bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
/
2 Corinthians 4
2 Corinthians 4
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
← Chapter 3
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 5 →
1
Ni co gituma tutihebura, kuko dufise ubgo busuku, nk’uko twagiriwe ikigongwe.
2
Twanse ibiteye isoni bikorerwa mu mpisho, ntitugenda mu bugunge, ntidufudika ijambo ry’Imana, ariko kwerekana ukuri ni kwo twishimagirisha mu nyonga z’Imana ku mutima w’umuntu wese.
3
Ariko namb’ ubutumwa bgiza twahawe butwikirwa, butwikirirwa abahona,
4
ni bo batizera, bamwe imana y’iki gihe yahumye imitima, ng’umuco ntubākire w’ubutumwa bg’ubgiza bga Kristo, ni we shusho y’Imana.
5
Kuko tutigisha abantu ivyacu, ariko tubigisha ivya Kristo Yesu kw ari we Mwami, natwe yuko tur’ abashumba banyu kubga Yesu.
6
Imana, imwe yavuze ng’ Umuco wāke, uvuye mu mwiza, ni yo yākiye mu mitima yacu, kwerekana umuco, ni wo kumenya ubgiza bg’Imana buri mu nyonga ha Yesu Kristo.
7
Ariko dufise ubgo butunzi mu nzavya z’ibumba, ng’ ubushobozi buhebuje bube ubg’ Imana, butavuye kuri twebge.
8
Dusugerezwa impande zose, ariko ntidushika mu mbombane; turazazanirwa, ariko ntituranduka umutima;
9
turahamwa, ariko ntiduhebga; dukubitwa hasi, ariko ntitugwaho:
10
imisi yose tugendana mu mubiri urupfu rwa Yesu, ng’ubugingo bga Yesu na bgo buserukire mu mubiri wacu.
11
Kuko twebge abariho, na ntaryo dutangwa ngo dupfe baduhōra Yesu, ng’ubugingo bga Yesu na bgo buserukire mu mubiri wacu uzopfa.
12
Nuko rer’ urupfu rukorera muri twebge, arik’ ubugingo bukorera muri mwebge.
13
Ariko ko dufise uwo mutima wizera, uboneka mu vyanditswe, ngo Nizeye, ni co catumye mvuga; natwe nyene turizera, ni co gituma tuvuga.
14
Kuko tuzi yukw iyazuye Umwami Yesu, natwe izotuzurana na Yesu, kand’ izomudushīra, twe namwe.
15
Kukw ivyo vyose biba kubganyu, kugira ng’ubuntu bg’Imana bgongeranishwe n’ukugwira kw’ abantu, bugwize ishimwe, ngo ritere Imana icubahiro.
16
Ni co gituma tutihebura; ariko, nah’ umuntu wacu wo ku rukoba arikw arabora, umuntu wacu w’imbere yama ahinduka musha uko bukeye.
17
Kukw amarushwa yacu ahwahutse y’akanya ka none yiyongeranije cane kudushikiriza ubgiza buremereye bg’ibihe bidashira.
18
Natwe ntiturāba ku biboneka, ariko turāba ku bitaboneka: kukw ibiboneka ar’ ivy’ igihe gito, arikw ibitaboneka bikaba ivy’ ibihe bidashira.
← Chapter 3
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 5 →
All chapters:
1
2
3
4
5
6
7
8
9
10
11
12
13