu i Yerusalemu.
4
Kandi namba nzoba nkwiye kugenda nanje, tuzojana.
5
Ariko nzoza i wanyu, ni namara guca i Makedoniya; kuko nzorinda gucayo.
6
Ariko kumbure nzomarana namwe imisi, canke nzomara n’urushana, kugira ngo mumperekeze, munsezere neza aho nzoja hose.
7
Singomba ko tubonana none mbakubise rurabge, ariko nizigira kuzomarana namwe imisi, Umwami wacu ni yankundira.
8
Ariko nzotebera muri Efeso gushitsa kuri Pentekote:
9
kuko nugururiwe urugi runini ruja mu bikorwa bikomeye, kand’ abarwanizi bakaba benshi.
10
Timoteyo ni yaramuka aje i wanyu, muze mumubabare kugira ngw abane namwe ata bgoba; kukw akora igikorwa c’Umwami wacu nkanje.
11
Nuko ntihaze hagire ūmukēngēra, ariko muze mumuherekeze mumusezere amahoro, az’ ansange ino, kuko niteze kw azozanana na bene Data.
12
Arikw ivya Apolo mwene Data, naramwinginze cane ngw aze i wanyu, az’ azanane na bene Data abo; ntiyakunda na gatoya kuza none, arikw azoza, ni yabona uburyo.
13
Mwame mugavye, mushikame mu kwizera, mube abagabo, mugire inkomezi.
14
Ivyo mukora vyose mubikorane urukundo.
15
Nuko ndabinginze, bene Data, murazi abo kwa Stefana, kw ari bo bāshuje mu Banyakaya, kandi kw ari bo bītangiye gukorera abera.
16
Nuko namwe mugāmburukire abameze bartyo, n’uwundi wese afatanije n’abandi mur’ ico gikorwa, agatama.
17
Birannezereye ko Stefana na Forutunato na Akayiko baje; bāmmaze inkumbu nari mbafitiye,
18
kuko bāhēmbūye umutima wanje, bo n’uwanyu: mwame mwibuka abameze bartyo.
19
Abo mu mashengero yo muri Asiya barabaganūtsa. Akwila na Purisikila barabaganutsa cane mu Mwami wacu, bo n’ishengero ryo mu nzu yabo.
20
Bene Data bose barabaganūtsa. Muramukanishe kugumbirana kwera.
21
Uku ni kwo gutasha kwanje Paulo, kwanditswe n’ukwanje kuboko.
22
Ni hagira umuntu adakunda Umwami wacu, arakavumwa. Maran ata.
23
Ubuntu bg’Umwami wacu Yesu Kristo bubane namwe.
24
Urukundo rwanje rubane namwe mwese muri Kristo Yesu. Amen.
← Chapter 15
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
All chapters:
1
2
3
4
5
6
7
8
9
10
11
12
13
14
15
16