bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibiliya mu Kirundi Coroshe) Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc
/
Matthew 24
Matthew 24
Kirundi (Bibiliya mu Kirundi Coroshe) Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc
← Chapter 23
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 25 →
1
Yesu ariko arasohoka ava mu rusengero, abigishwa biwe baramwegera, bamwereka ingene urusengero rwubatse.
2
Na we arabishura ati: “Murabona ibi vyose? Ndababwira ukuri ko ata buye na rimwe rizosigara rigeretse ku rindi, yose azosamburirwa hasi.”
3
Hanyuma Yesu yicaye ku Musozi Elayono, biherereye, abigishwa biwe baramubaza bati: “Tubwire, ivyo bizoshika ryari, kandi ni ikihe kimenyetso kizokwerekana ukugaruka kwawe n’umuhero w’isi?”
4
Yesu arababwira ati: “Mwiyubare ntihagire umuntu n’umwe abazimiza
5
kuko benshi bazoza mw’izina ryanje bavuga ngo: ‘Ni jewe Kristo,’ kandi bazozimiza benshi.
6
Muzokwumva intambara n’inkuru zivuga ivy’intambara hirya no hino, ariko ntimuze muhagarike imitima. Ivyo bitegerezwa gushika, ariko iherezo rya vyose ntirizoba rirashika.
7
Ihanga rizotera irindi hanga, ubwami butere ubundi bwami. Ahantu henshi kw’isi hazoba amapfa n’ukunyiganyiga kw’isi.
8
Ivyo vyose bizoba ari nk’intango y’ibise.
9
Hanyuma bazobafata babahame, ndetse babice. Muzokwankwa n’amahanga yose babahora izina ryanje.
10
Ico gihe benshi bazota ukwizera bahemukiranire kandi bankane.
11
Hazokwaduka abavugishwa b’ibinyoma benshi kandi bazozimiza abantu benshi.
12
Kuko ikibi kizogwira, urukundo rwa benshi na rwo ruzotimba.
13
Ariko uwuzokwihangana gushitsa kw’iherezo azorokoka.
14
Kandi ubu Butumwa Bwiza bw’Ubwami buzovugwa kw’isi yose, kugira ngo bubere ikimenyetso amahanga yose, hanyuma umuhero uzoca uza.
15
Nimwabona ca ‘kizira gihumanya’ cavugwa n’uwavugishwa n’Imana Daniyeli gihagaritswe ahera (uwusoma yiyubare),
16
abazoba bari i Yudaya baze bahungire ku misozi.
17
Uwuzoba ari hejuru ku nzu, ntaze asubire mu nzu kurondera ivyo ahungana.
18
Uwuzoba ari mu murima ntaze asubire i muhira gutora umutamana.
19
Ese ukuntu iyo misi izoba ari iy’umubabaro utagira ingene wovugwa ku bagore bibungenze n’abazoba bonsa!
20
Musenge kugira ngo uguhunga kwanyu ntikuze kube mu gihe c’imbeho nyinshi cane canke ku musi w’Isabato.
21
Kuko hazobaho umubabaro n’agahinda bitigeze kubaho kuva isi iremwa kugeza ubu kandi bitazosubira kubaho.
22
Kandi iyo iyo misi itagabanywa, nta muntu n’umwe yorokotse. Ariko kubera abatoranijwe, iyo misi izogabanywa.
23
Muri ico gihe nihagira umuntu ababwira ati: ‘Ehe Kristo ari hano!’ canke ngo: ‘Ehe ng’uriya!’ ntimuze muvyemere.
24
Kuko abiyita Kristo n’abavugishwa b’ibinyoma bazoza ari benshi, bakore ibimenyetso n’ibitangaza kugira ngo bishobotse bazimize n’abatoranijwe.
25
Ehe raba ndabibabwiye imbere y’uko bishika.
26
Nihagira uwubabwira, ati: ‘Erega, Kristo ari mu bugaragwa,’ ntimuze muje kumuronderayo. Canke bati: ‘Raba ari hano mu vyumba,’ ntimuze muvyemere.
