bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
/
Lamentations 5
Lamentations 5
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
← Chapter 4
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
1
Uhoraho we, ibuka ivyatubayeko: Itegereze urābe ukuntu dutukwa.
2
Ishamvu yacu yegukiwe n’ abanyamahanga, N’amazu yacu yegukiwe n’ab’ akavantara,
3
Tur’ impfuvyi ntitukigira ba data, Ba mama bameze nk’abapfakazi.
4
Tunywa amazi tuyaguze; Inkwi tuzironka ku biguzi.
5
Abaduhīga batuguye ku gakanu: Turarushe, ntitugira akito ko kuruhuka.
6
Twakomeye amashi Abanyegiputa, N’Abashuri kugira ngo turonke utwo kurya two kwisama.
7
Ba data bakoze ivyaha, kandi ntibakiriho; Natwe twasubiweko n’ibigabitanyo vyabo.
8
Abagurano ni bo basigaye batuganza: Nta wuriho wo kuturokora ngw atugobotore mu maboko yabo.
9
Ivyo kurya tubironka duhevye amagara, Kubg’ inkota itegeye mu bugaragwa.
10
Urukoba rwacu rusigaye rwirabura nk’inkono, Bitewe n’umuriro w’inzara.
11
Bafata abagore bo muri Siyoni ku kagōbēro, N’inkumi zo mu bisagara vy’i Buyuda.
12
Abaganwa bāmanitswe babasungaje ukuboko kumwe: N’abatāma ntibābagirira udusoni.
13
Imisore isigaye ikorerwa insyo, N’abana banyikizwa n’imbambo z’inkwi.
14
Abatāma bāhevye kwicara ku nama, N’imisore ntikiruha icuraranga.
15
Umunezero wo mu mitima yacu urashize; Imvyino zacu zahindutse amaborogo.
16
Ibitsibo vyo ku mitwe yacu birakorotse: Tubonye ibara, kuko twakoze ivyaha.
17
Ni co gituma imitima yacu ihondobera, Ivyo ni vyo bituma duhwera mu kajisho;
18
Bitewe n’uk’ umusozi Siyoni ucitse amatongo: Imbgebge zisigaye zihatambatamba.
19
Weho, Uhoraho, wamah’ ibihe bidashira; Intebe yawe ihoraho uk’ urunganwe rugenda rukurikirana.
20
N’iki catumye utwibagira ibihe vyose, Kand’ ukaduheba kumara igihe kirekire kingana girtyo?
21
N’utwigarukanire, Uhoraho we, natwe turakugarukira; Dukomōrere imisi yacu nk’ iyo twahoranye ubga mbere,
22
Shiti waradutaye ruhebga, Ukaturakira birenze urugero.
← Chapter 4
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
All chapters:
1
2
3
4
5