bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
/
Micah 2
Micah 2
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
← Chapter 1
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 3 →
1
Bazobona ibara, abīgerera ivyo kugabitanya, bakīgīra inama zo gukora ibibi bari ku mariri yabo; bgāca bakabikora, kuko bibashobokeye!
2
Bifuza amatongo bakayanyaga, n’amazu bakayikumirako; bagahahaza umuntu n’abo mu nzu yiwe, mber’ umuntu bamuhahazanya n’ishamvu yiwe.
3
Nuko rero, uku ni k’Uhoraho agize, ati Rāba, ivyo nanje nigereye n’icago nzotēza uyu muryango; kandi ntimuzocigobotora mu mazosi, canke ngo mugende muraritse agatwe; kuko kizoba ar’ igihe kibi.
4
Uwo musi muzoba iciro ry’imigani, mucure intimba, muti Biracitse! Turageseye! Umugabane w’ubgoko bgacu yawuhaye abandi, arawutunyaze! Amatongo yacu yayagabanganije abanyazi!
5
Ni co gituma mw ikoraniro ry’Uhoraho utazobona uwo kugeresha ishamvu umugozi.
6
Bavuga, ngo Ntimukavugishwe! Bati Ntihaze hagire abavugishwa ben’ ivyo! Yamar’ ibimāramāza ntibizovaho.
7
Yemwe ab’ inzu ya Yakobo, vyoshoboka kuvugwa, ngo Mbega Mpwemu w’Uhoraho yoba ikirandamuke? Ugira ngw ivyo yobikora? Mbeg’ amajambo yanje ntafitiye ikimazi ūgenda atunganye?
8
Ariko mur’ ibi bihe abantu banje mumpagurukiye nk’abansi: abagenda ata co bīnona, batagomba intambara, mubakiza imitamana basēsa hejuru y’izindi.
9
Abagore bo mu bantu banje mubirukana mu mazu yabo bakunda; abana babo bato icubahiro nabahaye mwakibakūyeko gushitsa ibihe bidashira.
10
Ni muhaguruke, mugende; kukw aha atar’ uburuhukiro bganyu, kubg’ ibihumanya bizana gutikira kw’agahebuza.
11
Ereg’ umuntu agendana impwemu y’ ikinyoma, akabesha, ati Nkuboneye vino n’ibinyobga; ni we yoba umuvugishwa kur’ ubu bgoko!
12
Ewe Yakobo! Sinzobura gukoraniriza abawe bose hamwe, kandi sinzobura kwegeranya amasigarira y’Abisirayeli; nzobakumakumira hamwe nk’intama z’i Bosira; bazohūrīra nk’umukuku uri mwinshi mu canya cawo.
13
Ūgenda arabacīra inzira yadūze imbere yabo: baramennye, baca mw irembo, barifyuka inyuma: umwami wabo yabagiye imbere, Uhoraho ni we yabarōngōra.
← Chapter 1
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 3 →
All chapters:
1
2
3
4
5
6
7