bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
/
Acts 8
Acts 8
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
← Chapter 7
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 9 →
1
Bahēra kur’ uwo musi bahama cane ishengero ry’i Yerusalemu: bose basābagirira mu bihugu vy’i Yudaya n’i Samariya, ukūyemw’ intumwa gusa.
2
Abantu bubaha Imana bahamba Stefano, baramuborogera cane.
3
Ariko Sauli yatikiza ishengero; yinjira mu mazu yose, agakūramw’ abagabo n’abagore, akabashira mw ibohero.
4
Arikw abāsābagiye bagendagenda bavuga ijambo ry’Imana.
5
Na Filipo aramanuka, aja mu gisagara c’i Samariya, abamenyesha ivya Kristo.
6
Abantu benshi bashira umutima ku vyo Filipo avuga bashize hamwe, bumvise kandi babonye ibimenyetso akora.
7
Kuko benshi muri bo bāri binjiwemwo n’impwemu zihumanye zābavamwo, ziboroga n’amajwi arenga; kandi n’abāri bamugaye n’abacumbagira benshi barakizwa.
8
Haba umunezero mwinshi mur’ ico gisagara.
9
Kandi hāriy’ umuntu yitwa Simoni, yahora akora ivy’ amarēba mur’ico gisagara, akūmiza ubgoko bg’Abasamariya, akīyita agakomeye.
10
Bama bamushizek’ umutima bose, uhereye ku boroshe ugashitsa ku bahambaye, bat’ Uyu ni we bga bushobozi bg’Imana bgitwa Ubuhambaye.
11
Arikw icatuma bamushirak’ umutima n’uk’ uhereye kera yabūmiza n’amarēba yiwe.
12
Ariko bizeye ubutumwa bgiza Filipo ababgiye bg’ubgami bg’Imana, n’ubg’ izina rya Yesu Kristo, barabatizwa, abagabo n’abagore.
13
Na Simoni na we arizera, kand’ amaze kubatizwa yāmana na Filipo: abonye ibimenyetso n’ibitangaza bihambaye vyakorwa, arūmirwa.
14
Maz’ intumwa zir’i Yerusalemu zumvise yukw Abasamariya bemeye ijambo ry’Imana, zirungikayo Petero na Yohana,
15
na bo bamanutseyo barabasengera ngo bahabge Mpwemu Yera;
16
kuko Mpwemu ataribgamanuke ngw aje no kur’ umwe muri bo, bāri babatijwe gusa mw izina ry’Umwami Yesu.
17
Maze babarambikakw ibiganza, bahabga Mpwemu Yera.
18
Ariko Simoni, abonye yukw abarambitswekw ibiganza vy’intumwa bahabga Mpwemu Yera, azizanira amahera,
19
ati Nanje ni mumpe ubgo bushobozi, kugira ng’uwo nzorambikakw ibiganza az’ ahabge Mpwemu Yera.
20
Petero aramubgira, at’ Ifeza zawe ziragapfana nawe, kuk’ ugira ngw ingabire y’Imana woyironkesha amahera.
21
Nta n’agahimba ufise, nta n’akagabane kavyo, kuk’ umutima wawe udatunganye imbere y’Imana.
22
Nuko wihane ubgo bubi bgawe, usenge Umwami Imana, namba kumbure ivyo wiyumviriye mu mutima wawe wobiharirwa.
23
Kuko mbona yuk’ uri mw ibamba ry’umururazi no mu ngoyi zo kugabitanya.
24
Simoni aramwishura, ati Munsengere Umwami Imana, ivyo muvuze hoye kugira ikimbako.
25
Na bo bamaze gushinga intahe, no kuvuga ijambo ry’Umwami Yesu, basubira i Yerusalemu, bagenda baravuga ubutumwa bgiza mu mihana myinshi y’Abasamariya.
26
Maz’ umumarayika w’Umwami Imana abarira Filipo, ati Va hasi uje i bumanuko, ushike ku nzira imanuka iva i Yerusalemu ikaja i Gaza: imwe yo mu bugaragwa.
27
Ava hasi, aragenda. Haza Umunyetiyopiya, inkone y’ububasha bginshi yakorera Kanidake, umugabekazi w’Abanyetiyopiya, ni yo yazezwa itunga ryiwe ryose, yari yagiye i Yerusalemu gusenga.
28
Yahindukiye yicaye mu mukogote wiwe ukwegwa n’amafarasi, asoma muri Yesaya yavugishwa n’Imana.
29
Mpwemu abarira Filipo, ati Ni wēgēre uriya mukogote, ugendane na wo.
30
Filipo yirukirayo, yumva asoma muri Yesaya yavugishwa n’Imana; aramubaza, at’ Ivyo usoma urabitahuye?
31
Na we ati Nobishobora nte, ntabonye ūbindōngōramwo? Yinginga Filipo ngo yūrire bicarane.
32
Igihimba co mu vyanditswe yasoma cār’ iki, ngo Yajanywe nk’intama bajana mw ibāgiro, Nk’uk’ umwagazi w’intama utekerereza imbere y’uwukemura Ni kw atākūyek’ umunwa.
33
Hamwe yacishwa bugufi barēngānye urubanza rwiwe, Ab’ urunganwe rwiwe ni nde azoshobora kubadondora? Kuk’ ubugingo bgiwe bukūwe mw isi.
34
Iyo nkone ibaza Filipo, iti Ndakubaza: uwavugishwa n’Imana yavuze ayo majambo kuri nde? Ni we yayīvuzeko, canke yayavuze ku wundi?
35
Filipo ateranura akanwa, atangurira kur’ ivyo vyanditswe, amubgira ubutumwa bgiza bga Yesu.
36
Bakigenda mu nzira, bashika ah’ ar’ amazi, iyo nkone iramubaza, it’ Ehe amazi: ikimbuza kubatizwa n’iki? [
37
Filipo arayishura, ati Namba wizeye mu mutima wawe wose birashoboka. Na yo iti Nizeye Yesu Kristo kw ar’ Umwana w’Imana.]
38
Ivuga ko bahagarika umukogote, baramanukana baja mu mazi bompi, Filipo n’iyo nkone, arayibatiza.
39
Bavuye mu mazi, Mpwemu w’Umwami Imana ajana Filipo, inkone ntiyasubira kumubona, kuko yashishikaye kugenda inezerewe.
40
Ariko Filipo abonekera muri Azoto, ahahita avuga ubutumwa bgiza mu bisagara vyose, kugeza aho yashikiye i Kayisariya.
← Chapter 7
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 9 →
All chapters:
1
2
3
4
5
6
7
8
9
10
11
12
13
14
15
16
17
18
19
20
21
22
23
24
25
26
27
28