bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
/
2 Corinthians 5
2 Corinthians 5
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
← Chapter 4
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 6 →
1
Turazi yukw inzu y’urusago yacu yo kw isi ni yaramuka isambuwe, dufise inyubako iva ku Mana, inzu itubatswe n’amaboko, itazoshira yo mw ijuru.
2
Kuko tunihira mur’ uru rusago, twifuza kurwambikirwakw inzu yacu izova mw ijuru,
3
namba tuyambaye tutazosangwa twambaye ubusa.
4
Kuko twebge abari mur’ uru rusago tuniha turemerewe, s’uko tugomba kwamburwa, ariko tugomba kwambikirwa kuri rwo, ngw igipfa kimirwe n’ubugingo.
5
Kand’ iyaturoranije kubg’ ico nyene n’Imana, iyatugwatirije Mpwemu.
6
Ni co gituma na ntaryo turinda mu mutima, kandi tumenya yukw iyo tur’ i wacu mu mubiri tuba tugerereye kure y’Umwami wacu —
7
kuko tugenda turōngōrwa n’ukwizera, ntiturōngōrwa n’ivyo tubona —
8
ego me turinda mu mutima, kand’ ico turushiriza gukunda ngiki: n’ukugerēra kure y’umubiri, tukaba i wacu ku Mwami wacu.
9
Kandi ni co gituma tugira umwete wo kumunezereza, iyo tur’ i wacu mu mubiri, cank’ iyo tugerereye kure y’umubiri.
10
Kuko twese tutazobura kugaragarizwa imbere y’intebe y’amateka ya Kristo, kugira ng’umuntu wese ahabge ibihwanye n’ico yakoze akiri mu mubiri, ari ciza ari kibi.
11
Nuko kuko tuzi ingen’ ugutinya Umwami wacu kumeze, twemeza abantu, arikw Imana turayigaragarira: kandi rero nizigiye yuko tugaragarira n’imitima yanyu.
12
Ntitwongera kwishimagiza kuri mwebge, ariko tubaha inyanduruko y’ingene mwokwirata kubgacu, kugira ngo mubone ivyo mwokwishura abirata ivyo ku rukoba, batirata ivyo mu mutima.
13
Namba dusaze, dusaze ivy’ Imana; namba dufise ubgenge, ni mwebge dukorera.
14
Kuk’ urukundo rwa Kristo rutugōbēra, kand’ ico tuzi tudakekeranya n’uk’ umwe yapfiriye bose, nuko rero bose bārapfuye.
15
Kand’ icatumye apfira bose kwar’ ukugira ngw abariho babeho batacinezereza, ariko babeho banezereza uwabapfiriye, akabazukira.
16
Ni co gituma uhereye none tutakigira uwo tumenya ku vyo ku rukoba; naho twari tuzi Kristo mu vy’ umubiri, ariko none ntitukimumenya durtyo.
17
Nuko rer’ umuntu wese iy’ ari muri Kristo, aba ar’ icaremwe gisha: ivya kera biba bihise, vyose biba bicitse bisha.
18
Arikw ivyo vyose biva ku Mana, yatwiyujujeko kubga Kristo, ikaduha igikorwa co kugabura umwuzuzo,
19
ni kwo kuvuga yukw Imana yari muri Kristo yiyuzuza n’abari mw isi, ntiyabaharūrakw ibicumuro vyabo, kandi yatubīkije ijambo ry’umwuzuzo.
20
Ni co gituma tur’ intumwa mu gishingo ca Kristo, Imana isa n’ībingingira muri twebge. Turabinginga mu gishingo ca Kristo, mwuzure n’Imana.
21
Umwe atigeze kumenya icaha, Imana yamuhinduye icaha kubgacu, kugira ngo muri we duhinduke ukugororoka kw’Imana.
← Chapter 4
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 6 →
All chapters:
1
2
3
4
5
6
7
8
9
10
11
12
13