bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
/
Ecclesiastes 11
Ecclesiastes 11
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
← Chapter 10
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 12 →
1
Terera ivyo kurya vyawe ku mazi: uzosubira kubibona hahise imisi myinshi.
2
Uhe umugabane abantu ndwi, mbere na munani; kuk’ utazi icago cotera mw isi.
3
Ibicu iyo vyuzuyemw’ imvura vyisukanurira kw isi; kand’ igiti iyo gihenuka cerekeye i bumanuko, canke cerekeye i burārūko, aho hantu igiti cahenukiye ni ho kiguma.
4
Ūgendeza umuyaga ntazobiba, kand’ uwitegereza ibicu ntazokwimbura.
5
Nk’uk’ utazi inzira y’umuyaga iy’ ari yo, kandi nk’uk’ utazi ingen’ amagufa akurira mu nda y’ūtwaye inda, uko ni k’utazi igikorwa c’ Imana Rugira vyose.
6
Biba imbuto zawe mu gitondo, kandi ku mugoroba ntupfunye amaboko: kuk’ utazi ibizokunda, ko vyoba ar’ ibi cank’ ibi, canke ko vyose bizomera neza kumwe.
7
N’ukuri, umuco uraryoshe, kand’ amaso kubona izuba bitera umunezero.
8
Mbere nah’ umuntu yoramba imyaka myinshi ate, ayinezererwe yose; ariko yibuke imisi y’umwiza, kukw izoba myinshi. Ibizoza vyose n’ubusa.
9
Ewe wa musore, nezererwa ubusore bgawe, kand’ umutima wawe ukunezereze mu misi y’ubusore bgawe, kand’ ugendere mu nzira z’umutima wawe, no mu kurāba kw’amaso yawe: ariko wame ubizi yukw Imana izogushira mu rubanza rw’ivyo vyose.
10
Nuko kūra amaganya mu mutima wawe, kand’ ushire ikibi kure y’umubiri wawe: kuk’ ubuto n’ubusore ar’ ubusa.
← Chapter 10
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 12 →
All chapters:
1
2
3
4
5
6
7
8
9
10
11
12