bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
/
Revelation 5
Revelation 5
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
← Chapter 4
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 6 →
1
Mbona igitabo mu kuboko kw’i buryo kw’Īvyagiye kuri ya ntebe, canditse imbere n’inyuma, kidombagijek’ udushashara ndwi, tukimatanije tudomyemw’ ikimenyetso.
2
Mbona umumarayika w’inkomezi nyinshi asemereza ijwi rirenga, ati Ni nde bibereye kw azingurura kirya gitabo ngw amene ibikimatanije?
3
Ntihāgira uwo mw ijuru cank’ uwo kw isi cank’ uw’ i kuzimu ashobora kuzingurura ico gitabo canke kukirāba.
4
Nanje ndizwa cane n’uko hatabonetse ūbereye kuzingurura ico gitabo canke kukirāba.
5
Umwe muri ba bakuru arambarira, ati Nta co urira; eh’ Intambge yo mu muryango wa Yuda, Umunago wo ku gishitsi ca Dawidi, yaranesheje, ngw azingurure igitabo, amene ibikimatanije ndwi.
6
Mbona hagati ya ya ntebe na vya binyabugingo bine no hagati ya ba bakuru, Umwagazi w’Intama ahagaze, asa n’uwishwe, afise amahembe ndwi n’amaso ndwi, ni vyo Mpwemu ndwi z’Imana, zatumwe kwama zija mw isi yose.
7
Araza, agikūra mu kuboko kw’i buryo kw’Īvyagiye kuri ya ntebe.
8
Amaze kwābīra ico gitabo, vya binyabugingo bine na ba bakuru mirongwibiri na bane baca bikubita imbere y’uwo Mwagazi, bafise inanga bose, n’inzavya z’izahabu zuzuye imibavu, ni yo gusenga kw’abera.
9
Baririmba indirimbo nsha, bati Birakubereye kwābīra igitabo, no kumena ibikimatanije, kuko wishwe, ugacungurira Imana abo mu miryango yose no mu ndimi zose no mu moko yose no mu mahanga yose, ubacunguje amaraso yawe,
10
ukabahindura ubgami bg’Imana yacu no kuba abaherezi bayo, kandi bazoba abami mw isi.
11
Ndarāba, numva ijwi ry’abamarayika benshi bakikije ya ntebe na vya binyabugingo na ba bakuru: igitigiri cabo car’ amasinzi n’amasinzi, n’ibihumbi n’ibihumbi.
12
Bavuga n’ijwi rirenga, bat’ Umwagazi yishwe abereye guhabga ububasha n’ubutunzi n’ubgenge n’ubushobozi n’icubahiro no guhimbazwa n’umugisha.
13
Kand’ icaremwe cose co mw ijuru no mw isi n’i kuzimu no hejuru y’ikiyaga n’ibiri muri vyo vyose, numva bivuga, bit’ Īvyagiye ku ntebe bo n’Umwagazi w’Intama, umugisha ube uwabo n’icubahiro no guhimbazwa n’ububasha, ibihe bitazoshira.
14
Kandi vya binyabugingo bine biravuga, biti Amen. Bano bakuru bikubita hasi, barasenga.
← Chapter 4
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 6 →
All chapters:
1
2
3
4
5
6
7
8
9
10
11
12
13
14
15
16
17
18
19
20
21
22