bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
/
1 Corinthians 4
1 Corinthians 4
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
← Chapter 3
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 5 →
1
Umuntu n’atwiyumvire yuko tur’ abasuku ba Kristo, n’ababgiriza b’amabanga y’Imana.
2
Kand’ ababgiriza babagomba ko baboneka ar’ abizigirwa.
3
Ariko kubganje ni nk’ubusa rwose gucirwa urubanza namwe, canke n’urukinja rw’abantu; kandi nanje nyene sinicira urubanza.
4
Kukw ata co niyiziko, ariko si co kintsindishiriza; arik’ ūncira urubanza n’Umwami wacu.
5
Ni co gituma mudakwiye guca urubanza rw’ikintu na kimwe igihe carwo kitarashika, ni co kuza kw’Umwami wacu, azomurika ivyari vyanyegejwe mu mwiza, kand’ azogaragaza inama zo mu mitima: ni ho umuntu wese azohabga n’Imana ishimwe rimukwiye.
6
Ariko, bene Data, ivyo mvyigereranijeko, jewe na Apolo, kubganyu, nk’igishushanyo: kugira ngw ivyo mvuze kuri twebge bibigishe kutarenga ivyanditswe; ntihagire umuntu yikakisha arwana ishaka ry’umwe akagaya uwundi.
7
Ni nde aguteye kwitandukanya n’abandi? Kand’ ic’ ufise utāhawe n’igiki? Ariko namba waragihawe, n’iki gituma wirata, nk’ūtāgihawe?
8
Mumaze guhāga; mumaze gutunga; mwimye nk’abami, tutarimwo: ereg’ icompa mukaba mwārīmye, kugira ngo natwe twimane namwe.
9
Kuko niyumvira yuko twebge intumwa, Imana yatwerekanye nk’abari hasi inyuma ya bose, nk’abagerewe kwicwa, kuko twacitse akābarore mw isi, mu bamarayika no mu bantu.
10
Twebge tur’ ibipfu kubga Kristo; mweho mur’ abanyabgenge muri Kristo: tur’ abanyantege nke, mur’ abanyabushobozi: mur’ abanyacubahiro, tur’ inkēngērwa.
11
Gushitsa n’ubu twishwe n’inzara n’inyota, twambaye ubusa, dukubitwa ibipfunsi, tubura uburagamo,
12
dukoresha amaboko yacu tugatama: iyo badutuka turabahezagira, iyo baduhama turihangana,
13
iyo batwambika ibara turabahōyahōya. Twahindutse umwavu w’isi, n’udukokorwa kuri bose gushitsa n’ubu.
14
Ivyo simvyandikiye kubatetereza, ariko ni nko kubahanūra, nk’abana banje nkunda.
15
Kuko naho mufise muri Kristo ababarera ibihumbi cumi, ntimufise ba so benshi, kukw ari jewe nabavyaje ubutumwa bgiza muri Kristo Yesu.
16
Nuko ndabinginga, munyigāne.
17
Ni co gituma mbatumyeko Timoteyo, umwana wanje nkunda, ayobokera Umwami wacu; azobībutsa inzira zanje zo muri Kristo, nk’uko nigisha hose mu mashengero yose.
18
Ariko bamwe bīkakīsha, biyumvira yuko ntazoza i wanyu.
19
Ariko nzoza vuba, Umwami wacu ni yabigomba; kandi s’amajambo y’abīkakīsha nzomenya, ariko n’ubushobozi bgabo.
20
Kuk’ ubgami bg’Imana atar’ ubg’ amajambo, ariko n’ubg’ ubushobozi.
21
Mugomba iki? Ko nza i wanyu nzanye inkoni, canke ko nzana urukundo n’umutima w’ubugwaneza?
← Chapter 3
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 5 →
All chapters:
1
2
3
4
5
6
7
8
9
10
11
12
13
14
15
16