bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
/
Acts 19
Acts 19
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
← Chapter 18
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 20 →
1
Maze Apolo akir’ i Korinto, Paulo aca mu bihugu vyo haruguru, ashika muri Efeso, asangay’ abigishwa bamwe.
2
Arababaza, ati Mbega mwarahawe Mpwemu Yera igihe mwizera? Baramwishura, bati Ntitwaribganavyumve yuko Mpwemu Yera yatanzwe.
3
Arababaza, ati None mwabatijwe umubatizo ki? Bat’ Umubatizo wa Yohana.
4
Paulo ati Yohana yabatije umubatizo wo kwihana, abarira abantu ko bakwiye kwizera ūzoza hanyuma yiwe, ni Yesu.
5
Bavyumvise babatizwa mw izina ry’Umwami Yesu.
6
Paulo amaze kubarambikakw ibiganza, Mpwemu Yera abazako, bavuga izindi ndimi, bavugishwa n’Imana.
7
Abo bose bār’ abagabo nk’icumi na babiri.
8
Yinjira mw isinagogi, amara amezi atatu avuga ashize amanga: akīranira ivy’ ubgami bg’Imana abibemeza.
9
Ariko bamwe bikomantaje imitima, b’intumva, batukira Inzira ya Yesu imbere y’abantu, ava muri bo, arobanura abigishwa, uko bukeye ahārīrira mu nzu yo kwigishirizamwo ya Turano.
10
Bimara imyaka ibiri bimeze birtyo: nukw ababa muri Asiya bose bumva ijambo ry’Umwami wacu, Abayuda n’Abagiriki.
11
Kand’ Imana ikoresha amaboko ya Paulo ibitangaza vy’agaheta:
12
vyatuma bashīra abarwaye ibitambara n’ivyambazo bivuye ku mubiri wiwe, bagakira indwara zabo, impwemu zihumanye zikabavamwo.
13
Arikw inyererezi zimwe zo mu Bayuda zāsenda impwemu zihumanye zīgerera kuvugira izina ry’Umwami Yesu hejuru y’abatewe n’impwemu zihumanye, ziti Tubarahiye Yesu, uwo Paulo avuga.
14
Kandi hārih’ abahungu ndwi b’Umuyuda yitwa Sikewa, umwe mu baherezi bakuru, bāgenza bartyo.
15
Impwemu ihumanye irabishura, iti Yesu ndamuzi, na Paulo ndamuzi, ariko mweho muri ba nde?
16
Umuntu arimw’ impwemu ihumanye abagurukirako bompi, arabanesha, arababirika, bahunga mur’ iyo nzu bambaye ubusa bakomeretse.
17
Ivyo bimenyekana mu Bayuda no mu Bagiriki bose baba muri Efeso, bose baterwa n’ubgoba, izina ry’Umwami Yesu rishirwa hejuru.
18
Kandi benshi mu bari barizeye baraza, bātura ivyo bākoze, barabiserura.
19
Benshi no mu bakora ivy’ ubupfumu bakoranya ibitabo vyabo vy’ubupfumu, babituririra mu maso ya bose: baharūra igiciro cavyo, basanga gishitse ku ntete z’ifeza ibihumbi mirongwitanu.
20
Uko ni kw ijambo ry’Umwami Yesu ryagwiriye cane, rigira ububasha.
21
Ivyo bishize Paulo agabira mu mutima wiwe guca i Makedoniya no muri Akaya aja i Yerusalemu, ati Ni namara gushikayo, nkwiye kuja kurāba n’i Roma na ho.
22
Atuma abāgenda bamukorera babiri, Timoteyo na Erasito, ngo baje i Makedoniya; ariko we, atebera muri Asiya imisi.
23
Nko mur’ ico gihe havyuka imivurungano itari mike kubg’ Inzira ya Yesu.
24
Hār’ umuntu yitwa Demetiriyo, umucuzi w’ifeza, yacura utunyabugoro twa Arutemi mw ifeza, akaronkesha abacuzi biwe inyungu nyinshi.
25
Nukw abakoraniriza hamwe n’abandi bākora ibikorwa ben’ ivyo, arababgira, ati Yemwe bagabo, murazi yuk’ ubutunzi bgacu buva mur’ iki gikorwa.
26
Murabona kandi murumva yukw atari muri Efeso honyene, ariko nko muri Asiya hose, umwe Paulo yoheje abantu benshi akabahindura, at’ Imana zākozwe n’intoke si zo mana.
27
S’ukw igikorwa cacu kiri mw irinde kigiye gukēngērwa gusa, ariko kandi n’ingoro y’igitabo c’imanakazi ihambaye Arutemi yotītūrwa, mbere yonakūrwakw icubahiro cayo gikomeye, ari yo abo muri Asiya bose n’isi yose basenga.
28
Bavyumvise barasugurirwa, barasemerera, bati Arutemi y’Abanyefeso irahambaye.
29
Maz’ igisagara cose kiravurungana, bashwabadukira icarimwe baja ku kibuga c’ibirori, bashika Gayo na Arisitariko Abanyamakedoniya, bāgendana na Paulo.
30
Maze Paulo agomvye kuja mur’ iryo gugu ry’abantu, abigishwa baramutesha.
31
Kandi bamwe mu bakuru bo muri Asiya, kuko bār’ abagenzi, bamutumako bamwinginga ngo yoye kwiroha mu kibuga c’ibirori.
32
Nuko barayogora, bamwe ukwabo abandi ukwabo, kukw iryo shengero ryavurunganye, abenshi batāri bazi icatumye bakorana.
33
Maze basokorora Alekisandero mu bantu, Abayuda bamwīgiza imbere. Maze Alekisandero arabamama, agira yiregure ku bantu.
34
Ariko bamumenye kw ar’ Umuyuda, bose basemererera icarimwe, bamara nk’amasaha abiri, bati Arutemi y’Abanyefeso irahambaye.
35
Umwanditsi (ari we mukuru w’igisagara) amaze guhoza ishengero, arababarira, ati Bagabo b’Abanyefeso, mbega harih’ umuntu atazi yukw igisagara c’Abanyefeso ari co kizigama ingoro y’igitabo c’imanakazi ihambaye Arutemi, ari co gishushanyo cākorotse kiva mw ijuru?
36
None kw ata woshobora guhakana ivyo, mukwiye guhora, no kutagira ico mukora mutitonze.
37
Kuko muzanye aba bagabo, bativye ivyo mu ngoro z’imana kandi batārogose ku manakazi yacu.
38
Nuko Demetiriyo n’abacuzi bari kumwe na we, namba bafise uwo barega, imisi y’imanza iriho, kandi hariho n’ivyēgēra vya Kayisari, ni baregane.
39
Ariko ni mwaba mufise ibindi murondera, bizomarirwa mu rukinja rusanzweho.
40
Mbere turi mw irinde, kumbure ibibaye uyu musi vyotuma turegwa ubugarariji, kukw ata nyanduruko; kandi ntituzoshobora gusobanura icakoranije iri shengero rivurunganye.
41
Avuze ivyo, acūra ikoraniro.
← Chapter 18
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 20 →
All chapters:
1
2
3
4
5
6
7
8
9
10
11
12
13
14
15
16
17
18
19
20
21
22
23
24
25
26
27
28