27
Kuko nk’uko umuravyo urabiriza i buseruko ukaboneka no mu burengero, ni ko bizomera Umwana w’Umuntu niyaza.
28
Aho umuvyimba uzoba uri, ni ho ibisiga vy’amero bizokoranira.
29
Ubwo nyene, inyuma y’ivyo vyago vyo muri iyo misi, ‘izuba rizocura umwijima, n’ukwezi ntikuzosubira kubonesha, inyenyeri zizokoragurika ziva kw’ijuru, n’ivy’inkomezi biri mu kirere bizonyiganyizwa.’
30
Inyuma y’ivyo, ni ho ikimenyetso cerekana kugaruka kw’Umwana w’Umuntu kizogaragara kw’ijuru, kandi hazoba amaborogo mu bantu bo mu moko yose yo kw’isi. Ni ho bazobona Umwana w’Umuntu aje ku bicu afise ububasha bwinshi n’icubahiro.
31
Azotuma abamarayika biwe bavuze inzamba isamirane cane, hanyuma begeranye abatoranijwe biwe bose bo mw’isi, kuva aho ijuru ritangurira gushika aho riherera.
32
Nimwigire ku mugani w’igiti c’umusukoni: iyo amashami yaco atanguye kworoha, amababi agatangura gututuza, muca mumenya ko agatasi kari hafi.
33
Namwe, nimwabona ivyo vyose, muzoce mumenya neza ko ukugaruka kwiwe kuri hafi, ko ageze kw’irembo.
34
Ndababwire ukuri, abo muri runo rungamwe ntibazopfa bose ivyo vyose bitarashika.
35
Ijuru n’isi bizokurwaho, ariko amajambo yanje ntazokwigera akurwaho.
36
Ariko ku bijanye n’umusi canke isaha, baba abamarayika bo mw’ijuru canke Umwana ubwiwe, nta n’umwe abizi uretse Data wenyene.
37
Nk’uko vyari bimeze mu gihe ca Nowa, ni ko bizomera no mu gihe co kugaruka kw’Umwana w’Umuntu.
38
Kuko mu misi y’imbere y’uko umwuzure uza, bararya, baranywa, bararongora bagashingiza, gushika umusi Nowa yinjiye mu bwato.
39
Ntibigeze bamenya ibigira bibe kugeza umwuzure uje ukabatwara bose. Uko ni ko bizomera igihe Umwana w’Umuntu azozira.
40
Abagabo babiri bazoba bari mu murima, umwe ajanwe uwundi asigare.
41
Abagore babiri bazoba bariko barasya ku rusyo, umwe ajanwe, uwundi asigare.
42
Kubera ivyo rero mube maso, kuko mutazi umusi Umwami wanyu azozirako.
43
Mutahure ibi: Iyaba nyene inzu yomenye isaha igisuma kizira ko, yoteramye ntiyokwemera ko kimena inzu yiwe.
44
Ni co gituma namwe mukwiye kwama mugavye, kuko Umwana w’Umuntu azoza mu gihe mutamwiteze.
45
Mbega umukozi w’umwizigirwa kandi w’umunyabwenge ni nde? Ni uwo shebuja ashobora guha ubukuru bwo kuganza abandi bakozi no kubagaburira ku mwanya.
46
Azoba ahiriwe uwo mukozi shebuja azosanga akora gutyo niyagaruka.
47
Ndababwire ukuri, azoshika amuzeza ivyo atunze vyose.
48
Ariko vyogenda gute hamwe yoba ari umukozi mubi, maze akibwira mu mutima wiwe ati: ‘Databuja yatevye kugaruka,’
49
hanyuma agatangura gukubita abakozi bagenziwe, kurya no kuborerwa hamwe n’izindi mborerwa,
50
shebuja azoshika umusi uwo mukozi atari yiteze ko ashikirako, no kw’isaha atazi.
51
Azomuhimbagura hanyuma amusangize ikibanza n’indyarya, ahazoba amarira no guhekenya amenyo kubera umubabaro mwinshi.”
← Chapter 23
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 25 →
All chapters:
1
2
3
4
5
6
7
8
9
10
11
12
13
14
15
16
17
18
19
20
21
22
23
24
25
26
27
28