bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibiliya mu Kirundi Coroshe) Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc
/
Acts 22
Acts 22
Kirundi (Bibiliya mu Kirundi Coroshe) Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc
← Chapter 21
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 23 →
1
Arababwira ati: “Bavukanyi namwe bavyeyi, nimwumvirize ukwiregura kwanje.”
2
Bumvise avugana na bo mu Giheburayo, baca barahora, haba agacerere kenshi. Pawulo aca arabandanya ati:
3
“Ndi Umuyuda, navukiye i Taruso muri Kilikiya, ariko nakuriye hano i Yerusalemu, nigishwa na Gamaliyeli kwitondera ivyagezwe vya ba sogokuruza mu kuri kwavyo kwose. Nagize ishaka ryinshi ryo kwubaha Imana nk’uko namwe muri hano uwu musi muyubaha.
4
Nahama abakurikira inzira y’Umwami Yesu gushika naho bamwe bapfa, ngafata abagore n’abagabo nkabata mw’ibohero.
5
Ivyo umuherezi mukuru n’abagize Inama Nkuru y’Abayuda bose bashobora kubishingira intahe. Mbere ni na bo bampaye amakete nshira Abayuda benewacu b’i Damasiko, maze njayo gufata abizera baho ngo ndabazane i Yerusalemu ari imbohe, kugira ngo bahanwe.
6
Nk’igihe c’isaha zitandatu z’umurango, ndiko ndegereza i Damasiko, umuco uvuye mw’ijuru undasira impande zose.
7
Maze ngwa hasi hanyuma numva ijwi rimbarira riti: ‘Sawuli! Sawuli! Uriko umpamira iki?’
8
Nanje ndabaza nti: ‘Uri nde ga Mwami?’ Rya jwi riranyishura riti: ‘Ndi Yesu w’i Nazareti, uwo uriko urahama.’
9
Abo twari kumwe barabona umuco ariko ntibumva ijwi ry’uwo twariko turavugana.
10
Nanje ndamubaza nti: ‘None nkore iki ga Mwami?’ Umwami Yesu aranyishura ati: ‘Haguruka uje i Damasiko, ni ho uzokwigishirizwa ivyo wategekanirijwe kuzokora.’
11
Abo twagendanye baca bamfata ukuboko bantwara i Damasiko, kuko wa muco mwinshi wari watumye mpuma amaso.
12
Muri ico gisagara hariho umuntu yitwa Ananiya. Yari umuntu yubaha Imana, akitondera ivyagezwe, kandi Abayuda bose baho bamushingira intahe nziza.
13
Nuko aza kundaba, ampagarara i ruhande ambwira ati: ‘Sawuli, humuka.’ Ako kanya nyene nca ndahumuka, ndamubona.
14
Maze aravuga ati: ‘Imana ya ba sogokuruza yagutoranirije kumenya ivyo igomba, kubona wa Mugororotsi, no kwumva ijwi ryiwe.
15
Uzomubera icabona co gushingira intahe ivyo wabonye n’ivyo wumvise imbere y’abantu bose.
16
None ni igiki kigutebeje? Va hasi ubatizwe, wambaze izina ryiwe, ubone kwozwa ivyaha vyawe.’
17
Maze kugaruka i Yerusalemu, umusi umwe ndi mu rusengero ndiko ndasenga nderekwa,
18
mbona Umwami Yesu ambwira ati: ‘Ihute uve i Yerusalemu kuko abaho batazokwemera intahe unshingira.’
19
Nca ndamwishura nti: ‘Mwami, aba bantu barazi ko naciye mu masinagogi yose ngata mw’ibohero nkongera ngakubitisha abakwizera.
20
Kandi igihe amaraso ya Sitefano uwagushingira intahe yaseseka, ni ho nari, nemeza ko yicwa, mfatiye impuzu abariko baramwica.’
21
Aca arambwira ati: ‘Genda, nzogutuma kure, mu Banyamahanga.’ ”
22
Gushika kuri ayo majambo, abantu bari bakiriko baramwumviriza. Maze baca batangura gushira urwamo hejuru bati: “Mukure kw’isi! Uwo ntakwiye kubaho!”
23
Bagishira urwamo hejuru, bata impuzu bongera basurira umukungugu hejuru,
24
wa mukuru w’abasoda aca ategeka ko Pawulo ajanwa mw’ikambi, bakamusambisha bamukubita kugira ngo bamenye igituma abantu bose bahagurukiye rimwe kumwiyamiriza.
25
Bamaze kumuboha ngo bamukubite, Pawulo aca abaza umukuru w’abasoda ijana yari ahagaze aho ati: “Mbega biremewe n’amategeko gukubita Umuroma, ata rubanza rwamutsinze?”
26
Na we avyumvise aca aja kuri wa mukuru wabo amubwira ati: “Mbega ubigenza gute? Erega wa mugabo ni Umuroma.”
27
Wa mukuru avyumvise aca aja kubaza Pawulo ati: “Mbwira, uri Umuroma?” Pawulo aramwishura ati: “Egome ndi we.”
28
Wa mukuru ati: “Na jewe ndi we, kandi natanze amahera menshi kugira ngo ndonke ubwo bwenegihugu.” Pawulo na we amubwira ati: “Ariko jeho navutse ndi Umuroma.”
29
Abagira bamusambishe baca basubira inyuma ubwo nyene. Na wa mukuru w’abasoda agira ubwoba kuko yabohesheje Pawulo, kandi ari Umuroma.
30
Bukeye bwaho, uwo mukuru w’abasoda akoranya abakuru b’abaherezi n’abagize Inama Nkuru y’Abayuda. Yashaka kumenya neza ico Abayuda bagiriza Pawulo. Nuko aca aramubohora, amuhagarika imbere yabo.
← Chapter 21
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 23 →
All chapters:
1
2
3
4
5
6
7
8
9
10
11
12
13
14
15
16
17
18
19
20
21
22
23
24
25
26
27
28