bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
/
1 Timothy 6
1 Timothy 6
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
← Chapter 5
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
1
Abagurano bose bari mu buja ni biyumvire ba shebuja ko bakwiye kwubahwa rwose, ngw izina ry’Imana n’ukwigisha ntibitukwe.
2
Kand’ abafise ba shebuja bizera, boye kubagayishwa n’ukw ari bene Data, ariko barushirize kubakorera, kukw abagirirwa ico kimazi ar’ abizera n’abakundwa. Uze wigishe ivyo, ubibahanūre.
3
Umuntu ni yigisha ukundi, ntiyemere amajambo mazima, ari yo majambo y’Umwami wacu Yesu Kristo, n’inyigisho zihūra n’ukwubaha Imana;
4
azoba yikakishije, ata co azi, arwaye ibihāri, n’intambara z’amagambo, zivamw’ igono, no gutongana, n’ibitutsi, n’ikēkwe ribi,
5
n’ibihāri bidashira vy’abantu bononekaye ubgenge, bakūwekw ivy’ ukuri, bibgira yuko kwubaha Imana ar’ ukwironkera inyungu.
6
Ariko kwubaha Imana gufatanije no kubūmbga n’ivy’ ufise kuvamw’ inyungu nyinshi koko:
7
kukw ata co twazanye mw isi kand’ ata co dushobora kuyivanamwo.
8
Arikw iyo dufise ivyo turya n’ivyo twambaye biba bitubūmvye.
9
Arikw abagomba kuba abatunzi bagwa mu nyosha no mu mutego no mu kwifuza kwinshi kw’ubupfu gusinzikaza, kudobeza abantu mu bibonona bikabarandura.
10
Kuko gukunda amahera ar’imizi y’ibibi vyose; ayo bamwe bifuje, bakazimira, bagata ukwizera, bītobekeranisha imibabaro myinshi.
11
Ariko weho, muntu w’Imana, wame uhunga ivyo, arik’ ukurikire ukugororoka, n’ukwubaha Imana, n’ukwizera, n’urukundo, n’ukwihangana, n’ubugwaneza,
12
wame urwana intambara nziza yo kwizera, ucakire ubugingo budashira, ubgo wahamagariwe, ukabgaturira ukwatura kwiza mu maso y’ivyabona vyinshi.
13
Ndakubgiririza mu nyonga z’Imana ibeshaho vyose, no mu za Kristo Yesu yashingishije intahe ukwatura kwiza imbere ya Pontiyo Pilato,
14
witondere icagezwe, ntugire agasembga, ntubek’ umugayo, gushitsa ku guseruka kw’ Umwami wacu Yesu Kristo,
15
kuzokwerekanwa mu gihe cakwo n’Inyabushobozi yonyene, ishemagizwa, ni yo Mwami w’abami, ūganza abaganza;
16
ni yo yonyene ifise ukudapfa, iba mu muco utēgērwa, ata muntu yigeze ayibona, ata wushobora kuyibona. Icubahiro n’ubushobozi bidashira bibe ivyayo. Amen.
17
Wihanize abatunzi bo mu vy’ iki gihe, boye kwibona, canke kwishimira ubutunzi butar’ ubgo kwishimirwa, ariko bishimire Imana, iduha vyose bisēsekaye, ngo tubinezererwe;
18
kandi bakore iciza, babe abatunzi ku bikorwa vyiza, babe abanyabuntu bakunda gutanga,
19
bībīkire ubutunzi buzoba itanguriro ryiza mu gihe kizoza, kugira ngo bacakire ubugingo nyakuri.
20
Ewe Timoteyo, wame uzigama ico wabikijwe, utere ibitugu ibizira vy’amagambo ahumanya n’ukurwana kw’ivyitwa ubgenge atari bgo,
21
ubgo bamwe bīvuga ko babufise bakazimira, bagata ukwizera. Ubuntu bubane namwe.
← Chapter 5
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
All chapters:
1
2
3
4
5
6