bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibiliya mu Kirundi Coroshe) Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc
/
Hebrews 3
Hebrews 3
Kirundi (Bibiliya mu Kirundi Coroshe) Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc
← Chapter 2
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 4 →
1
Nuko rero bene Data, mwebwe mwahamagawe n’Imana, mwiyumvire cane kuri uwu Yesu, uwo twemera nk’intumwa n’Umuherezi Mukuru wacu.
2
Yabaye umwizigirwa imbere y’Imana yo yamujeje iki gikorwa, nk’uko Mose yakoze nk’umwizigirwa igihe Imana yamuzeza inzu yayo yose.
3
Ariko Yesu akwiye icubahiro kiruta ica Mose, nk’uko uwubatse inzu akwiye icubahiro kiruta ic’inzu yubatse.
4
Inzu yose irafise uwayubatse, ariko Imana ni yo yubatse vyose.
5
“Mose yabaye umwizigirwa mu nzu y’Imana nk’umukozi,” kugira ngo ashingire intahe ivyo Imana yari igiye kuvuga muri kazoza.
6
Ariko Kristo ni umwizigirwa nk’Umwana yahawe kuganza inzu y’Imana. Kandi iyo nzu ni twebwe, niyo twagumya ugushira amanga n’ivyizigiro dufise muri Kristo.
7
Ni co gituma Mpwemu Yera avuga ati: “Uwu musi nimwumva ijwi ryiwe,
8
ntimukomantaze imitima yanyu nk’uko Abisirayeli babikoze igihe bangarariza bakangerageza mu bugaragwa.
9
Aho ba sogokuruza banyu bangerageza bakancaca, naho bari barabonye ivyo nabakoreye imyaka mirongo ine.
10
Ni co gituma nabashavuriye, ndavuga nti: ‘Imitima yabo yama izimira, kandi ntibamenye inzira zanje.’
11
Ni co catumye ndahirana uburake nti: ‘Ntibazokwigera binjira aho kuruhukira nateguye.’ ”
12
Nuko rero bene Data, mwirinde kugira ngo ntihagire n’umwe muri mwebwe agira umutima mubi utizera ngo bitume ava ku Mana nzima.
13
Ahubwo, muhanurane imisi yose, tugishobora kuvuga “uwu musi,” kugira ngo ntihagire n’umwe muri mwebwe akomantazwa no guhendwa n’icaha.
14
Kuko twahindutse abafatanije na Kristo, nimba vy’ukuri tuzigamye, gushitsa kw’iherezo, ivyizigiro bishikamye nk’ivyo twatanguranye.
15
Mwibuke ico Ivyanditswe bivuga: “Uwu musi nimwumva ijwi ryayo, ntimukomantaze imitima yanyu nk’uko Abisirayeli babikoze igihe bayigarariza.”
16
Mbega ni ba nde bagararije Imana, kandi bari barumvise ijwi ryayo? Si bamwe bari bavuye muri Egiputa barongowe na Mose?
17
Mbega ni ba nde bashavuje Imana imyaka mirongo ine? Si bamwe bacumura maze imivyimba yabo ikagwa mu bugaragwa?
18
Mbe ni ba nde Imana yabarira igihe yarahira ko batazokwigera binjira aho kuruhukira yateguye? Si bamwe batayumvira?
19
Ico tubona ni uko, kubera ukutizera kwabo, batashoboye kwijira aho kuruhukira Imana yateguye.
← Chapter 2
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 4 →
All chapters:
1
2
3
4
5
6
7
8
9
10
11
12
13