bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibiliya mu Kirundi Coroshe) Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc
/
Revelation 18
Revelation 18
Kirundi (Bibiliya mu Kirundi Coroshe) Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc
← Chapter 17
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 19 →
1
Inyuma y’ivyo nca mbona uwundi mumarayika yururuka ava mw’ijuru. Yari afise ubushobozi bwinshi kandi isi yari imurikiwe n’ugukayangana kwiwe.
2
Arasemerera n’ijwi rirenga ati: “ ‘Kirasenyutse! Kirasenyutse Babiloni, igisagara gihambaye!’ Ubu gihindutse inzu y’abadayimoni, ubwihisho bw’impwemu zihumanye zose, ubwihisho bw’inyoni zihumanye zose, n’ubwihisho bw’ibikoko bihumanye kandi bisesema vyose.
3
Kuko amahanga yose yanyoye ku muvinyu w’ubusambanyi bwaco burenze urugero. Abami b’isi bose basambanye na co, kandi abadandaza bo kw’isi batungishijwe n’ibikayangana vyaco vyinshi cane.”
4
Nca numva irindi jwi rivuye mw’ijuru rivuga riti: “ ‘Nimusohoke mukivemwo, mwa bwoko bwanje,’ kugira ngo ntimwifatanye na co mu vyaha vyaco, maze mugashikirwa n’ivyago bizogishikira.
5
Kuko ivyaha vyaco vyarundanye bishika mw’ijuru, none Imana yibutse ibikorwa bibi vyaco.
6
Nimucishure ivyo cakoreye abandi, mugikorere incuro zibiri ivyo cakoze. Nimwuzuze igikombe canywesherejeko abandi inzoga iboreza incuro zibiri kurusha.
7
Cishize hejuru, cibera mu bikayangana; none nimucishure imibabaro n’ivyago. Cirata mu mutima kiti: ‘Nganje nk’umwamikazi; sindi umupfakazi, kandi sinzokwigera ngandara.’
8
None rero ku musi umwe, kizohwikirwa n’ivyago: urupfu, ikigandaro n’ikigoyi. Kizotongorwa n’umuriro, kuko Umwami Imana agiciriye urubanza ari umunyabushobozi.”
9
Abami bo kw’isi basambanye bakongera bagasangira na co ubutunzi bwaco, nibabona umwotsi wo gutongorwa kwaco, bazokiririra bongere bakigandarire.
10
Bazobirabira kure kubera gutinya imibabaro igishikiye, maze bakome induru bavuga bati: “Ibara! Ibara riraguye kuri ca gisagara gihambaye, Babiloni ca gisagara gikomeye! Mu kanya isase, urubanza waciriwe ruragushitseko!”
11
Abadandaza bo kw’isi bazokiririra bakigandarire, kuko atawuzoba akibagurira ibidandazwa vyabo.
12
Cahora kibagurira ibidandazwa bigizwe n’inzahabu, ifeza, amabuye y’agaciro n’utubuyenge; impuzu zera nziza, izitukura n’izisa n’agahama nziza; ivyakozwe mu biti bimota neza, ivyakozwe mu masenge y’inzovu, ivyabajwe mu biti vyiza vy’igiciro kinini, ivyacuzwe mu butare bw’umwakaka no mu vyuma hamwe n’amabuye abajwe.
13
Cabagurira kandi ivyitwa kinamoni n’ibindi birungo; amavuta amota neza, ibimotesha neza amavuta yitwa mira n’imibavu; imivinyu n’amavuta ya elayo; ifu inoze neza n’ingano; inka n’intama; amafarasi n’imikogote hamwe n’abantu bagurishwa nk’abagurano.
14
Bazovuga bati: “Ivyo wahahamira cane uravyatswe. Ubutunzi bwawe n’ugukayangana kwawe vyose biguhezeko, ntibizosubira kuboneka.”
15
Abadandaza bari baratungishijwe no gushora ivyo bidandazwa muri co, bazobirabira kure kubera gutinya imibabaro igishikiye. Bazorira, bagandare,
16
bavuga bati: “Ibara! Ibara riraguye kuri ca gisagara gihambaye, cambaye impuzu z’igiciro kinini, izitukura n’iz’agahama, gishazishije inzahabu n’amabuye y’agaciro n’utubuyenge.
17
Mu kanya isase, ubwo butunzi bwose buhindutse ubusa!” Abagendesha ubwato, ababugenderamwo, abasoza hamwe n’abakorera ibikorwa vyabo mu kiyaga, bazobirabira kure.
18
Nibabona umwotsi w’ugutongorwa kwaco, bazovuga bati: “Mbega hari igisagara cari gihambaye nk’iki?”
19
Bazokwisuka umukungugu ku mitwe, barire, bagandare, bavuga bati: “Ibara! Ibara riraguye kuri ca gisagara gihambaye, kimwe catungisha abafise amato ku kiyaga! Mu kanya isase, gihindutse ubugaragwa!
20
Nimubinezerererwe, yemwe mwa majuru! Nimunezerwe, yemwe bwoko bw’Imana! Nimunezerwe, yemwe ntumwa n’abavugishwa! Imana yagiciriye urubanza ruhwanye n’ivyo cabakoreye.”
21
Hanyuma umumarayika w’inkomezi aca atora ibuye rimeze nk’urusyo runini, ariterera mu kiyaga, avuga ati: “Uku ni ko Babiloni, igisagara gihambaye, kizokubitwa hasi biteye ubwoba, kandi ntikizosubira kuboneka.
22
Nta bavuza inanga, abaririmvyi, abavuza imyironge canke inzumbete bazosubira kwumvikana muri wewe. Nta bakora utugenegene tw’ubwoko na bumwe bazoba bakiboneka muri wewe. Nta jwi ry’urusyo rizosubira kwumvikana muri wewe.
23
Nta muco w’amatara uzosubira gukayangana muri wewe. Nta majwi y’umukwe n’umugeni azosubira kwumvikana muri wewe. Abadandaza bawe bari rurangiranwa kw’isi. Amahanga yose yazimijwe n’amareba yawe.
24
Muri co habonetse amaraso y’abavugishwa n’ay’abera b’Imana, hamwe n’ay’abandi bose biciwe kw’isi.”
← Chapter 17
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 19 →
All chapters:
1
2
3
4
5
6
7
8
9
10
11
12
13
14
15
16
17
18
19
20
21
22