bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibiliya mu Kirundi Coroshe) Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc
/
Hebrews 2
Hebrews 2
Kirundi (Bibiliya mu Kirundi Coroshe) Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc
← Chapter 1
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 3 →
1
Ni co gituma dutegerezwa kwitwararika cane ukuri twumvise, kugira ngo ntituzimire tukakuvamwo.
2
Nimba ubutumwa Imana yarungikanye abamarayika bwabonetse ari ukuri, kandi ukugarariza kwose n’ukutumvira kwose bikaronka igihano bikwiranye,
3
none twebwe tuzokira gute ni twanjanjwa ku gakiza gakomeye nk’ako? Umwami Yesu ubwiwe ni we yabanje kuvuga ivy’ako gakiza, hanyuma abamwumvise baratwemeza ko ari ukuri.
4
Imana na yo yashigikiye intahe yabo ibicishije mu bimenyetso n’ibitangaza bitandukanye yakoze, hamwe n’ingabire za Mpwemu Yera yatanze uko ibishatse.
5
Imana ntiyahaye abamarayika kuganza iyi si izoza turiko turavuga.
6
Ahubwo, mu Vyanditswe hari uwashinze intahe ati: “Mbega umuntu ni iki kugira ngo umwibuke, umwana w’umuntu kugira ngo umwiteho?
7
Habuze gato ngo umunganye n’abamarayika; kandi wamwambitse ubwiza n’icubahiro,
8
kandi ibintu vyose wabishize musi y’ububasha bwiwe.” Nimba Imana yashize vyose musi y’ububasha bw’umuntu, bisigura ko ata kintu na kimwe casigaye kitari musi y’ububasha bwiwe. Ariko gushika ubu ntitubona ko vyose biri musi y’ububasha bwiwe.
9
Ico tubona ni iki: Yesu yagizwe uwuri musi y’abamarayika igihe gito, none ubu yambaye ubwiza n’icubahiro kuko yadupfiriye twese. Ni ku bw’ubuntu bw’Imana Yesu yapfiriye abantu bose.
10
Vyari bikwiye ko Imana, yo yaremye vyose kandi bikaremerwa kuba ivyayo, itunganya rwose Yesu biciye mu mubabaro, kugira ngo ishikane abana bayo benshi mu bwiza bwayo, kuko Yesu ari we yatanguje inzira y’agakiza.
11
Yesu ni we yeza abantu ivyaha vyabo. Uweza hamwe n’abezwa bose bafise Se umwe. Ni co gituma Yesu bitamutera isoni kubita abavukanyi biwe.
12
Kuko yabwiye Imana ati: “Nzokwamamaza izina ryawe mu bavukanyi banje. Nzoguhimbaza ikoraniro rikoranye.”
13
Yaravuze kandi ati: “Nzokwizigira Imana.” Yongerako ati: “Jewe n’abana Imana yampaye.”
14
Abo bana hari ikintu basangiye: bose ni abantu. Yesu na we ubwiwe yahindutse umuntu nka bo kugira ngo, biciye mu rupfu rwiwe, amare inkomezi uwari afise ububasha bw’urupfu, ari we Satani.
15
Ubu ni bwo buryo bwonyene yari gushobora kubohora abantu bari babayeho ubuzima bwabo bwose nk’abagurano kubera gutinya urupfu.
16
Ikindi tuzi n’uko Umwana w’Imana ataje gufasha abamarayika; ahubwo yaje gufasha uruvyaro rwa Aburahamu.
17
Ni co gituma vyari bikwiye ko ahinduka agasa natwe abavukanyi biwe muri vyose; kugira ngo atubere Umuherezi Mukuru w’umunyembabazi kandi w’umwizigirwa imbere y’Imana, kugira ngo atange ikimazi gikura ivyaha vy’abantu.
18
Ni co gituma ashobora kudufasha iyo tugeragezwa, kuko na we yageragejwe n’imibabaro yaciyemwo.
← Chapter 1
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 3 →
All chapters:
1
2
3
4
5
6
7
8
9
10
11
12
13