bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
/
2 Corinthians 13
2 Corinthians 13
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
← Chapter 12
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
1
Ubu bugira bube ubga gatatu nza i wanyu. Ijambo ryose rizoringanizwa bivuye mu kanwa k’ivyabona bibiri canke bitatu.
2
Nabivuze nkiri kumwe namwe ubugira kabiri kera, na none ntar’ iyo ni ko mbivuga bitaraba, mbarira abācumuye kera n’abandi bose, yuko ni nagaruka ntazogira akagongwe:
3
kuko murondera ikimenyetso co kwerekana yuko Kristo ari we amvugisha, umwe atar’ umunyantege nke kuri mwebge, arikw agira ubushobozi hagati yanyu.
4
Kukw intege nke zāteye kw abambga, ariko non’ ariho kubg’ ubushobozi bg’Imana. Natwe tur’ abanyantege nke muri we, ariko tuzobanaho na we, kubg’ ubushobozi bg’Imana tubereyeho mwebge.
5
Ba ari mwebge mwisuzuma, mumenye yuko muhagaze mu kwizera; ba ari mwebge mwirāba. Mbega ntimwiyizi, ntimuzi yuko Yesu Kristo ari muri mwebge? — shiti kumbure mur’ abāhinyuwe!
6
Ariko nizigiye yuko muzomenya ko tweho tutar’ abāhinyuwe.
7
Kandi turasaba Imana ngo ntimugire ikibi mukora, s’ukugira ngo tuboneke ko tur’ abemewe, ariko n’ukugira ngo mukore iciza, natwe tuboneke nk’abahinyuwe.
8
Kuko tudashobora kurwanya ukuri, ariko duherereye mu ruhande rw’ukuri.
9
Turanezerwa iyo tugize intege nke, namwe mukagira inkomezi: kand’ ico dusaba ngiki, n’uko mutunganywa rwose.
10
Ni co gitumye mbandikira ivyo tutari kumwe, kugira ngo ni twaba kumwe noye kuzohambara, nk’uko nahawe ububasha n’Umwami wacu bgo kwubaka, ariko s’ubgo gusambura.
11
Ibisigaye bene Data, muganūke; mutungane rwose, mwemere guhanūrwa, muhuze imitima, mubane amahoro. Ni ho Imana Nyen’ urukundo n’amahoro izobana namwe.
12
Muramukanishe kugumbirana kwera.
13
Abera bose barabaganūtsa.
14
Ubuntu bg’Umwami wacu Yesu Kristo, n’urukundo rw’Imana, n’ubumwe buva kuri Mpwemu Yera, bibane namwe mwese.
← Chapter 12
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
All chapters:
1
2
3
4
5
6
7
8
9
10
11
12
13