bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibiliya mu Kirundi Coroshe) Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc
/
Acts 27
Acts 27
Kirundi (Bibiliya mu Kirundi Coroshe) Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc
← Chapter 26
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 28 →
1
Bamaze gufata ingingo ko tuja mu Butaliyano n’ubwato, Pawulo be n’izindi mbohe bashikirizwa umukuru w’abasoda ijana yitwa Yuliyo, yari umwe mu basoda bakuru bo mu muce w’abacungera ubuzima bwa Kayisari.
2
Nuko twurira ubwato bwava muri Aduramutiyo bugaca ku bivuko vyo mu ntara ya Aziya, turagenda. Kandi Arisitariko Umunyamakedoniya w’i Tesalonike twari kumwe.
3
Ku musi ukurikira twururukira i Sidoni. Pawulo agira ikiganza ciza kuri Yuliyo, amwemerera kuja ku bagenzi biwe kugira ngo bamufashe mu vyo akeneye.
4
Tuvuye aho, duca tugendera hafi y’izinga rya Kupuro kugira ngo twikingire umuyaga kuko wari uduturutse imbere.
5
Tumaze kurengana akarere kari hagati ya Kilikiya na Pamfiliya, duca twururukira i Mura muri Lukiya.
6
Wa mukuru w’abasoda ijana aca asanga hari ubwato bwo muri Alegizanderiya buja mu Butaliyano, aca arabutwuriza.
7
Nuko tumara imisi itari mike tugenda bukebuke, dushika i Kinido bitugoye cane. Umuyaga utubujije kubandanya, duca tugenda twegereye uruhande rw’izinga rya Kirete rurabana n’i Salumone kugira ngo twikingire umuyaga.
8
Nuko tugenda twisunze urwo ruhande bitugoye, dushika ahantu hitwa Ibivuko Vyiza, hafi y’igisagara citwa Laseya.
9
Aho twahataye umwanya munini, kandi kubandanya urugendo kwari nk’ukwiheba kuko hari inyuma y’umusi mukuru w’impongano. Pawulo arababurira ati:
10
“Bagenzi, ndabona ko uru rugendo ruja kubamwo ingorane nyinshi, n’ubuhombe bwinshi ku bwato, ku vyo butwaye, ndetse no ku buzima bwacu.”
11
Ariko wa mukuru w’abasoda ijana aho kwumviriza Pawulo, yumviriza uwugendesha ubwato na nyenebwo.
12
Kubera bitari vyoroshe kumara muri ico kivuko igihe c’imbeho nyinshi cane cari kigiye kuza, benshi mu bari mu bwato bahitamwo ko twobandanya, kugira ngo bishobotse tumare ico gihe i Foyinike. Foyinike cari ikivuko c’i Kirete caraba mu bumanuko bushira uburengero no mu buraruko bushira uburengero.
13
Akayaga gakeya gaturuka mu bumanuko gahuhuse, baca bibaza ko urugendo ruja kugenda neza. Baca batangura gusoza bagendera hafi y’izinga rya Kirete.
14
Tutarashika kure, haduka igihuhusi gikomeye citwa Ewulakuloni kiza giturutse kuri iryo zinga.
15
Maze ubwato butangirwa n’umuyaga, ntivyakunda ko bubandanya. Duca turareka umuyaga udutwara iyo ushaka.
16
Duca tugenda twegereye izinga rito ryitwa Kawuda kugira ngo dushobore kwikinga umuyaga, twiyegereza akato ko kwifashisha mu gihe c’impanuka bitugoye cane.
17
Bamaze kukaduza mu bwato, baca bakabohesha imigozi. Kubera batinya ko bwohava bubajana mu musenyi ushaya w’ahitwa Suriti muri Libiya, baca barekurira mu kiyaga icuma kiremereye kiboheye ku migozi, hanyuma barareka umuyaga ukubeba ubwato ubujana iyo ushaka.
18
Nuko tuba muri ako kaga ko kuzungagizwa n’ibihuhusi kugeza aho batangura guta mu mazi bimwe mu vyari mu bwato ku musi ukurikira.
19
Ku musi ugira gatatu, bo nyene baterera mu mazi ibikoresho bimwebimwe ubwato bukenera.
20
Haheze imisi myinshi ata zuba canke inyenyeri tubonye, kandi umupfunda iguma isuriranya, tugera aho dutakaza ivyizigiro vyo gukira.
