bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
/
Acts 12
Acts 12
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
← Chapter 11
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 13 →
1
Maze nko mur’ ico gihe umwami Herode ata mu maboko bamwe bo mw ishengero ngw abagirire nabi.
2
Yicisha inkota Yakobo mwene nyina wa Yohana.
3
Maz’ abonye ko bihimbaye Abayuda, ariyongeza, afata na Petero. Hāri mu misi y’imitsima itambiwe.
4
Amaze kumufata, amushira mw ibohero, amuha abasoda cumi na batandatu kumurinda ari bane‐bane, agira ngw az’ amushikirize abantu, Pasika ishize.
5
Nuko Petero arindirwa mw ibohero: arikw ab’ishengero baramusengera, batakambira Imana bakobeje.
6
Ku musi Herode bgāca amubashikiriza, mur’ iryo joro Petero yar’ asinziriye hagati y’abasoda babiri, aboheshejwe iminyororo ibiri, abateramyi bāri ku rugi barinda inzu y’ibohero.
7
Maz’ umumarayika w’Umwami Imana amuhagarara i ruhande, umuco ubonesha mu nzu. Akoma Petero mu mbavu, aramukangura, ati Vyuka n’ingoga. Iminyororo imuva ku maboko, irakoroka.
8
Umumarayika aramubarira, ati Kenyera, wambare inkweto zawe. Abigenza artyo. Kand’ aramubarira, at’ Ikubirek’ umutamana wawe, unkurikire.
9
Arasohoka, aramukurikira, yamara ntiyamenya ivyo umumarayika akoze kw ar’ ivy’ ukuri, arikw agira ngw abonye ivyo yeretswe nko mu nzozi.
10
Baciye ku bateramyi ba mbere no ku ba kabiri, bashika kw irembo ryugarije urugi rw’icuma, rija mu gisagara. Rurabīyugururira ubgarwo, barenga irembo baca mu nzira imwe, uwo mwanya umumarayika aca amusiga hano.
11
Akenge kagarutse, Petero aribgira, ati Noneho mmenye vy’ukuri yuk’ Umwami yatumye umumarayika wiwe, akankiza ukuboko kwa Herode, bo n’ivyo ubgoko bg’Abayuda bgāri bushamāje vyose.
12
Amaze kuvyiyumvira, aja kwa Mariya, nyina wa Yohana ari we Mariko, aho bāri bakoraniye benshi, bariko barasenga.
13
Petero akomanga ku rugi rw’irembo, umukobga w’umugurano yitwa Rode aja kwumvīra.
14
Amenye ijwi rya Petero akanyamuneza kamubuza kwugurura, arirukanga arinjira, ababarira yuko Petero ahagaze kw irembo.
15
Baramwishura, bat’ Urasara. Na we avuga ashimitse kw ar’ivy’ ukuri. Bati N’umumarayika wiwe.
16
Ariko Petero ashishikara gukomanga: buguruye baramubona, barūmirwa.
17
Arabamama, abīgānira uk’Umwami Imana yamukūye mw ibohero, arababgira, at’ Ivyo mubibarire Yakobo na bene Data bandi. Arahava, aja ahandi.
18
Ijoro rikeye, havyuka imivurungano itari mike mu basoda, kuko bazazaniwe ukuntu Petero yabaye.
19
Herode amurondeye amubuze, acunaguza abateramyi, avuga ko babajana kubica: maz’ ava i Yudaya amanuka i Kayisariya, agumayo.
20
Maz’ ashāmira abo muri Tiro n’i Sidoni, na bo bahūza inama, baja kuri we, bahongera Bulasito, umukuru w’abagaranzurira umwami, basaba impore, kukw igihugu cabo casuma mu gihugu c’uwo mwami.
21
Nuko ku musi washinzwe, Herode yambara impuzu z’ubgami, avyagira ku ntebe y’icubahiro, abacūrira amajambo.
22
Abantu barasemerera, bati N’ijwi ry’imana, s’iry’ umuntu.
23
Uwo mwanya umumarayika w’Umwami Imana aramukubita, kukw adahaye Imana Rurema icubahiro, aturika inyo, aracīkāna.
24
Arikw ijambo ry’Imana riragwira, riramamara.
25
Kandi Barunaba na Sauli bava i Yerusalemu, basubira inyuma, bashikirije ivyāgabuwe, bajana Yohana, ari we Mariko.
← Chapter 11
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 13 →
All chapters:
1
2
3
4
5
6
7
8
9
10
11
12
13
14
15
16
17
18
19
20
21
22
23
24
25
26
27
28