bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
/
2 Corinthians 3
2 Corinthians 3
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
← Chapter 2
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 4 →
1
Mbega dutanguye kwongera kwishimagiza? Canke turinda ivyete vyo kudushimagiza, mwandikiwe canke mwanditse, nk’uko bamwe bandi bagomba?
2
Ni mwebge cete cacu, canditswe ku mitima yacu, ico abantu bose bamenya bagasoma.
3
Kuko muboneka ko mur’ icete Kristo yatwandikishije, nk’ukw igikorwa cacu kiri; kitandikishijwe wino, ariko candikishijwe Mpwemu w’Imana nzima; kitanditswe ku bisate vy’amabuye, ariko canditswe ku bisate ni vyo mitima y’inyama.
4
Uko ni ko twizigira Imana kubga Kristo,
5
s’uko dushobora ubgacu kwiyumvira ikintu cose nk’ah’ ari twebge candurutseko, ariko dushobozwa n’Imana;
6
ni yo yadushoboje kuba abakozi b’isezerano risha, yamara s’abakozi b’ivyandikishijwe inyuguti, ariko n’ab’ impwemu: kukw ivyandikishijwe inyuguti vyicisha, arikw impwemu ihesha ubugingo.
7
Yamar’ ubgo bugabuzi bgandikishijwe inyuguti zikorogoshowe mu mabuye bgaganzwa n’urupfu, naho bgari bgazananye n’ubgiza. Arik’ ubgo bgiza, naho bgagenda bushira, bgatumye Abisirayeli badashobora gutumbera mu maso ha Mose.
8
None ko vyabaye birtyo, ubugabuzi buganzwa na Mpwemu ntiburushiriza cane kuzanana n’ubgiza?
9
Ubugabuzi bgo gutsindwa kw ar’ ubgiza, ubugabuzi bgo kugororoka burushiriza kugira ubgiza bg’akaburarugero.
10
Mber’ icari gisanganywe ubgiza nta bgiza kigifise, kuko haje ubgiza bukirengeye.
11
Igishira ko cari n’ubgiza, igihoraho kirushiriza cane kugira ubgiza.
12
Nuko ko dufise icizigiro kingana girtyo, tuvuga tutabobotereza na gatoya,
13
ntidusa na Mose, yitwikira mu maso, kugira ngw Abisirayeli ntibahange amaso iherezo ry’ubgariko buraherengetera.
14
Arikw imitima yabo irakomantara. Kuko gushitsa na bugingo n’ubu, ca citwikiro kikiriho mw isomwa ry’isezerano rya kera, ntikirakūrwaho, kuko muri Kristo ari ho giherera.
15
Ariko gushitsa n’ubu, ivya Mose iyo bisomwa ico citwikiro kiba ku mitima yabo:
16
yamara, iy’ umuntu ahindukiriye Umwami, ico citwikiro gica gikūrwaho.
17
Arik’ uwo Mwami ni we Mpwemu: kand’ aho Mpwemu w’Umwami ari, ni ho haba umwidegemvyo.
18
Tweho twese, ko tutitwikiriye mu maso, tukerekana nk’icirore ubgiza bg’Umwami, turahinduka, tugashushanywa n’iyo shusho, tukava mu bgiza tukaja mu bundi, nk’abahindurwa n’Umwami, ari we Mpwemu.
← Chapter 2
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 4 →
All chapters:
1
2
3
4
5
6
7
8
9
10
11
12
13