bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibiliya mu Kirundi Coroshe) Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc
/
Revelation 1
Revelation 1
Kirundi (Bibiliya mu Kirundi Coroshe) Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 2 →
1
Iki gitabu kidonda ivyahishuwe na Yesu Kristo, ivyo Imana yamuhaye kugira ngo yereke abakozi biwe ibigiye gushika. Na we yabimenyekanishije mu kurungika umumarayika wiwe ku mukozi wiwe Yohana,
2
na we ashingira intahe ivyo yabonye vyose ku bijanye n’ijambo ry’Imana n’intahe ya Yesu Kristo.
3
Harahiriwe uwusoma aya majambo y’ubuvugishwa, kandi harahiriwe abayumva bakayashirako umutima, kuko igihe kiri hafi.
4
Jewe Yohana, Ndabandikiye mwebwe abo mu mashengero indwi yo muri Aziya: Ubuntu n’amahoro biva ku wuriho, uwamyeho kandi agira aze, no ku mpwemu indwi ziri imbere y’intebe y’inganji,
5
no kuri Yesu Kristo we cabona co kwizigirwa, imfura mu bapfuye, umutware aganza abami bo kw’isi bose, bibane namwe. Icubahiro cose kibe ic’uwadukunze, akatubohora mu vyaha vyacu abanje gusesa amaraso yiwe.
6
Yatugize ubwami bw’abaherezi bo gukorera Imana ari yo Se. Icubahiro n’ububasha bibe ivyayo ibihe vyose! Amen.
7
“Ehe azananye n’ibicu,” kandi “amaso yose azomubona; n’abamucimise bazomubona,” kandi isi yose “izoboroga ku bwiwe.” Nibibe gutyo, Amen.
8
“Ndi Alufa na Omega, Intango n’Iherezo,” ni ko Umwami Imana avuze, “uwuriho, uwamyeho kandi agira aze, Mushoboravyose.”
9
Jewe Yohana, mwene So mfatanije namwe mu mibabaro, mu Bwami bw’Imana no mu kwihangana, ivyo duhamagarirwa muri Yesu, nari najanywe mw’izinga rya Patimo mporwa ijambo ry’Imana no gushingira intahe Yesu.
10
Maze ku musi w’Umwami Imana, ndi muri Mpwemu, numva ijwi rivugira inyuma yanje rimeze nk’iry’inzamba isamirana,
11
riti: “Wandike mu gitabu ivyo ubona vyose maze ubirungikire amashengero indwi mu bisagara vya Efeso, Simuruna, Perugamo, Tuwatira, Sarudi, Filadelufiya, na Lawodikiya.”
12
Mpindukiye ngo ndabe uwuriko aramvugisha, nca mbona ibiterekwako amatara indwi bikozwe mu nzahabu,
13
kandi hagati muri vyo hari hahagaze uwusa n’Umwana w’Umuntu, yambaye ikanzu ishika ku birenge, akenyeje umukanda w’inzahabu mu gikiriza.
14
Umushatsi wiwe warera derere; amaso yiwe yasa n’imbeya z’umuriro.
15
Ibirenge vyiwe vyasa n’umuringa wakaka wavugutiwe mw’itanure, ijwi ryiwe na ryo ryari rimeze nk’amazi menshi asuma.
16
Mu kuboko kwiwe kw’i buryo yari afise inyenyeri indwi, kandi mu kanwa kiwe havamwo inkota y’ubugi bubiri ikarishe. Mu maso hiwe harakayangana nk’izuba ryo ku murango.
17
Ndamubonye nca nikubita imbere y’ibirenge vyiwe nk’uwupfuye. Ariko aca anshirako ikiganza c’i buryo ambarira ati: “Ntutinye. Ndi Uwa Mbere kandi ndi Uwa Nyuma.
18
Ndi Uwuriho; nari narapfuye none ndi muzima ibihe vyose. Kandi mfise urupfunguruzo rw’urupfu na kuzimu.
19
Wandike rero ivyo wabonye vyose, ibiriko biraba n’ibiza gukurikira.
20
Iyi ni yo nsiguro y’ikinyegezwa c’inyenyeri indwi wabonye mu kiganza canje, n’igiterekwako amatara gikozwe mu nzahabu: inyenyeri indwi ni abamarayika b’amashengero indwi, ibiterekwako amatara na vyo ni ayo mashengero indwi.
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 2 →
All chapters:
1
2
3
4
5
6
7
8
9
10
11
12
13
14
15
16
17
18
19
20
21
22