bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibiliya mu Kirundi Coroshe) Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc
/
Romans 3
Romans 3
Kirundi (Bibiliya mu Kirundi Coroshe) Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc
← Chapter 2
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 4 →
1
Mbega none akamaro ko kwitwa Umuyuda ni akahe? Canke agaciro ko gukebwa ni akahe?
2
Mu vy’ukuri bifise ikimazi muri vyinshi. Ubwa mbere, Abayuda ni bo Imana yahaye amajambo yayo.
3
Ni ivy’ukuri ko bamwe muri bo batabaye abizigirwa. None ukutizigirwa kwabo kurakuraho ubwizigirwa bw’Imana?
4
Haba na mba! Naho abantu bose boba ababeshi, Imana yo iguma ari inyakuri. Ni co gituma Ivyanditswe Vyera bivuga ngo: “Mu vyo uvuga vyose uzokwama uboneka uri umugororotsi, kandi n’imbere y’ubucamanza uzokwama utsinda.”
5
Ariko bamwe bashobora kuvuga bati: Ivyaha vyacu birafise iciza, kuko vyereka abantu ukugororoka kw’Imana. None Imana ibiduhaniye ntiyoba iturenganije? (Iki ni iciyumviro c’abantu.)
6
Ntibishoboka ko Imana irenganya! Kuko nimba Imana itagororotse, yoshobora ite gucira imanza isi yose?
7
Vyoshoboka ko hari abaciyumvira bati: “None nimba ububi bwanje burushiriza kwerekana ko Imana ari inyakuri kandi bikayihesha icubahiro, ni kuki yoncira urubanza nk’umunyavyaha?”
8
Mbere hariho n’abatubeshera ngo tuvuga ko dukwiye gucumura cane, kugira ngo havemwo ivyiza! Abavuga ivyo bazocirwa urubanza rubakwiriye.
9
None tuvuge ko twebwe Abayuda twoba turi beza kurusha Abanyamahanga? Haba na mba! Kuko twamaze kwerekana ko abantu bose, baba Abayuda canke abanyamahanga, bari musi y’ububasha bw’icaha,
10
nk’uko handitswe ngo: “Nta muntu agororotse, nta n’umwe;
11
nta n’umwe atahura, kandi nta n’umwe arondera Imana.
12
Bose barazimiye, maze bacika imburakimazi; nta n’umwe akora iciza, nta n’umwe.”
13
“Imihogo yabo imeze nk’imva zirangaye, indimi zabo zivuga ibinyoma gusa.” “Ubumara bw’inzoka buri ku minwa yabo.”
14
“Akanwa kabo kuzuye imivumo n’umururazi.”
15
“Ibirenge vyabo vyirukira kuvisha amaraso;
16
aho baciye bahasiga imisaka n’ubworo,
17
kandi ntibigeze bamenya inzira z’amahoro.”
18
“Nta gutinya Imana kuri muri bo.”
19
Noneho turazi ko ivyo ivyagezwe vyigisha biraba abaganzwa na vyo, kugira ngo ntihagire uwuronka ico yireguza kandi isi yose iboneke ko ikwiye gutsindwa n’urubanza rw’Imana.
20
Ni co gituma ata muntu n’umwe azokwemerwa n’Imana nk’umugororotsi, abihawe no kwubahiriza ivyagezwe. Igikorwa c’ivyagezwe ni ukutwerekana ko turi abanyavyaha.
21
Ariko noneho, Imana yaraduhishuriye ingene dushobora kuronka ukugororoka kwayo tutisunze ivyagezwe, nk’uko Mose n’abavugishwa n’Imana babishingiye intahe mu gihe ca kera.
22
Ukwizera Yesu Kristo ni kwo kwonyene gutuma twemerwa n’Imana nk’abagororotsi imbere yayo. Kandi ivyo Imana ibikorera uwizera Yesu Kristo wese, ata we ikumiriye.
23
Kuko abantu bose baracumuye, bituma badashikira ubwiza bw’Imana.
24
Ariko Imana, mu buntu bwayo, itwemera nk’abagororotsi mu maso yayo biciye mu gucungurwa turonkera muri Kristo Yesu.
25
Imana yamutanze kugira ngo abe ikimazi, atange amaraso yiwe abe impongano y’ivyaha vy’uwo wese yemeye kumwizera. Imana yabikoze gutyo kugira ngo yerekane ukugororoka kwayo, kuko yihanganiye abantu ntiyabahanira ibigabitanyo bakoze muri kahise.
26
Ivyo yabikoze kugira ngo yerekane ukugororoka kwayo muri iki gihe; kandi kugira ngo yongere yerekane ubwo bugororotsi bwayo nyene, yemeye gufata abizera Yesu nk’abagororotsi.
27
None twokwirata iki? Nta na kimwe! Kuko kwemerwa n’Imana kwacu ntikuva ku kwubahiriza ivyagezwe, ariko kuva ku kwizera.
28
None rero, tuvuga ko umuntu yemerwa nk’umugororotsi imbere y’Imana biciye mu kwizera gusa, ntibiva ku kwubahiriza ivyagezwe.
29
Mbega, Imana ni iy’Abayuda gusa? Si n’iy’Abanyamahanga na bo? Egome, ni iy’Abanyamahanga na bo nyene.
30
Hari Imana imwe gusa, kandi yemera abantu ko bagororotse biciye mu kwizera, baba Abayuda canke abanyamahanga.
31
None dushimikiye cane ku kwizera, tuba dushaka kwirengagiza ivyagezwe? Haba na mba! Ahubwo iyo twizeye tuba twemeje yuko ivyagezwe bivuga ukuri.
← Chapter 2
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 4 →
All chapters:
1
2
3
4
5
6
7
8
9
10
11
12
13
14
15
16