bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibiliya mu Kirundi Coroshe) Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc
/
Romans 9
Romans 9
Kirundi (Bibiliya mu Kirundi Coroshe) Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc
← Chapter 8
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 10 →
1
Mvuga ukuri nk’uwa Kristo simbesha; ijwi ryo mu mutima wanje na Mpwemu Yera biranshingira intahe:
2
umutima wanje wuzuye intuntu n’umubabaro udahera
3
ku bwa benewacu b’Abayuda. Nopfuma mba ikivume ngatandukana na Kristo, nimba ivyo vyotuma abo mu bwoko bwanje bakizwa.
4
Abo mvuga ni Abisirayeli: Imana yabagize abana bayo, ibahishurira ubwiza bwayo, igiriranira amasezerano na bo, ibaha n’ivyagezwe vyayo. Yabahaye kandi ibakwe ryo kuyisenga ibaha n’amasezerano yayo.
5
Ba sekuruza babo ni Abaheburayo ba rurangiranwa; mu buryo bw’umubiri, Yesu Kristo ubwiwe akomoka muri ubwo bwoko kandi uwo ni we Mana iri hejuru ya vyose, akwiye gushimwa ibihe vyose. Amen.
6
Ivyo ntibisigura ko ivyo Imana yasezeraniye Abisirayeli vyabaye impfagusa. Haba na mba! Kuko abavukiye mw’ihanga rya Isirayeli bose si Abisirayeli.
7
Kandi abakomoka kuri Aburahamu bose, ntibaca baba uruvyaro rwiwe nyakuri. Kuko Ivyanditswe Vyera bivuga ngo: “Uruvyaro nagusezeraniye uzoruronka biciye muri Isaka.”
8
Ibi bisigura ko abavutse mu buryo bw’umubiri atari bo bana b’Imana, ahubwo abavutse mu buryo bw’isezerano ni bo bana ba Aburahamu.
9
Imana ni yo yatanze isezerano iravuga iti: “Umwaka ugeze aha uwu ugeze, nzogaruka kandi Sara azoba afise umwana w’umuhungu.”
10
Uwo mwana ni sogokuruza wacu Isaka. Igihe yarongora Rebeka yamuvyayeko abana babiri b’amahasa.
11
Ariko imbere y’uko bavuka, batarakora ikibi canke iciza, aronka ijambo rivuye ku Mana. Iryo jambo ryavuga ko Imana itoranya abantu ikurikije intumbero yayo, itaravye ibikorwa vyabo.
12
Yamubwiye iti: “Bukuru azokorera Butoyi.” Ivyo yabivuze imbere y’uko bavuka;
13
nk’uko Ivyanditswe Vyera bivuga ngo: “Nahisemwo gukunda Yakobo, ndamurutisha Esawu.”
14
None ivyo bivuga ko Imana irenganya? Haba na mba!
15
Kuko Imana yabariye Mose iti: “Nzogirira imbabazi uwo nzozigirira, kandi nzogirira impuhwe uwo nzozigirira.”
16
Nuko rero, ni Imana ihitamwo uwo igirira imbabazi. Ntidushobora kubihitamwo canke ngo tubikorere.
17
Kuko Ivyanditswe Vyera biravuga kuri Farawo, umwami wa Egiputa ngo: “Naguhisemwo kugira ngo nerekanire kuri wewe ubushobozi bwanje kandi kugira ngo izina ryanje rimenyekane kw’isi yose.”
18
Nuko rero, Imana ihitamwo kwerekana imbabazi zayo ku bo igomba kuzerekanirako, kandi igahitamwo gukomantaza imitima y’abo igomvye.
19
Urashobora kuvuga uti: “Nimba ibintu bimeze gutyo, ni kuki Imana ivuga ko abantu batayumvira? Mbega ni nde ashobora kwanka ugushaka kwayo?”
20
Ariko none uri nde wewe ngo uharirize Imana? Mbega ikibumbano cobwira uwakibumvye kiti: “Ni kuki wambumvye gutya?”
21
Mbega umubumvyi ntafise uburenganzira bwo kubumba mw’ibumba rimwe inkono ishobora gukoreshwa ivy’iteka, n’iyindi igenewe ibikorwa bisanzwe?
22
N’Imana na yo, naho ifise uburenganzira bwo kwerekana uburake n’ubushobozi bwayo, irihanganira cane abantu bategerezwa kurandurwa n’uburake bwayo.
23
Ivyo ibikora kugira ngo ubutunzi bw’ubwiza bwayo burushirize gukayanganira abo yerekanirako imbabazi zayo, bateguriwe ubwo bwiza kuva kera.
24
Kandi natwe turi muri abo yatoranije, bamwe ibakuye mu Bayuda abandi ibakuye mu Banyamahanga.
25
Imana yaravugishije Hoseya ku vyerekeye abanyamahanga iti: “Abantu batahora ari abantu banje, nzobita abantu banje; kandi abo ntahora nkunda, nzobakunda”;
26
mbere, “Mu kibanza babwiriwemwo ngo: ‘Ntimuri abantu banje,’ ni ho bazobwirirwa ngo: ‘Muri abana b’Imana nzima.’ ”
27
Ku vyerekeye Isirayeli, Yesaya yarasemereye aravuga ati: “Naho Abisirayeli ari benshi bangana n’umusenyi wo kw’isesero ry’ikiyaga, bakeya gusa ni bo bazorokoka.
28
Kuko Uhoraho azoshitsa kuri iyi si ivyo yavuze avyuzuze rwose kandi ningoga.”
29
Kandi ivyo Yesaya yari yarabivugishijwe imbere y’aho ati: “Iyo Uhoraho Mushoboravyose atadusigariza abadukomokako bakeya; tuba twararanduwe nk’ab’i Sodomu, tuba twaraherengetejwe nk’ab’i Gomora.”
30
Mbega ivyo bisigura iki? Bivuga ko Abanyamahanga batigeze barondera ukugororoka, bakuronse baguhawe n’ukwizera.
31
Ariko Abisirayeli bagerageje cane kwemerwa n’Imana mu gukurikiza ivyagezwe, ntibigeze babishikako.
32
Ni kuki bitashoboka? Kuko baguma barondera kwemerwa n’Imana mu kugerageza kwumvira ivyagezwe aho kwizera Imana. Uko ni ko batsitaye kuri rya buye ritsitaza,
33
iryo Ivyanditswe Vyera bivugako ngo: “Ehe ndashira i Siyoni ibuye ritsitaza, n’urutare rugwisha. Ariko uwumwizera ntazokwigera amaramara.”
← Chapter 8
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 10 →
All chapters:
1
2
3
4
5
6
7
8
9
10
11
12
13
14
15
16