bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
/
Revelation 20
Revelation 20
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
← Chapter 19
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 21 →
1
Mbona umumarayika amanuka avuye mw ijuru, afise urupfunguzo rw’i kuzimu, afise n’ikinyororo mu minwe.
2
Afata ca gisato, ni co ya nzoka ya mbere, ni yo Murwanizi irindi ni Satani, akiboha ngo kimare imyaka igihumbi,
3
agikororera i kuzimu, arahadadira, ashirakw ikimenyetso kikirumanya, kugira ngo nticongere kuzimiza amahanga, gushitsa ah’ iyo myaka igihumbi izoshirira: ni yashira gikwiye kubohorwa ngo kimare igihe gito.
4
Mbona intebe z’ubgami, mbona abicara kuri zo, bahabga ubucamanza. Kandi mbona ubugingo bg’abaciwe amazosi, babahōra gushingira intahe Yesu, n’ijambo ry’Imana, ni bo batāsenze ca gikōko cank’ igishushanyo caco, kandi ntibemeye gushirwa ikimenyetso caco mu ruhanga canke ku kiganza. Baba bazima, bafatanya na Kristo kuganza imyaka igihumbi.
5
Abapfuye bandi ntibaba bazima iyo myaka igihumbi itarashira. Ukwo ni kwo kuzuka kwa mbere.
6
Ūri mu mugabane wo kuzuka kwa mbere arahiriwe kandi n’uwera. Urupfu rwa kabiri ntirugira ububasha ku bameze bartyo, ariko bazoba abaherezi b’Imana na Kristo, kandi bazofatanya na we kuganza, iyo myaka igihumbi.
7
Kand’ iyo myaka igihumbi ni yashira, Satani azorekurwa ngw ave mw ibohero,
8
azosokoroka aje kuzimiza amahanga yo mu mfuruka zine z’isi, Gogi na Magogi, kugira ngw ayakoranirize hamwe ku ntambara, igitigiri cabo ni nk’umusenyi wo ku kiyaga.
9
Baradūga bakwira isi yose, bakikiza ah’ ingabo z’abera zishagaje, na ca gisagara gikundwa. Umuriro uratibuka uvuye mw ijuru, urabarigata.
10
Kand’ Umurwanizi yabazimiza atererwa muri ca kiyaga caka umuriro n’amazuku, kirimwo na ca gikōko na wa muvugishwa w’ibinyoma, bazobabazwa ku murango no mw ijoro ibihe bitazoshira.
11
Mbona intebe niniya yera, mbona n’Iyivyagiyeko, isi n’ijuru bihunga mu nyonga hayo, aho vyahora ntihaba hakiboneka.
12
Mbona abapfuye, abahambaye n’aboroshe, bahagaze imbere y’iyo ntebe; ibitabo birazingururwa. Kand’ ikindi gitabo kirazingururwa, ni co gitabo c’ubugingo. Abapfuye bacirwa imanza z’ivyanditswe mur’ ivyo bitabo, zikwiranye n’ivyo bakoze.
13
Ikiyaga kigarukana abapfuye bo muri co, urupfu n’i kuzimu bigarukana abapfuye bo muri vyo, bacirwa imanza zikwiranye n’ivy’ umuntu wese yakoze.
14
Rupfu na Kuzimu batererwa muri ca kiyaga caka umuriro. Ico kiyaga caka umuriro ni co rupfu rwa kabiri.
15
Kand’ umuntu wese atabonetse ko yanditswe muri ca gitabo c’ubugingo atererwa mur’ ico kiyaga caka umuriro.
← Chapter 19
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 21 →
All chapters:
1
2
3
4
5
6
7
8
9
10
11
12
13
14
15
16
17
18
19
20
21
22