bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibiliya mu Kirundi Coroshe) Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc
/
Acts 28
Acts 28
Kirundi (Bibiliya mu Kirundi Coroshe) Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc
← Chapter 27
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
1
Tumaze kurokoka impore i musozi, tumenya ko iryo zinga ryitwa Malita.
2
Abantu baba kuri iryo zinga batwakirana ubugwaneza budasanzwe, baca baducanira umucanwa kuko imvura yariko iragwa kandi hari hakanye.
3
Maze Pawulo yegeranya umukama w’inkwi agashira ku muriro, haca havamwo inzoka y’ikimata ibabuwe n’umuriro imukomora ku kuboko kandi ikumatako.
4
Abantu bo muri iryo zinga babonye ico gikoko yenenena ku kuboko kwiwe, barabwirana bati: “Uwu muntu ategerezwa kuba ari umwicanyi, kuko n’aho yari akize ikiyaga, urubanza rw’Imana ntirumwemereye kubaho.”
5
Pawulo aca akunkumurira ico gikoko mu muriro, kandi ubumara bwayo ntibwagira ico bumugira.
6
Abantu bari biteze ko aca avyimba canke agapfa ubwo nyene. Ariko barindiriye umwanya muremure bakabona nta co abaye, baca barahindura batangura kuvuga ko Pawulo ari imana.
7
Hafi y’aho hari itongo ry’umukuru w’iryo zinga yitwa Pubiliyo. Na we atwakirana ubugwaneza, aduha indaro, tuhamara imisi itatu.
8
Se wa Pubiliyo yari arwaye inyonko n’amacinya, arembeye ku buriri. Nuko Pawulo yinjira aho ari aramusengera amurambitseko ibiganza, aca arakira.
9
Ivyo bibaye, abarwayi bose bo kuri iryo zinga baca baraza Pawulo arabasengera, barakira.
10
Maze ivyo bibaye, baduha icubahiro cinshi, hanyuma hageze ko tugenda badutekerera ivyo tuzokenera vyose mu rugendo.
11
Tuhamaze amezi atatu, duca twurira ubwato bwava muri Alegizanderiya bwari bwabujijwe kubandanya urugendo n’igihe c’imbeho nyinshi cane. Umutwe wabwo wariko ikimenyetso c’ibigirwamana vy’amahasa bibiri vyitwa Kasitori na Polugisi.
12
Dushitse i Sirakusi tuhamara imisi itatu.
13
Tuhavuye, twaciye tubandanya dushika i Regiyo. Bukeye, umuyaga w’i bumanuko urahuhuta, maze mu misi ibiri tubona gushika i Puteyoli.
14
Aho twahasanze bene Data, baca baratwakira badusaba ko twomarana na bo imisi indwi. Hanyuma turabandanya dushika i Roma.
15
Maze Bene Data baho bumvise ko dushitse, baca baraza badusanganirira kw’Isoko rya Apiyusi, abandi badusanga ku Nzu z’Ingenzi Zitatu. Pawulo ababonye ashima Imana kandi ararema mu mutima.
16
Dushitse i Roma, Pawulo ahabwa uruhusha rwo kuba mu nzu ya wenyene, ari kumwe n’umusoda amucunze.
17
Haheze imisi itatu, Pawulo atumako abarongozi b’Abayuda baho. Bamaze gukorana, Pawulo arababwira ati: “Bavukanyi, naho ata kibi nakoreye ubwoko bwacu canke ngo ndenge ku migenzo ya sogokuruza, ndi i Yerusalemu narafashwe, nshirwa mu minwe y’Abaroma.
18
Bamaze gutohoza neza ivyanje, bipfuza kundekura kuko ata kibi na kimwe canyagira cari gutuma nicwa.
19
Maze mbonye ko Abayuda banse ingingo yo kundekura, nca nitwara kuri Kayisari. Ariko ntivyari bitumwe nuko ngomvye kuburanya ubwoko bwanje.
20
Ni co gituma nabinginze ngo muze kugira ngo tuganire, ndabamenyeshe ko mbohewe ivyizigiro ubwoko bw’Abisirayeli bwari bwiteze.”
21
Baca baramwishura bati: “Nta kete na rimwe twigeze turonka rivuye i Yudaya rivuga ivyawe, kandi nta wo muri benewacu n’umwe yaje ava hariya ngo atubwire ikibi na kimwe kuri wewe.
22
Ariko twashaka kukwiyumvira utubwire ivyo wizera, kuko turazi ko ahantu hose bavuga nabi uwo mugwi w’idini urimwo.”
23
Baca bashinga uwundi musi bazobonanirako, hanyuma baza ari benshi bamusanga mu nzu yabamwo. Kuva mu gitondo gushika mw’ijoro, arabasigurira yongera abemeza ivy’Ubwami bw’Imana, agerageza kubatahuza ivya Yesu Kristo akoresheje ibitabu vy’ivyagezwe vya Mose n’ivy’abavugishwa n’Imana.
24
Bamwe bemera ivyo ababariye, abandi banka kuvyizera.
25
Nuko hagera ko bataha bagiharira, hanyuma Pawulo ababwira ijambo ryo kubasezera ati: “Mpwemu Yera yavuga ukuri igihe yavuga kuri ba sogokuruza banyu, avugishije Yesaya ati:
26
‘Genda ubwire ubwo bwoko uti: Kwumva muzokwama mwumva ariko ntimuzokwigera mutahura, kuraba muzokwama muraba ariko ntimuzokwigera mubona.
27
Kuko imitima y’ubu bwoko ikomantaye; amatwi yabo ntashobora kwumva, kandi amaso yabo barayahumiriza Ahandi ho bobonesheje amaso yabo, bakumvisha amatwi yabo, bagatahurisha imitima yabo; maze bagahindukira nanje nkabakiza.’
28
Nuko rero nimumenye ko ivy’ako gakiza k’Imana n’Abanyamahanga babishikirijwe, kandi bo bazokakira!” [
29
Abayuda bumvise ayo majambo, basubira inyuma bayaharirako cane.]
30
Pawulo aca amara imyaka ibiri yibana mu nzu akose, akama yakira abaza kumuraba bose.
31
Yama yigisha ivy’Ubwami bw’Imana n’ivya Yesu Kristo, ashize amanga rwose kandi ata ntambamyi.
← Chapter 27
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
All chapters:
1
2
3
4
5
6
7
8
9
10
11
12
13
14
15
16
17
18
19
20
21
22
23
24
25
26
27
28