bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibiliya mu Kirundi Coroshe) Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc
/
Hebrews 13
Hebrews 13
Kirundi (Bibiliya mu Kirundi Coroshe) Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc
← Chapter 12
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
1
Tubandanye gukundana nk’abavukana.
2
Ntimwibagire kwakirana urukundo ingenzi, kuko bamwe mu babikoze bakiriye abamarayika batabizi.
3
Mwibuke abari mu mabohero, nk’aho mwoba muri kumwe na bo mw’ibohero. Mwibuke abababazwa nk’aho namwe mwumva ububabare bwabo mu mibiri yanyu.
4
Ukwubakana kwubahirizwe na bose, kandi ntihakagire icanduza uburiri bw’abubakanye; kuko Imana izocira urubanza abagendera mu bushakanyi no mu busambanyi.
5
Ntimugakunde amahera mu mibereho yanyu, ahubwo mubumbwe n’ivyo mufise. Kuko Imana yavuze iti: “Sinzokwigera ndaguta; sinzokwigera ndaguheba.”
6
Ni co gituma tuvuga ata bwoba tuti: “Uhoraho ni we mutabazi wanje; sinzotinya. None abantu buntu bongira iki?”
7
Mwibuke abarongozi banyu, babigishije ijambo ry’Imana. Murabe ivyiza vyavuye mu buzima bwabo hanyuma mwigane ukwizera kwabo.
8
Yesu Kristo ntahinduka: uko yari ari ejo ni ko ari uno musi n’ibihe bidashira.
9
Ntimukemere kuzimizwa n’inyigisho z’ivyaduka z’uburyo bwose. Inkomezi z’imitima yanyu ziva mu buntu bw’Imana, ntiziva mu mategeko ajanye n’ivyokurya, kuko bidashobora gufasha ababikurikiza.
10
Turafise igicaniro abaherezi bakora mw’ihema badafise uburenganzira bwo kurirako.
11
Mu gihe c’isezerano rya kera, umuherezi mukuru yazana amaraso y’ibikoko ahera h’ahera nk’ikimazi c’ivyaha, ariko imibiri y’ivyo bikoko yaturirirwa inyuma y’aho bari bacumbitse.
12
Ni co gituma na Yesu yababarijwe kandi agapfira inyuma y’igisagara kugira ngo ashikane abantu biwe ku kwera akoresheje amaraso yiwe.
13
Nuko rero muze tuje iyo ari inyuma y’aho ducumbitse, twikoreye ibimaramare vyiwe,
14
kuko hano kw’isi tutahafise igisagara camaho, ariko turiko turondera igisagara kizoza.
15
Nuko rero muze twame duha Imana ikimazi c’ishimwe duciye muri Yesu; ari co camwa c’iminwa yacu yatura izina ryiwe.
16
Kandi ntimwibagire gukora ivyiza no gusangira n’abandi, kuko ivyo ni ibimazi bihimbara Imana.
17
Mugamburukire abarongozi banyu kandi mukore ivyo babategeka, kuko barinda imitima yanyu, kandi bazobibazwa n’Imana. Muborohereze kugira ngo babikorane umunezero, ata mubabaro, kuko ivyo nta ciza vyobazanira.
18
Mudusengere. Imitima yacu nta kibi itwagiriza kandi dushaka gukora vyose mu buryo bwiza.
19
Ariko canecane ndabinginze munsengere kugira ngo Imana ize inshoboze kugaruka iwanyu.
20
Imana y’amahoro, yazuye Umwami wacu Yesu Kristo mu bapfuye, we mwungere mukuru w’intama yashizeho isezerano ridashira biciye mu maraso yiwe,
21
abe ari yo ibaha ivyiza mukeneye vyose kugira ngo mukore ivyo ishaka. Ishitse muri twebwe, biciye mu bushobozi bwa Yesu Kristo, ibiyihimbara vyose. Icubahiro cose kibe icayo ibihe vyose. Amen.
22
Ndabinginga bene Data, mushire umutima kuri aya majambo yo kubatera intege, kuko iri kete nanditse si rirerire.
23
Ndashaka ko mumenya ko mwene Data Timoteyo yarekuwe atakiri mw’ibohero. Niyashika aho ndi vuba, tuzozanana kubaramutsa.
24
Mundamukirize abarongozi banyu bose n’abizera bose. Abizera bo mu Butaliyano barabaramutsa.
25
Ubuntu bw’Imana bubane namwe mwese.
← Chapter 12
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
All chapters:
1
2
3
4
5
6
7
8
9
10
11
12
13