bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibiliya mu Kirundi Coroshe) Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc
/
Acts 12
Acts 12
Kirundi (Bibiliya mu Kirundi Coroshe) Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc
← Chapter 11
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 13 →
1
Muri ico gihe, ni ho umwami Herode Agiripa yatangura gufata bamwe mu bo mw’isheshengero, atangura kubahama.
2
Nuko afata Yakobo, yavukana na Yohana, amwicisha inkota.
3
Abonye binejereje Abayuda, afata na Petero. Ivyo vyabaye mu gihe c’imisi mikuru y’imikate itarimwo umwambiro.
4
Amaze kumufata, amushira mw’ibohero amuha imigwi ine y’abasoda bane bane bakuranwa kumurinda. Herode yagomba kuzomucira urubanza ku mugaragaro inyuma ya Pasika.
5
Nuko Petero ashirwa mw’ibohero, ariko ishengero riguma risenga Imana n’umwete mwinshi ku bwiwe.
6
Buca Herode amucira urubanza, Petero yari asinziriye, aryamye hagati y’abasoda babiri, abohesheje iminyororo ibiri. Abandi basoda bari baraririye ku muryango w’ibohero.
7
Umumarayika w’Umwami Imana aca araza, umuco urasira mu cumba Petero yarimwo, amukoma mu rubavu, aramukangura, amubwira ati: “Vyuka ningoga!” Ubwo nyene ya minyororo ica imuva ku bikonjo, irakoroka.
8
Wa mumarayika aca abarira Petero ati: “Ambara impuzu n’ibirato vyawe.” Nuko Petero aravyambara. Wa mumarayika arasubira ati: “Ambara umutamana wawe, unkurikire.”
9
Maze Petero aca aramukurikira barasohoka, ariko ntiyari azi ko ivyo uwo mumarayika ariko arakora vyari ivy’ukuri. Yiyumvira ko yariko arerekwa.
10
Nuko baca ku bararirizi ba mbere n’aba kabiri, bashika no ku rugi rw’irembo ryaja mu gisagara, rwari urw’icuma. Maze ruriyugurura, bararengana, barasohoka. Bagishika mw’ibarabara, wa mumarayika asiga Petero, ntiyasubira kuboneka.
11
Ni ho Petero yatora akenge, avuga ati: “Ubu rero ndamenye vy’ukuri ko Umwami Imana yarungitse umumarayika kundokora mu vyara vya Herode n’ivyo Abayuda bari bateguye kungirira vyose.”
12
Amaze gutahura ivyo, aca aja i muhira kwa Mariya nyina wa Yohana ari we Mariko, aho abizera benshi bari bakoraniye bariko barasenga.
13
Petero aradodora ku rugi rwo kw’irembo, umukobwa w’umuguranokazi yitwa Roda aca aza kuraba uwudodoye.
14
Yumvise ijwi rya Petero, aranezerwa cane, aca asubira inyuma yiruka atuguruye, avuga ati: “Ni Petero ari kw’irembo!”
15
Baca bamubwira bati: “Na mba wataye ubwenge!” Ariko babonye ashishikaye kuvyemeza, baca bavuga bati: “Ashobora kuba ari umumarayika wiwe!”
16
Ariko Petero ashishikara kudodora, buguruye urugi basanga ni we, baratangara cane.
17
Petero aca arabamama ngo batekereze, aca abiganira ido n’ido ukuntu Umwami Imana yamukuye mw’ibohero. Arababwira ati: “Murabibwira Yakobo n’abandi bene Data.” Aca ava aho aragenda.
18
Bukeye, haba uruhagarara hagati y’abasoda, bibaza ivyashikiye Petero.
19
Herode Agiripa amaze kumurondeza hose bakamubura, aca agira itohoza mu basoda, aca ategeka ko babica. Maze Herode aca ava i Yudaya yigira i Kayisariya, amarayo igihe.
20
Yari yamye atumvikana n’abantu b’i Tiro n’i Sidoni, maze na bo baja hamwe bamusaba umubonano. Bafashijwe na Bulasito, umukuru w’abategura icumba c’umwami, basaba kugiranira amasezerano y’amahoro, kuko ivyo bihugu vyasumira mu bwami Herode yatwara.
21
Isango rigeze, Herode yambara ikanzu y’inyambarabami, yicara ku ntebe y’ubwami, abwira ijambo abari ngaho.
22
Maze abantu basemererera rimwe bavuga bati: “Iyi ni imana ivuze, si umuntu.”
23
Ariko, kubera Herode atahesheje Imana icubahiro, akemera ko abantu bamuninahaza, ubwo nyene umumarayika aca aramukubita, aribwa n’inyo, aca arapfa.
24
Nuko ijambo ry’Imana rishishikara kugwira no kwamamara.
25
Baranaba na Sawuli baheraheza igikorwa cabo, bagaruka i Yerusalemu, baza bazananye na Yohana, ari we Mariko.
← Chapter 11
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 13 →
All chapters:
1
2
3
4
5
6
7
8
9
10
11
12
13
14
15
16
17
18
19
20
21
22
23
24
25
26
27
28