bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibiliya mu Kirundi Coroshe) Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc
/
Matthew 9
Matthew 9
Kirundi (Bibiliya mu Kirundi Coroshe) Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc
← Chapter 8
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 10 →
1
Maze Yesu atambukira mu bwato, ajabuka hakurya y’ikiyaga aja mu gisagara c’iwabo.
2
Nuko haza abantu bamuzaniye umuntu akongataye ku nderuzo. Yesu abonye ukwizera kwabo, abwira ico kimuga ati: “Humura, mwana wanje, ivyaha vyawe urabihariwe.”
3
Bamwe mu bigisha b’ivyagezwe baravugana bati: “Uwo mugabo atutse Imana!”
4
Yesu amenye ivyo biyumviriye, aca ababwira ati: “Ni igiki kibateye kwiyumvira nabi mu mitima yanyu?
5
Mbega icoroshe ni uko novuga nti: Ivyaha vyawe urabihariwe, canke ni uko novuga nti: Haguruka ugende?
6
Ariko nshaka ko mutahura ko Umwana w’Umuntu afise ububasha kw’isi bwo guharira ivyaha.” Nuko abwira uwo muntu amugaye ati: “Haguruka, ikorere ikirago cawe, witahire.”
7
Uwo muntu aca arahaguruka arataha.
8
Abantu babibonye, bagira ubwoba, hanyuma bahimbaza Imana yahaye umuntu ububasha bungana gutyo.
9
Yesu avuye aho, abona umutozakori yitwa Matayo yicaye aho yatoreza ikori, amubwira ati: “Nkurikira.” Matayo aca ava hasi, aramukurikira.
10
Mu nyuma, Matayo atumira Yesu n’abigishwa biwe i muhira iwe kugira ngo abazimane, atumira kandi n’abatozakori hamwe n’abandi banyavyaha ngo basangire.
11
Ariko Abafarisayo babibonye, babaza abigishwa biwe bati: “Ni kuki umwigisha wanyu asangira n’abatozakori n’abandi banyavyaha?”
12
Yesu avyumvise aravuga ati: “Abakomeye si bo bakeneye umuganga, ahubwo abarwaye ni bo bamukeneye.
13
Nimugende mwige iri jambo ico rivuga: ‘Nshaka ko mugira imbabazi kuruta kumpa ibimazi.’ Kuko sinaje kurondera abiyumvira ko bagororotse, ahubwo naje kurondera abemera ko ari abanyavyaha.”
14
Abigishwa ba Yohana Umubatizi baraza baramubaza bati: “Ni kuki twe n’Abafarisayo twisonzesha kenshi, ariko abigishwa bawe ntibisonzeshe?”
15
Yesu arabishura ati: “Mbega abatumire b’umukwe bogandara bakiri kumwe na we? Ariko hazogera aho umukwe abakurwamwo; ico gihe rero bazoheza bisonzeshe.
16
Nta wofata igitambara gishasha ngo akibaririre ku mpuzu y’umushire, kuko ico gitambara cotuma ya mpuzu y’umushire itabuka rwose.
17
Ni nk’uko ata wosuka umuvinyu mushasha mu mukuza w’urushato ushaje, kuko uwo muvinyu wotuma uwo mukuza umeneka; hanyuma akabura umuvinyu n’umukuza. Ahubwo umuvinyu mushasha bawushira mu mukuza mushasha, ni ho vyompi bizigamwa.”
18
Akiriko aravuga ivyo, haza umukuru w’isinagogi apfukama imbere yiwe amubwira ati: “Umwana wanje w’umukobwa ahejeje gupfa, ariko woza ukamurambikako ibiganza, yosubira akaba muzima.”
19
Yesu aca arahaguruka ajana na we n’abigishwa biwe.
20
Umugore yari amaranye imyaka cumi n’ibiri ingwara yo mu gitereko yo kuva amaraso, yegera Yesu amuturutse inyuma, akora ku musozo w’impuzu yiwe.
21
Kuko yari yiyumviriye ati: “Naho nokora ku mpuzu yiwe gusa, nokira.”
22
Yesu arahindukira, amubonye aramubwira ati: “Humura, mwana wanje, ukwizera kwawe kuragukijije.” Ubwo nyene uwo mugore aca arakira.
23
Yesu ashitse mu nzu kwa wa mukuru w’isinagogi, abona abantu bavuza imyironge n’isinzi ry’abantu bavuza induru.
24
Arababwira, ati: “Nimusohoke. Uwu mwana ntiyapfuye, arasinziriye.” Ariko, abo bantu baramushinyagurira.
25
Bamaze gusohoka, arinjira amufata ukuboko, wa mwana aca aravyuka.
26
Inkuru y’ico gitangaza ica ikwira hose muri iyo ntara.
27
Yesu avuye aho, impumyi zibiri ziramukurikira zisemerera, ziti: “Tugirire imbabazi Mwana wa Dawidi!”
28
Ashitse mu nzu, za mpumyi ziramwegera; hanyuma arazibaza ati: “Murizeye ko nobahumura?” Ziti: “Egome Mwami, turavyizeye.”
29
Nuko azikora ku maso avuga ati: “Bibabere nk’uko mwizeye.”
30
Maze amaso yabo aca arahumuka. Yesu arabihanikiriza ati: “Mwiyubare, ntihagire umuntu n’umwe abimenya.”
31
Ariko bo, basohotse baca bakwiragiza inkuru ziwe muri iyo ntara yose.
32
Inyuma y’ivyo, baca bamuzanira umuntu aboshwe n’umudayimoni amutera kuba ikiragi.
33
Yesu aca yirukana iyo dayimoni; imuvuyemwo aca aravuga. Abantu babibonye baratangara, bavuga bati: “Ntihari bwaboneke ibisa n’ibi muri Isirayeli.”
34
Ariko Abafarisayo bo baravuga bati: “Umukuru w’abadayimoni ni we amushoboza kwirukana abadayimoni.”
35
Hanyuma Yesu agendagenda mu bisagara vyose no mu mihana yose yigisha mu masinagogi yabo, avuga Ubutumwa Bwiza bw’Ubwami, akiza ubumuga bwose n’ingwara zose.
36
Abonye abantu, bamutera ikigongwe; kuko bari bagowe, batagira uwubatabara, mbere bameze nk’intama zitagira umwungere.
37
Aca abwira abigishwa biwe ati: “Ivyimburwa ni vyinshi, ariko abimbuzi ni bake.
38
Nimwinginge nyene ivyimburwa arungike abimbuzi mu vyimburwa vyiwe.”
← Chapter 8
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 10 →
All chapters:
1
2
3
4
5
6
7
8
9
10
11
12
13
14
15
16
17
18
19
20
21
22
23
24
25
26
27
28