bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
/
Micah 5
Micah 5
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
← Chapter 4
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 6 →
1
Rinda ushikame, wa boma we! Kuko badutanze irya n’ino: umucamanza w’Abisirayeli bazomukubita inkoni kw itama.
2
Ariko wewe, Betelehemu Efurata, nah’ ur’ inkehwa mu bihumbi vy’i Buyuda, muri wewe hazomviramw’ ūzoba segaba mu Bisirayeli; amamo yiwe yahereye kera hose, ibihe n’ibindi.
3
Ni co gituma azobagabura mu bansi, gushitsa ah’ ūramutswe azovyarira: ni ho amasigarira yo mu bavukana na we azogaruka mu Bisirayeli.
4
Azohagarara, aragire umukuku wiwe mu nkomezi z’Uhoraho, no mu cubahiro c’ izina ry’Uhoraho Imana yiwe: kandi bazokwībērah’ umugaramango; kukw ico gihe ubukuru bgiwe buzoshika ku mpera z’isi.
5
Kand’ uwo muntu azoba amahoro yacu. Umwashuri ni yaza mu gihugu cacu, akadusiribangira ingoro, tuzomugomorera abungere ndwi, n’abaganwa munani.
6
Kand’ igihugu ca Ashuri bazokiririkisha inkota, bo n’igihugu ca Nimurodi uhereye ku mbibe zaco. Nukw azodukiza Umwashuri, ni yaza mu gihugu cacu, akadukandagirira mu rubibe.
7
Kand’ amasigarira ya Yakobo azoba mu moko menshi ababere nk’ikime kivuye k’Uhoraho, nk’urume rutonze ku bgatsi, bitororēra umuntu, canke ngo bitenyenyere abantu.
8
Kand’ amasigarira ya Yakobo azoba mu mahanga no mu moko menshi nk’intambge iri mu bikōko vyo mu kibira, canke nk’umugunza wayo uri mu mikuku y’intama: iyo uziciyemwo, urazinyukanyuka, ukazitabagura, ata wo kuzikiza.
9
Ukuboko kwawe n’ukubangurire abarwanizi bawe, kand’ abansi bawe bose ni barandurwe.
10
Maz’ ico gihe, ni k’Uhoraho agize, nzorandura muri wewe amafarasi, mvungavunge imikogote yawe y’intambara;
11
kandi nzorandura ibisagara vyo mu gihugu cawe, mpomvagurire hasi amaboma yawe yose;
12
nzoshikura ubupfumu mu kuboko kwawe, kandi ntuzoba ukigira abaragura.
13
Nzorandura muri wewe ibishushanyo vyawe bibājwe, n’ibigirwamana vyawe vy’ inkingi; ntuzokwongera gusenga ivyakozwe n’amaboko yawe.
14
Kandi nzoshingūra muri wewe ibitabo vyawe watabiye Ashera, mponnye ibisagara vyawe.
15
Kandi nzokwīhōra amahanga atumvira, nsuguriwe, ndatse.
← Chapter 4
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 6 →
All chapters:
1
2
3
4
5
6
7