bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
/
1 Timothy 2
1 Timothy 2
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
← Chapter 1
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 3 →
1
Irya mbere y’ibindi vyose, ndabahanūra kwingingira abantu bose no kubasengera no kubasabira no kubashimira Imana:
2
kandi cane‐cane abami n’abashizwe hejuru bose, kugira ngo twame mu mahoro dutekereje, twubaha Imana tur’ inyankamugayo rwose.
3
Ivyo ni vyo vyiza vyemerwa mu nyonga z’Imana Umukiza wacu,
4
igomba kw abantu bose bakizwa bagashika ku kumenya ivy’ ukuri.
5
Kuko har’ Imana imwe, kandi har’ Umuhūza umwe w’Imana n’abantu, na we nyene n’umuntu, ni Kristo Yesu,
6
yitanze kw incungu ya bose. Kand’ ivyo bishingirwe intahe mu bihe vyavyo,
7
ni co nashiriweho kuba umusiguzi n’intumwa (mvuze ukuri, simbeshe) n’umwigisha wo kwigisha abanyamahanga ukwizera n’ivy’ ukuri.
8
Nuko ndagomba kw abagabo basenga hose, batarika amaboko yera, bataratse, batagira ibihāri.
9
Kandi n’abagore nyene, ndagomba ko bambara imyambaro biberanye, bagendane isoni badahugumba kandi badashazisha gutsiba umushatsi, cank’ izahabu, cank’ imaragarita, cank’ impuzu z’igiciro kinini,
10
ariko bashazishe ibikorwa vy’ingeso nziza, nk’uko bikwiye abagore bavuga yuko bubaha Imana.
11
Umugore yige atekereje agamburuka rwose.
12
Ariko sinkundira umugore ko yigisha canke kw aganza umugabo, arikw atekereze.
13
Kuko Adamu ari we yabanje kuremwa, hanyuma Eva.
14
Kandi Adamu si we yahenzwe, arik’ umugore ni we yahenzwe, agwa mu bicumuro.
15
Yamar’ azokizwa kubg’ ukuvyara, ni bashishikara kwizera no kugira urukundo no kwezwa, bifatanye no kudahugumba.
← Chapter 1
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 3 →
All chapters:
1
2
3
4
5
6