21
Haheze igihe abantu ata co barya, Pawulo ahagarara imbere yabo aravuga ati: “Bagenzi, mwari mukwiye kunyumviriza, mukareka kuva i Kirete. Gutyo mwari kuba mwirinze aka kaga n’uru ruhombo.
22
Ubu rero ndabasavye mugumye imitima, kuko ata n’umwe muri mwebwe azotakaza ubuzima; ubwato bwonyene ni bwo buzosaba.
23
Muri iri joro nyene, umumarayika w’Imana nitirirwa kandi nkorera, yampagaze i ruhande
24
ambarira ati: ‘Ntutinye Pawulo we! Utegerezwa kuzoburanira imbere ya Kayisari; kandi kubera wewe, Imana izozigama ubuzima bw’abo muri kumwe bose.’
25
Nuko rero bagenzi, nimugumye imitima, kuko ndizera ko Imana izobishitsa nk’uko yabimbwiye.
26
Ariko rero, hariho izinga rimwe ubu ubwato buzosabirako.”
27
Mw’ijoro ry’umusi ugira cumi na kane, twari tugikubebwa n’umuyaga mu kiyaga ca Adiriyatiko. Nko mu gicugu, abagendesha ubwato bumva ko umenga turegereje umusozi.
28
Bagera uburebure bw’amazi gushika hasi musi y’ubwato, basanga ni nk’imetetero mirongo ine. Haheze akanya barasubira basanga ni nk’imetero mirongo itatu.
29
Batinye ko ubwato bwohava bwiseka ku mabuye, baca barekurira mu mazi ivyuma bine biremereye biboheye ku migozi bibuza ubwato kugenda bibohewe ku bwato inyuma, barira ko bwoca.
30
Maze abatwara ubwato bagerageza gutoroka ngo babuvemwo, bururutsa ka kato ko kwifashisha mu gihe c’impanuka, babesha ngo bagiye kurekurira mu mazi ivyuma vy’imbere na vyo.
31
Maze Pawulo abwira wa mukuru w’abasoda ijana ati: “Abo batagumye mu bwato ntimushobora kurokoka.”
32
Maze abasoda baca bacagagura imigozi yari iboshe ako kato gaca gakorokera mu kiyaga karatwarwa.
33
Bugiye guca, Pawulo yinginga abantu bose ngo bagire ico barya. Ababwira ati: “Raba haciye imisi cumi n’ine mwihebuye ata co mutamira.
34
None rero ndabasavye murabe ico murya, kugira ngo mubeho; kuko nta n’umwe muri mwebwe azotakaza n’agashatsi ko ku mutwe wiwe.”
35
Avuze ivyo, afata umukate awushimira Imana imbere yabo, arawumanyagura, aca atangura kurya.
36
Bose baca bararema, na bo batangura kurya.
37
Abari muri ubwo bwato twese hamwe twari abantu amajana abiri na mirongo irindwi na batandatu.
38
Bamaze kurya bagahaga, baca bata ingano mu kiyaga kigira ngo baremurure ubwato.
39
Bukeye ntibashobora kumenya iyo ntara barimwo iyo ari yo, ariko babonye ahantu hari umusenyi ku nkengera y’ikiyaga, bafata ingingo yo gutumberezayo ubwato ngo babuhagarikeyo hamwe bibashobokeye.
40
Nuko bacagagura ya migozi yari ifashe vya vyuma, babirekurira mu mazi, babohora n’imigozi yari iboshe ingafe, baduza igihuzu c’imbere kugira ngo umuyaga usunike ubwato ubujana imbere, basoza batumbereye ku musenyi wo ku nkengera.
41
Ariko ubwato buca bwiseka mu musenyi mwishi burahagarara, umutwe wabwo uruma mu musenyi, igihande c’inyuma na co kirasaba kubera imipfunda yacisekako n’inkomezi nyinshi.
42
Abasoda baca baja inama yo kwica imbohe zose kugira ngo ntihagire izoga ngo zihunge zibacike.
43
Ariko kubera wa mukuru w’abasoda ijana yashaka gukingira Pawulo, ababuza kubikora. Aca ategeka ko abazi kwoga bobanza bagasimbira mu mazi bagashika impore i musozi.
44
Abasigaye baca bogera ku mbaho n’ibimanyu vy’ubwato, gutyo bose bashika impore i musozi.
← Chapter 26
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 28 →
All chapters:
1
2
3
4
5
6
7
8
9
10
11
12
13
14
15
16
17
18
19
20
21
22
23
24
25
26
27
28