bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibiliya mu Kirundi Coroshe) Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc
/
Romans 10
Romans 10
Kirundi (Bibiliya mu Kirundi Coroshe) Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc
← Chapter 9
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 11 →
1
Bene Data, ico umutima wanje wipfuza cane kandi nsaba Imana, ni uko Abisirayeli bokizwa.
2
Ndashobora gushinga intahe yuko bafise ishaka ryinshi mu vy’Imana, ariko iryo shaka ryabo ntirihagaze ku bumenyi nyakuri.
3
Kuko batatahuye inzira ituma abantu bemerwa n’Imana nk’abagororotsi, bakanka no kwisunga iyo nzira, baciye bicira inzira yabo yo kwemerwa n’Imana mu kugerageza kwubahiriza ivyagezwe.
4
Mu vy’ukuri Kristo yashikije intumbero ivyagezwe vyari vyarashiriweho. Ni co gituma umuntu wese amwizeye aca yemerwa n’Imana nk’umugororotsi.
5
Kuko Mose yanditse avuga ati: “Umuntu ashaka kwemerwa n’Imana nk’umugororotsi yisunze ivyagezwe, azobeshwaho na vyo.”
6
Ariko ukwemerwa n’Imana nk’umugororotsi biciye mu nzira yo kwizera kuvuga kuti: “Ntukibaze mu mutima ngo mbega ni nde azoduga mw’ijuru?” (bisigura, kuzana Kristo kw’isi)
7
canke ngo: “Ni nde azomanuka i kuzimu iyo abapfuye bari?” (bisigura: kuzura Kristo mu bapfuye).
8
Kuko Ivyanditswe Vyera bivuga biti: “Ijambo riri hafi yawe; mbere riri mu kanwa kawe no mu mutima wawe.” Iryo jambo ni bwo Butumwa bwo kwizera tuvuga.
9
Niwaturisha akanwa kawe ko Yesu ari Umwami, ukizera mu mutima wawe ko Imana yamuzuye mu bapfuye, uzokizwa.
10
Kuko umuntu yizeye mu mutima aca yemerwa n’Imana nk’umugororotsi, kandi iyo yatuje akanwa kiwe bituma akizwa.
11
Ivyanditswe Vyera bivuga biti: “Umuntu wese amwizera ntazokwigera amaramara.”
12
Kandi kuri ivyo, nta tandukaniro riri hagati y’Abayuda n’abanyamahanga, kuko bose bafise Umwami umwe kandi atanga cane agahaza ivyiza uwumwambaje wese.
13
Kuko “Umuntu wese azokwambaza izina ry’Uhoraho azokizwa.”
14
None abantu bokwambaza bate uwo batarizera? Kandi bomwizera bate batarumva ivyiwe? Canke bokwumva ivyiwe bate ata wubibabwiye?
15
Mbega hoho abantu bovuga ivyiwe bate ata wabatumye? Ni co gituma Ivyanditswe Vyera bivuga ngo: “Ese ukuntu ibirenge vy’abazanye Ubutumwa Bwiza ari vyiza!”
16
Ariko rero si abantu bose bemera kwakira Ubutumwa Bwiza, kuko Yesaya yavugishijwe ngo: “Mwami ni nde yizeye Ubutumwa Bwiza twavuze?”
17
Mu vy’ukuri ukwizera kuzanwa no kwumva Ubutumwa Bwiza, ari ryo jambo rya Kristo.
18
Ariko rero ndabaza: mbega none Abayuda iryo jambo nta ryo bumvise? Egome cane bararyumvise! Kuko Ivyanditswe Vyera bivuga ngo: “Ijwi ryavyo ryumvikanye mw’isi yose; kandi ivyo yavuze vyashitse ku mpera z’isi.”
19
Nkongera nkabaza: Mbega Abisirayeli ntibigeze baritahura? Egome cane bararitahuye, kuko Mose ari we yabanje kuvuga ati: “Nzobateza kwipfuza ivy’abantu batari babereye no kwitwa ihanga; ndabateze kugirira ishari ihanga ritagira n’ugutahura.”
20
Mu nyuma, Yesaya na we yavuze ashize amanga ati: “Nabonywe n’abatariko baranandondera, niyereka abatariko baranabaza ivyanje.”
21
Ariko ku vyerekeye Isirayeli, Imana yaravuze iti: “Umusi wose niriwe nshanje amaboko, ndayategeye ubwoko butumvira kandi bw’intagondwa.”
← Chapter 9
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 11 →
All chapters:
1
2
3
4
5
6
7
8
9
10
11
12
13
14
15
16