bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibiliya mu Kirundi Coroshe) Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc
/
Matthew 22
Matthew 22
Kirundi (Bibiliya mu Kirundi Coroshe) Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc
← Chapter 21
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 23 →
1
Yesu yongera kuvugana na bo mu migani, ababwira ati:
2
“Ubwami bw’ijuru bugereranywa n’umusi mukuru w’ubukwe umwami yateguriye umuhungu wiwe.
3
Igihe co kuzimana abatumire gishitse, atuma abakozi biwe guhamagara abatumiwe, ariko banka kuza.
4
Hanyuma arungika abandi bakozi, ababwira ati: ‘Nimugende mubwire abatumiwe ko nateguye amazimano: nabaze impfizi hamwe n’ibindi bitungwa binuze, kandi ibintu vyose biteguye neza. Mubabwire baze ku mazimano y’ubukwe!’
5
Ariko, habura n’umwe avyitaho, bose bigira mu vyabo, umwe mw’itongo, uwundi mu bucuruzi,
6
abandi na bo bafata abakozi biwe barabakubagura, hanyuma barabica.
7
Maze umwami araraka cane, aca arungika ingabo ziwe kwica izo nkozi z’ibibi, bongera batongoza umuriro igisagara cazo.
8
Hanyuma abwira abakozi biwe ati: ‘Amazimano y’ubukwe yateguwe, ariko abo natumiye nta n’umwe agomba kuza.
9
None rero nimugende mu mabarabara no mu mayirabiri, mutumire umuntu wese muhasanga.’
10
Nuko, abo bakozi baragenda begeranya abantu bose bahuye, ababi n’abeza, hanyuma inzu y’ubukwe yuzura abashitsi.
11
Ariko umwami yinjiye kuraba abatumire, abonamwo umuntu atambaye impuzu y’ubukwe.
12
Aramubaza ati: ‘Mugenzi, winjiye gute hano kandi utambaye impuzu y’ubukwe?’ Uwo muntu ntiyashobora kuronka ico yishura.
13
Umwami aca abwira abakozi biwe ati: ‘Nimumubohe amaboko n’amaguru, mumuterere hanze mu mwijima, ahazoba amarira no guhekenya amenyo kubera umubabaro.’
14
Burya abatumiwe ni benshi, ariko abatoranijwe ni bake.”
15
Hanyuma Abafarisayo barakorana barondera ingene bomutegera ku majambo avuga.
16
Barungika bamwe mu bigishwa babo bari kumwe n’abashigikiye Herode Antipa. Baramubwira bati: “Mwigisha, turazi ko utunganye, kandi ko wigisha inzira ihimbara Imana mu kuri kwose. Ntuhengamira ku ruhande na rumwe kuko utarobanura abantu ufatiye ku cubahiro cabo.
17
None rero tubwire ico wiyumvira: Mbega ivyagezwe vyacu biratwemerera gutanga ikori rya Kayisari, canke ntibibitwemerera?”
18
Ariko kuko Yesu yari azi intumbero mbi bafise, ababwira ati: “Mwa ndyarya mwe, ni iki gituma muntega imitego?
19
Nyereka igiceri mukoresha mu kuriha ikori.” Bamuzanira idenariyo, igiceri c’Abaroma,
20
aca arababaza ati: “Iyi shusho n’ibi vyandiko biriko ni ivya nde?”
21
Baramwishura bati: “Ni ivya Kayisari.” Aca ababwira ati: “Nuko rero ivya Kayisari nimubihe Kayisari, ivy’Imana na vyo mubihe Imana.”
22
Bumvise ivyo barajorerwa cane, baca bamusiga ngaho baragenda.
23
Uwo musi nyene, Abasadukayo, ari bo batemera ivy’izuka ry’abapfuye, baza aho ari, baramubaza bati:
24
“Mwigisha, Mose yavuze ko umugabo apfuye adasize abana, uwo bavukana ategerezwa gucura umupfakazi wiwe kugira ngo aronkere uruvyaro uwo yapfuye.
25
Rero, harigeze kuba hagati muri twebwe abavukana indwi. Mukuru muri bo ararongora, ariko apfa atavyaye; maze murumunawe arongora uwo mupfakazi.
26
Uwa kabiri na we nyene apfa atavyaye, n’uwugira gatatu bigenda gutyo kugeza ku wugira indwi.
27
Mu nyuma na wa mugore arapfa.
28
None ku musi w’izuka, uwo mugore azoba uwa nde ko bose babaye abagabo biwe?”
29
Yesu arabishura ati: “Mwarazimiye kuko mudatahura ico Ivyanditswe vyera bivuga, ntimumenye n’ubushobozi bw’Imana.
30
Ku musi w’izuka abantu ntibazorongora canke ngo barongorwe, bazoba bameze nk’abamarayika bo mw’ijuru.
31
Ku bijanye n’izuka ry’abapfuye, mbega Nta ho murasoma mu Vyanditswe ingene Imana yavuze iti:
32
‘Ndi Imana ya Aburahamu, ya Isaka na Yakobo?’ Erega si Imana y’abapfuye, ni Imana y’abazima.”
33
Abantu bumvise ivyo baca batangazwa n’inyigisho ziwe.
34
Abafarisayo bumvise ko Yesu yajoreje Abasadukayo, baca barakorana.
35
Umwe muri bo w’umwigisha w’ivyagezwe, agerageza kumutega umutego, amubaza ati:
36
“Mwigisha, ibwirizwa riruta ayandi mu Vyagezwe ni irihe?”
37
Yesu aramwishura ati: “ ‘Ukundishe Uhoraho Imana yawe umutima wawe wose, n’ubugingo bwawe bwose, n’ubwenge bwawe bwose.’
38
Iryo ni ryo bwirizwa rya mbere kandi riruta ayandi.
39
Irya kabiri na ryo risa n’iryo: ‘Ukunde mugenzawe nk’uko wikunda.’
40
Ivyagezwe vya Mose n’ivyanditswe n’abavugishwa vyose bishingiye kuri ayo mabwirizwa abiri.”
41
Abafarisayo bakoranye, Yesu arababaza ati:
42
“Mbega mwibaza iki ku vyerekeye Kristo? Ni umwana wa nde?” Baramwishura bati: “Ni umwana wa Dawidi.”
43
Arababwira ati: “None bishoboka gute ngo Dawidi, avugishijwe na Mpwemu, amwite Umwami? Kuko yavuze ati:
44
‘Uhoraho yabwiye Umwami wanje ati: Icara i buryo bwanje kugeza abansi bawe bose ndabashize musi y’ibirenge vyawe.’
45
None nimba Dawidi amwita Umwami, yoba umwana wiwe gute?”
46
Nta n’umwe yashoboye gukura ururimi mu kanwa ngo amwishure, kandi kuva uwo musi, nta n’uwongeye kwubahuka kumubaza ikibazo.
← Chapter 21
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 23 →
All chapters:
1
2
3
4
5
6
7
8
9
10
11
12
13
14
15
16
17
18
19
20
21
22
23
24
25
26
27
28