bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibiliya mu Kirundi Coroshe) Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc
/
Matthew 19
Matthew 19
Kirundi (Bibiliya mu Kirundi Coroshe) Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc
← Chapter 18
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 20 →
1
Yesu ahejeje kuvuga ivyo, aca ava i Galilaya, amanuka mu ntara ya Yudaya, hakurya y’uruzi Yorodani.
2
Abantu benshi baramukurikira, akirizayo abarwaye babo.
3
Bamwe mu Bafarisayo baza aho ari bashaka kumutega umutego, bamubaza bati: “Mbega biremewe ko umugabo yahukana n’umugore wiwe bivuye ku mvo iyo ari yo yose?”
4
Yesu arabishura ati: “Ntimurasoma ko mu ntango Umuremyi yabaremye ari umugabo n’umugore,
5
hanyuma akavuga ati: ‘Ni co gituma umugabo azosiga se na nyina akabana n’umugore wiwe ubutakivana, maze naho ari babiri bakaba umubiri umwe?’
6
Gutyo ntibaba bakiri babiri, ahubwo baba babaye umwe. None rero ico Imana yamatanije, ntihakagire uwukimatanura.”
7
Baramubaza bati: “None ni kuki Mose yategetse ko umugabo yandikira umugore urwandiko rwemeza ko bavavanuye, hanyuma akamwirukana?”
8
Yesu arabishura ati: “Mose yabemereye kwirukana abagore banyu, kuko imitima yanyu ikomantaye. Ariko mu ntango ntivyari bimeze uko.
9
Kandi ndababwire, umuntu wese yirukana umugore atamuhoye ubusambanyi, hanyuma akarongora uwundi, aba asambanye.”
10
Abigishwa biwe baramubwira bati: “Aho ho rero nimba ivy’abagabo n’abagore bimeze uko, umuntu yopfuma areka kurongora.”
11
Yesu arabishura ati: “Si bose bashobora kwemera iyi nyigisho kiretse abo Imana ibishoboje.
12
Kuko hariho bamwe bavutse ari inkone, hari n’ababaye inkone babigizwe n’abandi, hakaba rero n’abahisemwo kutarongora kubera Ubwami bw’ijuru. Uwushobora kuvyemera avyemere.”
13
Abavyeyi bamwe bazanye abana babo ngo Yesu abarambikeko ibiganza abasengere. Ariko abigishwa barabakankamira ngo ntibamugore.
14
Maze Yesu arababwira ati: “Nimureke abana baze aho ndi, ntimubabuze, kuko Ubwami bw’ijuru ari ubw’abameze nka bo.”
15
Amaze kubarambikako ibiganza abahezagira aca ava ngaho.
16
Hanyuma haza umusore umwe, aramubaza ati: “Mwigisha, iciza nokora ni ikihe kugira ngo nze ndagwe ubugingo budashira?”
17
Yesu aramwishura ati: “Ni kuki umbaza ivyerekeye iciza? Umwiza ni umwe. Nimba ugomba kwinjira mu bugingo, kurikiza amabwirizwa.”
18
Na we ati: “Amabwirizwa ayahe?” Yesu aramwishura ati: “ ‘Ntukice, ntugasambane, ntukibe, ntukagirize abandi ibinyoma,
19
wubahe so na nyoko,’ kandi ‘ukunde mugenzawe nk’uko wikunda.’ ”
20
Wa musore aramwishura ati: “Ayo yose narayakurikije. None ikindi nkwiye gukora ni igiki?”
21
Yesu aramwishura ati: “Nimba ugomba kuba uwutunganye rwose, genda, ugurishe ivyo utunze vyose, maze amahera ukuyemwo uyahe aboro; ni ho uzoronka ubutunzi mw’ijuru. Hanyuma uce uza unkurikire.”
22
Uwo musore avyumvise, aca agenda ababaye, kuko yari afise ubutunzi bwinshi cane.
23
Yesu aca abwira abigishwa biwe ati: “Ndababwire ukuri, biragoye cane ko abatunzi binjira mu Bwami bw’ijuru.
24
Kandi ndabisubiyemwo: vyokworoha ko ingamiya ica mu gatoboro k’urushinge rubarira kurusha ko umutunzi yinjira mu Bwami bw’Imana!”
25
Abigishwa bavyumvise baratangara cane, hanyuma baramubaza bati: “None nimba biri uko, ni nde ashobora kurokoka?”
26
Yesu arabitegereza, hanyuma ababwira ati: “Ku bantu ntibishoboka. Ariko ku Mana vyose birashoboka.”
27
Petero aramwishura ati: “None ko twebwe twasize vyose tukagukurikira, tuzoronka iki?”
28
Yesu arababwira ati: “Ndababwire ukuri, mu gihe c’isi nsha, aho Umwana w’Umuntu azokwicarira ku ntebe yiwe y’icubahiro, mwebwe mwankurikiye, muzoba mwicaye ku ntebe cumi na zibiri, mucira imanza imiryango cumi n’ibiri ya Isirayeli.
29
Kandi nta muntu n’umwe yasize inzu, canke abavukanyi, canke se, canke nyina, canke umugore, canke abana, canke amatongo kubera izina ryanje, atazobishumbushwa incuro ijana kandi akaragwa n’ubugingo budashira.
30
Ariko benshi mu bari imbere bazoba ab’inyuma, abari inyuma na bo babe ab’imbere.
← Chapter 18
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 20 →
All chapters:
1
2
3
4
5
6
7
8
9
10
11
12
13
14
15
16
17
18
19
20
21
22
23
24
25
26
27
28