bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
/
Revelation 7
Revelation 7
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
← Chapter 6
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 8 →
1
Hanyuma y’ivyo, mbona abamarayika bane bahagaze ku mfuruka zine z’isi, bafashe imiyaga ine yo kw isi, kugira ngo ntihagire umuyaga uhūha kw isi canke ku kiyaga canke ku giti cose.
2
Kandi mbona umumarayika wundi adūga, ava i burasirazuba, afise ikidomesho c’Imana nzima, asemerera n’ijwi rirenga, abarira ba bamarayika bane bahawe kwonona isi n’ikiyaga,
3
ati Ntimugire ico mugira isi cank’ ikiyaga cank’ ibiti, tutaradoma ikimenyetso mu ruhanga rw’abagurano b’Imana yacu.
4
Numva igitigiri c’abadomwekw ikimenyetso, ngo n’ibihumbi ijana na mirongwine na bine, abādomwekw ikimenyetso bo mu miryango yose y’Abisirayeli.
5
Abo mu muryango wa Yuda bākidomweko n’ibihumbi cumi na bibiri: Abo mu muryango wa Reyubeni n’ibihumbi cumi na bibiri: Abo mu muryango wa Gadi n’ibihumbi cumi na bibiri:
6
Abo mu muryango wa Asheri n’ibihumbi cumi na bibiri: Abo mu muryango wa Nafutali n’ibihumbi cumi na bibiri: Abo mu muryango wa Manase n’ibihumbi cumi na bibiri:
7
Abo mu muryango wa Simeyoni n’ibihumbi cumi na bibiri: Abo mu muryango wa Lewi n’ibihumbi cumi na bibiri: Abo mu muryango wa Isakari n’ibihumbi cumi na bibiri:
8
Abo mu muryango wa Zebuloni n’ibihumbi cumi na bibiri: Abo mu muryango wa Yosefu n’ibihumbi cumi na bibiri: Abo mu muryango wa Benyamini bādomwekw ikimenyetso n’ibihumbi cumi na bibiri.
9
Hanyuma y’ivyo mbona ishengero ryinshi, ata woshobora kuriharūra, bo mu mahanga yose n’imiryango yose n’amoko yose n’indimi zose, bahagaze imbere y’iyo ntebe n’imbere y’Umwagazi w’Intama, bambaye imvune zera, bari n’amashami y’ibigazi mu minwe:
10
basemerera n’ijwi rirenga, bat’ Agakiza n’ak’ Imana yacu ivyagiye kur’ irya ntebe n’ak’ Umwagazi w’Intama.
11
Abamarayika bose bari bahagaze bakikije ino ntebe, bakikije na ba bakuru na vya binyabugingo, bikubita hasi bubamye imbere y’intebe, basenga Imana,
12
bati Amen, umugisha no guhimbazwa n’ubgenge n’ishimwe n’icubahiro n’ububasha n’ubushobozi n’ivy’ Imana yacu ibihe bitazoshira. Amen.
13
Umwe muri ba bakuru arambaza, at’ Aba bambaye imvune zera ni ba nde, kandi bavuye hehe?
14
Ndamwishura, nti Mugenzi, ni wewe wobimenya. Arambgira, at’ Aba n’abāvuye muri wa mubabaro mwinshi, kandi bamesuye imvune zabo bazezesha amaraso ya wa Mwagazi.
15
Ni co gituma baba imbere y’intebe y’Imana, bakayikorera mu rusengero rwayo ku murango no mw ijoro: kand’ Īvyagiye kur’ irya ntebe izosanza ihema ryayo hejuru yabo.
16
Ntibazoba bakigira inzara ukundi, kandi ntibazoba bakigira inyota ukundi, kand’ izuba ntirizobarabika cank’ indugumba yose,
17
kuko wa Mwagazi ari hagati ahahanganye n’iyo ntebe, azobaragira, kand’ azobashōra ku masōko y’amazi y’ubugingo; kand’ Imana izohanagura amosozi yose ku maso yabo.
← Chapter 6
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 8 →
All chapters:
1
2
3
4
5
6
7
8
9
10
11
12
13
14
15
16
17
18
19
20
21
22