bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
/
1 Timothy 1
1 Timothy 1
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 2 →
1
Paulo, intumwa ya Kristo Yesu, nk’uko vyagezwe n’Imana Umukiza wacu na Kristo Yesu ivyizigiro vyacu,
2
ndakwandikiye Timoteyo, umwana wanje nyakuri mu kwizera. Ubuntu n’imbabazi n’amahoro bibe kuri wewe, biva ku Mana Data wa twese no kuri Kristo Yesu Umwami wacu.
3
Nuko guma muri Efeso, nk’uko nakugīriye inama hamwe naja i Makedoniya, kugira ng’ uteshe ba bandi ntibigishe ibiciye ukundi,
4
ntibababare ivy’ imigani y’ibinyoma n’ivyo kuzīrōra ivy’ akārōnda katagira iherezo, bidafasha igikorwa c’Imana gikorera mu kwizera, ariko bizana impāri.
5
Arikw inyanduruko y’ukwigisha kwacu n’ukugira ngo bagire urukundo ruva mu mutima utanduye, utarimw’ ijwi ribāgiriza ikibi, no ku kwizera kutar’ ukw’ uburyarya.
6
Ivyo bamwe bārabihushije, bata inzira, baja mu bitagira ikimazi kuba ari vyo bavuga,
7
bagomba kuba abigisha b’ivyagezwe, ariko ntibatahura ivyo bavuga n’ivyo bashingira intahe babishimikiye.
8
Ariko turazi yukw ivyagezwe ari vyiza, iy’ umuntu abigenjeje nk’uko bikwiye ivyagezwe,
9
azi yukw ivyagezwe bitāshiriweh’ umugororotsi, ariko vyāshiriweh’ abagarariji n’ibigāba, abatubaha Imana n’abanyavyaha, abanegura ivyayo n’abakora ibizira, abica ba se na ba nyina, abicanyi,
10
abashakanyi, abagabo bendana, abanyaga abantu bakabashōra, ababeshi, abarahira nabi, n’ibindi vyose birwanya ukwigisha kuzima,
11
gukurikira ubutumwa bg’ubgiza bg’Imana ishemagizwa, ubgo najejwe.
12
Ndashimira Kristo Yesu Umwami wacu yabinshoboje, kuko yanyiyumviriye ko nd’uwo kwizigirwa, akampa ubusuku:
13
naho nabanje kumurogotako no kumuhīga no kumwambika ibara. Ariko naragiriwe ikigongwe kuko nabikoze ntabizi ntarizera;
14
kand’ ubuntu bg’Umwami wacu bgiyongeranya kuri jewe, bo n’ukwizera n’urukundo rubonerwa muri Kristo Yesu.
15
Iri jambo n’iryo kwizerwa, rikwiye kwemerwa rwose, yuko Kristo Yesu yazanywe mw isi no gukiza abanyavyaha: muri bo jewe nd’agahebuza.
16
Ariko, icatumye ngirirwa ikigongwe n’ukugira ngo Yesu Kristo yerekanire muri jewe gahebuza, ukwihangana kwiwe kwose, mbe icitegererezo c’abazomwizera bakaronka ubugingo budashira.
17
Umwami ahoraho, adapfa, ataboneka, ari we Mana imwe yonyene, igitinyiro n’icubahiro bibe ivyayo, ibihe bitazoshira. Amen.
18
Iri bgirizwa ndariguhaye, mwana wanje Timoteyo, nk’ukw abavugishwa n’Imana bākuvuzeko ubga mbere, ng’ ufashwe na vyo kurwana intambara nziza,
19
ugumye ukwizera, ufise umutima utarimw’ ijwi rikwagiriza ikibi; iryo bamwe bāshibuye bakamera nk’ubgato busāvye mu vy’ ukwizera.
20
Mur’ abo, umwe ni Humenayo na Alekisandero, abo nahaye Satani, kugira ngo bibigishe kutarogota.
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 2 →
All chapters:
1
2
3
4
5
6