bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibiliya mu Kirundi Coroshe) Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc
/
Revelation 14
Revelation 14
Kirundi (Bibiliya mu Kirundi Coroshe) Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc
← Chapter 13
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 15 →
1
Hanyuma nca mbona Umwagazi w’intama ahagaze ku musozi Siyoni, ari kumwe n’abantu ibihumbi ijana na mirongo ine na bine bari banditseko izina ryiwe n’irya Se mu ruhanga.
2
Nca numva ijwi rivuye mw’ijuru risamirana nk’amazi y’isumo rinini, kandi rivuga nk’umuturagaro uteye ubwoba. Iryo jwi numvise ryari rimeze nk’iry’abacuraranzi bacuraranga inanga.
3
Baririmbira indirimbo nshasha imbere y’intebe y’inganji, n’imbere ya vya binyabugingo bine hamwe na ba bashingantahe. Nta n’umwe yashobora kwiga iyo ndirimbo, kiretse bamwe ibihumbi ijana na mirongo ine na bine bacunguwe bakuwe mw’isi.
4
Abo ni bo batandujwe n’abagore, ariko bazigamye ukwera kwabo, bakurikira wa Mwagazi aho aja hose. Bacunguwe bakuwe mu bantu, kugira ngo bashikanirwe Imana na wa Mwagazi nk’ivyeze ubwa mbere.
5
Nta bubeshi bwava mu kanwa kabo kandi ntibagira umugayo.
6
Hanyuma nca mbona uwundi mumarayika aguruka mu kirere, atwaye Ubutumwa Bwiza agiye kubwira abari mw’isi mu moko yose, mu miryango yose, mu ndimi zose no mu mahanga yose.
7
Avuga n’ijwi rirenga ati: “Mutinye Imana kandi muyihe icubahiro, kuko igihe cayo co guca imanza kirashitse. Musenge iyaremye ijuru n’isi, ibiyaga n’amasoko y’amazi.”
8
Hanyuma uwundi mumarayika agira kabiri aca akurikira uwo wa mbere avuga ati: “Kirasenyutse! Kirasenyutse Babiloni, igisagara gihambaye, canywesheje amahanga yose ku muvinyu w’ubusambanyi bwaco bukomeye.”
9
Mu nyuma haza umumarayika agira gatatu, na we akurikira avuga n’ijwi rirenga ati: “Nihagira uwusenga ca gikoko n’igishushanyo caco, canke akemera gushirwako ca kimenyetso caco mu ruhanga canke mu kiganza,
10
na we nyene azonywa ku muvinyu w’uburake bw’Imana, wasutswe mu gikombe c’ubushangashirwe bw’Imana utavanze. Azobabarizwa mu muriro n’ibizuku vyaka imbere y’abamarayika n’imbere ya wa Mwagazi.
11
Umwotsi w’ukubabazwa kwabo uzokwama upfunduka ibihe vyose. Abazosenga ico gikoko n’igishushanyo caco, canke abazokwemera gushirwako ikimenyetso c’izina ryaco, nta gahengwe bazogira haba mw’ijoro canke ku murango.”
12
Ni co gituma abera b’Imana, bubaha amabwirizwa yayo bakaguma mu kwizera Yesu, bakwiye kwihangana cane.
13
Hanyuma nca numva ijwi rivuye mw’ijuru rimbwira riti: “Andika ibi bikurikira: uhereye ubu, hahiriwe abapfa bapfira mu Mwami.” Mpwemu aravuga ati: “Egome, bazoruhuka imiruho barushe, kuko ibikorwa vyabo bizobaherekeza.”
14
Hanyuma nca mbona igicu cera, kandi kuri co hari hicaye uwusa n’Umwana w’Umuntu. Yari yambaye urugori rw’inzahabu ku mutwe, afise n’umuhoro ukarishe mu minwe.
15
Haca haza uwundi mumarayika avuye mu rusengero, arasemerera abwira umwe yicaye ku gicu ati: “Bangura umuhoro wawe wimbure, kuko igihe co kwimbura kirageze, ivyimburwa vyo kw’isi bireze.”
16
Nuko umwe yicaye ku gicu aca acisha umuhoro wiwe kw’isi, maze isi yose irimburwa.
17
Uwundi mumarayika asohoka avuye mu rusengero mw’ijuru, kandi na we nyene yari afise umuhoro ukarishe.
18
Uwundi mumarayika, yari afise ububasha ku muriro, aza avuye ku gicaniro, ahamagara umwe afise umuhoro ukarishe n’ijwi rirenga avuga ati: “Fata umuhoro wawe ukarishe, usorome inzabibu zo mu ruzabibu rwo kw’isi, kuko inzabibu zireze.”
19
Wa mumarayika aca abangurira umuhoro kw’isi, asoroma inzabibu, azisuka mu bwato bw’uburake bw’Imana.
20
Izo nzabibu ziganirwa mu bwato buri inyuma y’igisagara, amaraso yazo araduga gushika ku minwa y’amafarasi, yongera arasanzara gushika nko ku birometero amajana atatu.
← Chapter 13
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 15 →
All chapters:
1
2
3
4
5
6
7
8
9
10
11
12
13
14
15
16
17
18
19
20
21
22