bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
/
Micah 1
Micah 1
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 2 →
1
Ijambo ry’Uhoraho ryaje kuri Mika w’i Moresheti, ku ngoma ya Yotamu no ku ya Ahazi no ku ya Hezekiya, abami b’i Buyuda, amajambo y’ivyo yeretswe kuri Samariya n’i Yerusalemu.
2
Ni mwumve, mwa moko yose mwe; tega amatwi nawe wa si, n’ibiri muri wewe vyose! Umwami Uhoraho n’abe icagiriza canyu, Umwami ari mu rusengero rwiwe rwera.
3
Kukw ehe rāba, Uhoraho ahagurutse ava i we, agira amanuke, atambagire ku mpinga z’imisozi yo mw isi.
4
Imisozi izoshongera musi yiwe, n’imyonga isaduke, bibe nk’ishashara ir’ imbere y’umuriro, canke nk’amazi arindimuka ku gatembge.
5
Ivyo vyose vyatewe n’igicumuro ca Yakobo, n’ivyaha vy’inzu ya Isirayeli. Non’ igicumuro ca Yakobo n’iki? Mbega s’i Samariya? Kand’ ibitabo vyatabge i Buyuda n’ibiki? S’i Yerusalemu?
6
Ni co gituma igisagara c’i Samariya nzogihindura nk’ikigūngūzi c’amabuye co mu ndimiro, habe aho gutera imizabibu; kand’ amabuye yaho nzoyahondoganiriza mu mwonga, n’amatanguriro y’amazu yaho nzoyaserura ahabona.
7
Ibishushanyo vyaho vyose bibajwe bizojanjagurwa bicike ubunywenywe, n’impēra zaho zose z’ivy’ isoni nke zizoturirwa n’umuriro, kand’ ibigirwamana vyaho vyose nzobihonnya; kuko habirundanije ar’ impēra z’ubumaraya, kandi bizosubira kuba impēra nyene za maraya wundi.
8
Kubg’ ivyo nzorira mboroge, ngende nambaye ubusa, ata n’ inkweto: nzorira nk’imbgebge, mboroge nk’ igisīga citwa imbuni.
9
Kuk’ uruguma rwaho rutazovūrika: mbere rwashitse n’i Buyuda; rushika kw irembo ry’ abantu banje, mbere rurinda rushika n’i Yerusalemu.
10
Ntimukabikerukirize i Gati, ntimuzirukanye ngo murire; i Beti‐Leyafura abe ari ho mwikumbagariza mu mukungugu.
11
Enda vayo wambaye ubusa utēterewe, wewe uba i Shafiri; ūba i Zanani ntaruha asokoroka; i Beti‐Ezeli hazorandurwa, hakūrwe ku matanguriro yaho.
12
Ūba i Maroti yiteganye ivyiza umutima uhagaze: kukw ivyago vyamanutse bivuye k’Uhoraho, bigashika kw irembo ry’i Yerusalemu.
13
Yemwe ababa i Lakishi, muhambīrire umukogote kw ifarasi inyaruka: ni mwebge mwabanje gucumuza umukobga w’i Siyoni; kukw ibicumuro vy’Abisirayeli vyabonetse kuri mwebge.
14
Ni co gituma uzoha Moresheti‐Gati ivyo gucancabura: amazu ya Akizibu azoyangārira abami b’Abisirayeli.
15
Namwe muba i Maresha nzobarungikira ūzobanesha; ubgiza bg’ Abisirayeli buzoshika no muri Adulamu.
16
Imoshe inkomvorera, wiharanguze, kubg’ abana bawe wakunda; ongeranya ubuhanza bgawe, bube nk’ubg’ ikinyakabaka; kuko wabasahuwe, bakajanwa ar’ inyagano.
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 2 →
All chapters:
1
2
3
4
5
6
7