bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibiliya mu Kirundi Coroshe) Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc
/
Hebrews 1
Hebrews 1
Kirundi (Bibiliya mu Kirundi Coroshe) Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 2 →
1
Kera Imana yavuganye na ba sogokuruza kenshi kandi mu buryo bwinshi iciye ku bavugishwa na yo.
2
Ariko muri iyi misi y’iherezo, yavuganye natwe iciye ku Mwana wayo. Uwo ni we Imana yagize samuragwa w’ibintu vyose, kandi ivyaremwe vyose yabiremye iciye muri we.
3
Uwo Mwana yerekana ugukayangana kw’ubwiza bw’Imana kandi ni we shusho nyayo iboneka y’ubumana bwayo. Vyongeye ni we ashigikije vyose ijambo ryiwe ry’inkomezi. Ahejeje gushiraho uburyo bwo kwoza ivyaha vyacu, yaciye yicara mu kibanza c’iteka i buryo bw’Imana y’icubahiro mw’ijuru.
4
Ibi vyerekana ko Umwana aruta cane abamarayika, nk’uko izina Imana yamuhaye riruta amazina yabo.
5
Ni nde mu bamarayika Imana yigeze ivugako iti: “Uri Umwana wanje; uwu musi ndakuvyaye”? Canke iti: “Nzomubera Se, na we azombera Umwana”?
6
Kandi igihe Imana yazana Umwana wayo w’imfura mw’isi, yavuze iti: “Abamarayika bose b’Imana nibamusenge.”
7
Ku bijanye n’abamarayika, yavuze iti: “Abamarayika bayo ibahindura imiyaga, abakozi bayo ikabagira imbeya z’umuriro.”
8
Ariko ku vyerekeye Umwana, ivuga iti: “Ukuganza kwawe, ewe Mana, kuzokwamaho. Ubugororotsi ni ryo cumu ry’inganji y’Ubwami bwawe.
9
Wakunze ubugororotsi, wanka ikibi; ni co gituma Imana, ari yo Mana yawe, yagutoranije, ikagusiga amavuta y’umunezero, ikakurutisha bagenzawe.”
10
Yongera iravuga iti: “Ni wewe, Uhoraho, washizeho amatanguriro y’isi, kandi amaboko yawe ni yo yaremye amajuru.
11
Ivyo bizoshira, ariko wewe wamaho. Vyose bizosaza nk’impuzu.
12
Uzobizinga nk’uwuzinga impuzu; bizohindurwa nk’uko bahindura impuzu. Ariko wewe uhora uko wamye, kandi imyaka yawe ntigira iherezo.”
13
Ni nde mu bamarayika Imana yigeze ivugako iti: “Icara i buryo bwanje kugeza abansi bawe bose ndabashize musi y’ibirenge vyawe”?
14
Mbega abamarayika bose si impwemu zikorera Imana? Ntiyazitumye gukorera abazoragwa agakiza?
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 2 →
All chapters:
1
2
3
4
5
6
7
8
9
10
11
12
13