bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
/
Revelation 1
Revelation 1
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 2 →
1
Uguhishura kwa Yesu Kristo, ukwo yahawe n’Imana ngo yereke abagurano biwe ibigira bibeho vuba, agatuma umumarayika wiwe akabimenyesha umugurano wiwe Yohana,
2
yashingiye intahe ivyo yabonye vyose, ni vyo jambo ry’Imana, no gushinga intahe kwa Yesu Kristo.
3
Hahirwa ūsoma, hahirwa n’abumva amajambo y’uku kuvugishwa n’Imana, bakitondera ivyanditswe muri yo: kukw igihe kiri hafi.
4
Jewe Yohana ndabandikiye mwebge abo mu mashengero ndwi yo muri Asiya. Ubuntu bube muri mwebge n’amahoro biva kur’ Iyo, iriho, kandi yamyeho, kand’ igira ize, biva no ku Mpwemu ndwi zir’ imbere y’intebe yayo,
5
no kuri Yesu Kristo, icabona co kwizigirwa, imfura y’abari barapfuye, ūganza abami bo mw isi. Umwe adukunda, yatubohoje ivyaha vyacu amaraso yiwe,
6
akaduhindura ubgami, no kuba abaherezi b’Imana yiwe, ni yo Se: icubahiro n’inganji bibe ivyiwe ibihe bitazoshira. Amen.
7
Eh’ arazanana n’ibicu, kand’ ijisho ryose rizomwibonera, n’abāmucumise bazomubona: kand’ amoko yose yo mw isi azoborogeshwa na we. Ni ko biri. Amen.
8
Jewe ndi Alufa na Omega, ni k’Umwami Imana igize, iriho, kandi yamyeho, kand’ igira ize, ni yo ishobora vyose.
9
Jewe Yohana, mwene So, musangiye amarushwa n’ubgami n’ukwihangana biri muri Yesu, nari ku kizinga Patimo co mu kiyaga, bampōra ijambo ry’Imana no gushingira intahe Yesu.
10
Ku musi w’Imana nari muri Mpwemu, numva inyuma yanje ijwi rirenga nk’iry’ inzamba,
11
rivuga, rit’ Ic’ ubona ucandike mu gitabo, ukirungikire amashengero ndwi, ukirungike muri Efeso n’i Simuruna n’i Perugamo n’i Tuwatira n’i Sarudi n’i Filadelufiya n’i Lawodikiya.
12
Mpindukira kurāba ijwi rivuganye nanje: mpindukiye mbona ibiterekwakw amatara ndwi vy’izahabu,
13
kandi hagati y’ivyo biterekwakw amatara mbona uwusa n’Umwana w’umuntu, yambaye imyambaro ishika ku birenge, yambaye mu gikiriza umukanda w’izahabu.
14
Kand’ umutwe wiwe n’umushatsi vyari vyera nk’ubgoya bg’intama y’umwero, canke nka shelegi; n’inyonga ziwe zasa n’imbeya z’umuriro;
15
ibirenge vyiwe vyasa n’umuringa w’umwakaka, utukujwe n’umuriro; n’ijwi ryiwe ryari rimeze nk’iry’ amazi menshi asūma,
16
kandi mu kuboko kwiwe kw’i buryo yar’ afise inyenyeri ndwi, mu kanwa kiwe hāvamw’ inkota ikarishe, mu nyonga hiwe hari hameze nk’izuba iyo ryatse umutari.
17
Ndamubonye, nikubita imbere y’inyundo ziwe nk’ūpfuye; maz’ anshirak’ ukuboko kw’i buryo, ati Ntutinye; jewe nd’ uwa mbere kandi nd’ uw’ iherezo,
18
kandi ndi muzima; nari narapfuye, kandi rāba mpora ndi muzima ibihe bitazoshira, mfise impfunguzo z’urupfu n’iz’ i kuzimu.
19
Nuko wandike ivy’ ubonye n’ibiriho n’ibizoba hanyuma y’ivyo,
20
ibanga ry’inyenyeri ndwi izo umbonanye mu kuboko kwanje kw’i buryo, n’ivy’ ibiterekwakw amatara ndwi vy’izahabu. Inyenyeri ndwi ni zo bamarayika b’ayo mashengero ndwi, ibiterekwakw amatara ndwi na vyo ni vyo mashengero ndwi.
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 2 →
All chapters:
1
2
3
4
5
6
7
8
9
10
11
12
13
14
15
16
17
18
19
20
21
22