bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
/
John 2
John 2
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
← Chapter 1
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 3 →
1
Ku musi ugira gatatu haba ubukwe i Kana i Galilaya, kandi nyina wa Yesu ni ho yar’ ari.
2
Yesu na we atorerwa ubukwe, bo n’abigishwa biwe.
3
Maze vino ikamye, nyina wa Yesu aramubarira, ati Nta vino bafise.
4
Yesu aramwishura, ati Duhūriye hehe ga nyina wanje? Igihe canje ntikiragera.
5
Nyina abgira abasuku, at’ Ic’ ababgira cose mugikore.
6
Hārih’ impange z’intango zitandatu z’amazi zabājwe mu mabuye, zateretsweho kubg’ ukwihumānura nk’uk’ umugenzo w’Abayuda war’ uri, imwe‐imwe yuzuzwa n’ibibindi bibiri canke bitatu.
7
Yesu arababarira, ati Ni mwuzuze izo ntango amazi. Bazuzuza kugeza ku mbiga.
8
Arababarira, ati Mudahe ubu nyene, mushīre umuteretsi mukuru. Baramushīra.
9
Umuteretsi yumvirije amazi yāhindutse vino, ntiyamenye iy’ ivuye, arikw abasuku bādashe amazi bari babizi; uwo muteretsi ahamagara umukwe,
10
aramubgira, at’ Umuntu wese ahora abanza gutereka vino ziryoshe, maze bāhimba akabaha izitaryoshe: ariko weho iziryoshe ni zo wabītse gushitsa ubu.
11
Iryo ni ryo tanguriro ry’ibimenyetso Yesu yakoze ar’i Kana i Galilaya, yerekana ubgiza bgiwe; kand’ abigishwa biwe baramwizera.
12
Hanyuma y’ivyo amanuka i Kaperinawumu, bo na nyina na bene nyina n’abigishwa biwe, amaray’ imisi itari myinshi.
13
Kandi Pasika y’Abayuda yari hafi; Yesu adūga i Yerusalemu.
14
Asanga mu rusengero abadandarizah’ inka n’intama n’inuma, n’abavunja amahera bicaye.
15
Atsiba imigozi ayigira nk’ikimoko, abahinda mu rusengero bose, n’intama n’inka, asēsa amahera y’abariko baravunja, ahenura ameza yabo.
16
Abarira abadandaza inuma, ati Ni mukūreh’ ivyo, nta co muhindura inzu ya Data kuba inzu y’akaguriro.
17
Abigishwa biwe bibuka ko handitswe, ngw Ishaka ry’inzu yawe rizondya.
18
Abayuda baramubaza, bat’ Utwereka ikimenyetso ki, gituma ukora ivyo?
19
Yesu arabishura, ati Musambure uru rusengero, nanje nzoruhagarika mu misi itatu.
20
Maz’ Abayuda bat’ Uru rusengero rwubatswe imyaka mirongwine n’itandatu: none wewe uzoruhagarika mu misi itatu?
21
Ariko we yavuga urusengero rw’umubiri wiwe.
22
Nukw amaze kuzurwa mu bāpfuye, abigishwa biwe bibuka yuko yari yaravuze ivyo, bemera icanditswe, na rya jambo Yesu yavuze.
23
Kandi yar’i Yerusalemu mu misi mikuru ya Pasika, benshi bizera izina ryiwe, babonye ibimenyetso akora.
24
Ariko Yesu we ntiyabīshimira, kuko yar’ azi abantu bose,
25
ntiyarinda ko hogira ūshingira intahe ivy’ umuntu, kuk’ ubgiwe yar’ azi ibiri mu muntu.
← Chapter 1
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 3 →
All chapters:
1
2
3
4
5
6
7
8
9
10
11
12
13
14
15
16
17
18
19
20
21