bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibiliya mu Kirundi Coroshe) Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc
/
Revelation 8
Revelation 8
Kirundi (Bibiliya mu Kirundi Coroshe) Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc
← Chapter 7
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 9 →
1
Yuguruye ikigira indwi, haca haba agacerere mw’ijuru kamara nk’igice c’isaha.
2
Nca mbona ba bamarayika indwi bahagaze imbere y’Imana bahawe inzamba indwi.
3
Haca haza uwundi mumarayika afise ico gutuririramwo ibimota neza gikozwe mu nzahabu, ahagarara imbere y’igicaniro; aca ahabwa ibimota neza vyinshi abivanga n’amasengesho y’abera kugira ngo abitange ku gicaniro gikozwe mu nzahabu cari imbere y’intebe y’inganji.
4
Umwotsi w’ibimota neza n’amasengesho y’abera biraduga bishika imbere y’Imana bivuye mu biganza vya wa mumarayika.
5
Wa mumarayika aca afata kimwe co gutuririramwo ibimota neza, acuzuza umuriro wo ku gicaniro, agiterera hasi; haca humvikana urwamo rw’imituragaro, imiravyo na nyamugigima.
6
Ba bamarayika indwi bafise inzamba baca baritegura kugira ngo bazivuze.
7
Umumarayika wa mbere avugije inzamba yiwe, urubura n’umuriro bivanze n’amaraso bica bisukwa kw’isi. Maze ica gatatu c’isi, ica gatatu c’ibiti n’ica gatatu c’ivyatsi birasha.
8
Umumarayika wa kabiri avugije inzamba yiwe, ikintu kimeze nk’umusozi waka umuriro, gitabwa mu kiyaga. Maze ica gatatu c’ikiyaga gica gihinduka amaraso,
9
Ica gatatu c’ibiba mu kiyaga bica birapfa, n’ica gatatu c’ubwato burasambuka.
10
Umumarayika wa gatatu avugije inzamba yiwe, ikinyenyeri kinini caka nk’itara kirakoroka kivuye kw’ijuru, kigwa ku ca gatatu c’inzuzi n’amasoko y’amazi.
11
Izina ry’ico kinyenyeri ni Mururazi. Maze ica gatatu c’amazi yose aca ahinduka umururazi, kandi abantu benshi banyoye ayo mazi y’umururazi barapfa.
12
Umumarayika wa kane avugije inzamba yiwe, Imana ica ikubita ica gatatu c’izuba n’ica gatatu c’ukwezi n’ic’inyenyeri maze umuco wavyo uca uhinduka umwijima. Bica bituma ica gatatu c’umusi n’ica gatatu c’ijoro na vyo bihinduka umwijima.
13
Ndavye kandi, nca numva inkona igurukira kure mu kirere ivuga n’ijwi rirenga iti: “Baragowe, baragowe, baragowe ababa kw’isi ku bw’ibizoba abamarayika batatu ba nyuma nibavuza inzamba!”
← Chapter 7
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 9 →
All chapters:
1
2
3
4
5
6
7
8
9
10
11
12
13
14
15
16
17
18
19
20
21
22