bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
/
Ecclesiastes 12
Ecclesiastes 12
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
← Chapter 11
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
1
Kandi wame wibuka Umuremyi wawe mu misi y’ubusore bgawe, imisi mibi itaraza, igihe kitarashika, ah’ uzovuga, uti Nta kikinnezereza;
2
izuba n’umuco n’ukwezi n’inyenyeri bitaracura umwiza, kand’ ibicu bitaragaruka imvura imaze guhita;
3
ku musi abazigamyi b’inzu bazotetemera, kand’ abanyenkomezi bakabunda, abasya bagasigaho kuko babaye bake, kand’ abarungurukira mu madirisha bagahuma;
4
imiryango irāba ku nzira ikugarwa; ijwi ry’urusyo rikōmbōka, umuntu akavyuka mu tunyoni, kand’ abakobga bose b’abaririmvyi bagaca bugufi;
5
mber’ abantu bazotinya igishizwe hejuru, ubgoba buzobaterera mu nzira; igiti citwa shakedi kizokwamuza, igihori kizogenda cikwega, kand’ agapiripiri kazotituka: kuk’ umuntu yīgīra i wabo w’intahava, mu nzira hakaba uruja n’uruza rw’ abamuririra:
6
umugozi w’urutsinga rw’ifeza utaracika, urwavya rw’izahabu rutarameneka, umubindi utaramenekera ku mugezi, ikurudumu itarapfira kw iriba;
7
umukungugu ugasubira mw ivu aho wahoze, umushaha ugasubira ku Mana yawutanze.
8
N’ubusa gusa, ni k’Umusiguzi agize, vyose n’ubusa.
9
Vyongeye kandi, Umusiguzi kuko yar’ umunyabgenge yashishikaye kwigisha abantu ubgenge; mbere yakoze irya n’ino, araserangura, aroranya imigani myinshi.
10
Umusiguzi yagerageje kurondera amajambo aryoshe, ni yo yanditswe atunganye, ni yo majambo y’ukuri.
11
Amajambo y’abanyabgenge ni nk’imihunda, kand’ amajambo atororokanijwe ni nk’imambo zishimangiwe, umwungere umwe ari we yayatanze.
12
Ibisigaye, mwana wanje, uhanurwe: kwandika ibitabo vyinshi ntikugira iherezo; kand’ ukwiga cane kuruhisha umubiri.
13
Vyose vyarumviswe: indunduro yavyo n’iyi: Wubahe Imana, witondere ivyagezwe na yo; kukw ivyo ari vyo bibereye rwose umuntu wese.
14
Kukw Imana izoshira igikorwa cose mu rubanza, bo n’ikintu cose gihishijwe, ari kibi ari ciza.
← Chapter 11
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
All chapters:
1
2
3
4
5
6
7
8
9
10
11
12