bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
/
Micah 7
Micah 7
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
← Chapter 6
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
1
Mbonye ibara! Kuko mmeze nk’igihe c’iyerūra ry’amatunda yo mu ci, nk’uduhūmbga two mu ruzabibu: ata n’agahando ko kurya; umutima wanje wifuza agasukoni k’isega.
2
Abubaha Imana baraherengeteye mw isi, kandi mu bantu nta n’umwe atunganye: bose babundira kuvisha amaraso, umuntu wese ahīga mugenzi we ngw amute mu ruriba.
3
Amaboko yabo yamogoreye gukora ibibi; umuganwa ari n’ivyo yāka, umucamanza aca ingurire, ūhambaye yenyaguza ivyifuzo bibi vyo mu mutima wiwe: uko ni ko babijishira hamwe.
4
Ūrusha abandi kumera neza ameze nk’umukere, kand’ ūbaye ūrusha abandi kugororoka n’insobane kurusha uruzitiro rw’amahwa: umusi wavuzwe n’abashibamyi bawe urashitse, ari wo wo guhanwa kwawe; kandi muzogwa mu gahundwe.
5
Ntimukizigire umukunzi, ntimukishimire incuti; ufate n’akanwa kawe no ku mugore wawe mupfumbatirana.
6
Kuk’ umuhungu akēngēra se, umukobga agahagurukira nyina, umukazana agahagurukira inabukwe; kand’ abansi b’umuntu bakaba abo mu rugo rwiwe.
7
Ariko jeho nzohanga amaso Uhoraho; nzokwitega Imana y’ agakiza kanje: Imana yanje izonyumva.
8
Ewe mwansi wanje, nta co unyitamba hejuru! Ni natemba nzovyuka, ni nicara mu mwiza Uhoraho azombera umuco.
9
Nzokwihanganira ubushangashirwe bg’Uhoraho, kuko namugararije, gushitsa ah’ azombūranira, akantsindira. Azonsohokana anshikane mu muco, nanje nzokwitegereza ukugororoka kwiwe.
10
Maz’ umwansi wanje azobirāba, yicwe n’isoni, uwahora ambgira, at’ Uhoraho Imana yawe iri hehe? Amaso yanje azomwibonera, igihe azosiribangwa nk’ ivyondo vyo mu nzira.
11
Umusi wo gusubira kwubaka inzitiro zawe uraje! Kur’ uwo musi urugabano rwawe ruzokwigizwayo, rushirwe kure.
12
Kur’ uwo musi bazoza kuri wewe bavuye muri Ashuri no mu bisagara vyo muri Egiputa, uhereye muri Egiputa ugashitsa kuri rwa Ruzi, uhereye ku kiyaga ugashitsa ku kindi, uhereye ku musozi ugashitsa ku wundi.
13
Yamar’ isi izohinduka umusaka, kubg’ abayibako, bahōwe ivy’ ibikorwa vyabo vyāmuje.
14
Ragiza abantu bawe inyobozo yawe, ari bo mukuku wawe wīzīziye, bībēra ukwabo mu kibira co hagati kuri Karumeli: barishe i Bashani n’i Gileyadi, nko mu gihe ca kera.
15
Nzokwereka ibitangaza, nk’ivyo mu gihe wava mu gihugu ca Egiputa.
16
Amahanga azobibona amāramāre, nah’ ubushobozi bgayo bgari bginshi; bīfate ku munwa, amatwi yabo azibe.
17
Bazorigata umukungugu nk’inzoka, basokoroke mu binyegero vyabo nk’ivyikwega hasi, bahinda agashitsi; bazoza k’Uhoraho Imana yacu batinya, bafise ubgoba.
18
N’iyihe Mana ihwanye nawe, iharira ibigabitanyo, ikīrengagiza igicumuro c’amasigarira y’abo yīzīziye? Ntuhorana uburake imisi yose, kuk’ uhimbarwa no kugira imbabazi.
19
Uzoduhindukirira utugirire ikigongwe; uzosiribangira ibigabitanyo vyacu musi y’ ibirenge vyawe: kand’ uzoterera ivyaha vyacu vyose i bgina mu kiyaga.
20
Ukuri kwawe uzogushitsa kuri Yakobo, n’ikigongwe kuri Aburahamu, ari vyo nyene warahiye ba sogokuruza uhereye mu bihe vya kera.
← Chapter 6
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
All chapters:
1
2
3
4
5
6
7