bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibiliya mu Kirundi Coroshe) Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc
/
Matthew 14
Matthew 14
Kirundi (Bibiliya mu Kirundi Coroshe) Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc
← Chapter 13
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 15 →
1
Muri ico gihe, Herode Antipa yumva amakuru ya Yesu;
2
aca abwira abagendanyi biwe ati: “Uwo ni Yohana Umubatizi yazutse mu bapfuye! Ni co gituma afise ubushobozi bwo gukora ibitangaza.”
3
Kuko Herode Antipa yari yarafashe Yohana, aramuboha, amuta mw’ibohero. Ivyo yabikoze abitumwe na Herodiya uwo yari yararongoye, kandi yari asanzwe ari muka Filipo, uwo bavukana.
4
Yohana yama abwira Herode ati: “Ntivyemewe ko urongora uwo mugore.”
5
Herode na we yama agomba kwica Yohana ariko agatinya abantu, kuko kuri bo Yohana yari uwuvugishwa n’Imana.
6
Ku musi mukuru wo kwibuka ivuka rya Herode, umukobwa wa Herodiya araza atambira abatumire, maze ivyo binezereza Herode cane,
7
bituma amusezeranira ashizeko n’indahiro ko amuha ico amusaba cose.
8
Uwo mukobwa amaze kwoshwa na nyina wiwe, abwira Herode ati: “Ndasavye umpere kuri iyi sahani umutwe wa Yohana Umubatizi.”
9
Maze umwami Herode arababara cane kubera ivyo yavuze, ariko kubera indahiro yari yarahiriye imbere y’abatumire biwe, avuga ko uwo mukobwa bamuha ico asavye.
10
Nuko arungika umuntu asanga Yohana umubatizi mw’ibohero, amuca umutwe,
11
awuzana kw’isiniya, awuha wa mukobwa, na we awushira nyina.
12
Abigishwa ba Yohana baraza batora ikiziga ciwe baja kugihamba, hanyuma baragenda babwira Yesu ivyabaye.
13
Yesu amaze kuvyumva, aca ava ngaho agenda n’ubwato, aja ahantu hiherereye. Ariko abantu bamenye iyo agiye, bava mu bisagara bagenda n’amaguru baramukurikira.
14
Yesu amaze kuva mu bwato abona abantu isinzi, bamutera ikigongwe, aca abakiriza abarwaye.
15
Bugorovye, abigishwa biwe baza aho ari bamubwira bati: “Aha hantu turi ni mu gahinga kandi buriko burira. Rungika aba bantu bagende mu mihana bigurire ivyo barya.”
16
Yesu arabishura ati: “Ntibikenewe ko bagenda. Ba ari mwebwe mubagaburira.”
17
Baramwishura bati: “Aha dufise imikate itanu n’ifi zibiri gusa.”
18
Arababwira ati: “Nimubinzanire.”
19
Hanyuma abwira abantu ngo bicare ku vyatsi. Maze afata ya mikate itanu na za fi zibiri, arangamiza mw’ijuru, abishimira Imana. Hanyuma amanyagura ya mikate, abihereza abigishwa biwe na bo babiha ba bantu.
20
Bose bararya kandi barahaga. Hanyuma abigishwa begeranya ibiseke cumi na bibiri vyuzuye utumanyu twasigaye.
21
Abariye bari abagabo ibihumbi bitanu, udashizemwo abagore n’abana.
22
Ubwo nyene Yesu abwira abigishwa biwe ngo baje mu bwato babe baragenda bamwitangire imbere mu kujabuka, na we asigare arasezera abantu.
23
Amaze gusezera abantu, aca aduga ku musozi wenyene aja gusenga, maze burira akiri ngaho wenyene.
24
Ubwato bumaze kugenda urugendo rutari ruto buva ku nkengera, haza umuyaga ubaturutse imbere, maze buzungazungishwa n’imipfunda iteye ubwoba.
25
Buri hafi guca, Yesu aza aho bari agendagenda ku mazi.
26
Abigishwa biwe bamubonye agendagenda ku mazi, bagira ubwoba bwinshi, barataka bavuga bati: “Ni umuzimu.”
27
Ariko Yesu arababwira ati: “Humura! Ni jewe; ntimugire ubwoba.”
28
Petero aca aravuga ati: “Mwami, nimba ari wewe, mbwira nze aho uri, ngendagenda ku mazi.”
29
Yesu aramubwira ati: “Ingo.” Petero aca ava mu bwato, atangura kugendagenda ku mazi aja iyo Yesu ari.
30
Ariko abonye ko umuyaga ari mwinshi, agira ubwoba bwinshi. Atanguye kudobera mu mazi, arasemerera ati: “Mwami, ntabara!”
31
Ubwo nyene, Yesu atuma ukuboko aramufata, amubwira ati: “Wa muntu w’ukwizera guke, ni kuki wakekeranije?”
32
Bamaze gutambukira mu bwato, umuyaga uca urahagarara.
33
Abari mu bwato bose bamuha icubahiro, bavuga bati: “Ni ukuri uri Umwana w’Imana.”
34
Bamaze kujabuka, bashika hakurya ahitwa Genezareti.
35
Abantu baho bamenye ko ari Yesu, baca babimenyesha abantu bo muri ako karere, na bo bamuzanira abarwaye babo.
36
Maze baramwinginga ngo yemerere abarwaye bapfume bakora no ku musozo w’impuzu yiwe, kandi ababukorako bose baca bakira.
← Chapter 13
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 15 →
All chapters:
1
2
3
4
5
6
7
8
9
10
11
12
13
14
15
16
17
18
19
20
21
22
23
24
25
26
27
28