bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
/
John 20
John 20
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
← Chapter 19
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 21 →
1
Ku wa mbere w’imisi ndwi mu gahuru, hatarabona, Mariya Magadalene aja ku mva, abona ikibuye gikūwe ku mva;
2
agenda ariruka ashikīra Simoni Petero na wa mwigishwa wundi Yesu yakunda, arababgira, ati Bākūye Umwami Yesu mu mva, kandi ntituzi aho bāmushize.
3
Nuko Petero arasohoka, na wa mwigishwa wundi, baja ku mva.
4
Bompi birukira icarimwe, kandi wa mwigishwa wundi asiga Petero, amutanga ku mva.
5
Yunamye, arungurutseyo, abona za mpuzu zera derere zirambitseho, ariko ntiyinjira.
6
Maze Simoni Petero arashika amukurikiye, yinjira mu mva, abona za mpuzu zirambitseho,
7
n’igitambara cari mu mutwe wiwe, kitarambitse hamwe na za mpuzu, ariko kizinze kir’ ahaco ukwa conyene.
8
Ni ho hinjiye wa mwigishwa wundi na we, umwe yabanje gushika ku mva, abibonye arizera.
9
Kuko bataribgamenye ivyanditswe yukw akwiye kuzozuka mu bapfuye.
10
Maz’ abo bigishwa bavayo basubira i wabo.
11
Mariya yar’ ahagaze ku mva arira. Akirikw ararira, arunama, arunguruka mu mva,
12
abona abamarayika babiri bambaye impuzu zera, bicaye umwe ku mutwe, uwundi mu mirambizo y’ah’ ikiziga ca Yesu cari kiryamye.
13
Baramubaza, bati Mbega nyina wanje, urizwa n’iki? Na we ati N’uko bakūyeh’ Umwami wanje, nanje nkaba ntazi aho bamushize.
14
Avuze ivyo, arakebuka, abona Yesu ahagaze, ariko ntiyamenya kw ari Yesu.
15
Yesu aramubaza, ati Mbega nyina wanje, urizwa n’iki? Urondera nde? Na we yiyumvira kw ar’ umurimyi waho, aramubgira, ati Mugenzi, namb’ ari wewe wamukūye hano, ndangira aho wamushize, ndamukūreyo.
16
Yesu aramuhamagara, ati Mariya. Na we arahindukira, amwitaba mu Giheburayo, ati Rabuni (risobanurwa ngo Mwigisha).
17
Yesu aramubgira, ati Ntunkoreko, kuko ntaradūga kwa Data; ariko genda kwa bene Data, ubabarire, ut’ Agira adūge kwa Se ari we So, uti Ku Mana yiwe ari yo Mana yanyu.
18
Mariya Magadalene aragenda, abarira abigishwa inkuru, ati Nabonye Umwami; abadondera ivyo yamubariye.
19
Nuko kur’ uwo musi buhwibiriye, ni wo musi wa mbere w’imisi ndwi, inzugi zāri zugaye ah’ abigishwa bari, kubgo gutinya Abayuda, Yesu araza abahagarara hagati, arababgira, at’ Amahoro abe muri mwebge.
20
Amaze kuvuga artyo, abereka ibiganza vyiwe no mu rubavu. Maz’ abigishwa baranezerwa, babonye Umwami.
21
Yesu yongera kubabgira, at’ Amahoro abe muri mwebge. Nk’uko Data yantumye ni ko nanje mbatumye.
22
Avuze ivyo, abahumekerako, ati Ni mwākīre Mpwemu Yera.
23
Kand’ abo muzoharira ivyaha bose, bazoba babihariwe; arikw abo mutazobiharira bose, ntibazoba babihariwe.
24
Ariko Toma ari we Hasa, umwe wo muri bamwe cumi na babiri, ntiyari kumwe na bo aho Yesu yaza.
25
Abandi bigishwa baramubgira, bati Twabonye Umwami. Na we arabishura, ati Ni ntabona inkovu z’imambo mu biganza vyiwe, ngo nkoze urutoke rwanje mu nkovu z’imambo, ngo nshire urushi mu rubavu rwiwe, sinemera.
26
Maz’ imisi munani ishize abigishwa bāri mu nzu ukundi gusha, na Toma bāri kumwe. Yesu araza, inzugi zari zugaye, abahagarara hagati, at’ Amahoro abe muri mwebge.
27
Maz’ abgira Toma, ati Zana hano urutoke rwawe, urābe ibiganza vyanje; zana n’urushi, urushire mu rubavu rwanje, nta co uba ūtizera, arik’ ube uwizeye.
28
Toma aramwishura, ati Mwami wanje, kandi Mana yanje.
29
Yesu aramubgira, ati Wijejwe n’uk’ umbonye. Hahirwa abatarinze kubona, yamara bakizera.
30
Hariho n’ibindi bimenyetso vyinshi Yesu yakoreye imbere y’abigishwa, bitanditswe mur’ iki gitabo.
31
Arikw ibi vyandikiwe kugira ngo mwizere yuko Yesu ari we Kristo, Umwana w’Imana, no kugira ngo mwizeye mugire ubugingo mw izina ryiwe.
← Chapter 19
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 21 →
All chapters:
1
2
3
4
5
6
7
8
9
10
11
12
13
14
15
16
17
18
19
20
21