bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibiliya mu Kirundi Coroshe) Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc
/
Romans 13
Romans 13
Kirundi (Bibiliya mu Kirundi Coroshe) Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc
← Chapter 12
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 14 →
1
Umuntu wese akwiye kwubaha abategetsi, kuko ata butegetsi na bumwe bubaho Imana itabushizeho. Ubutegetsi buriho bwashizweho n’Imana.
2
Ni co gituma, umuntu wese agarariza ubutegetsi, aba agararije urutonde rw’Imana, kandi uwukoze ivyo aba yikwegeye gutsindwa n’urubanza.
3
Kuko abatware ntibateye ubwoba ku bakora ibibereye, ahubwo bateye ubwoba ku bakora ibibi. Woba ugomba kutagira ubwoba imbere y’abategetsi? Kora ibibereye bazogushimira.
4
Kuko abategetsi ni abakozi batumwe n’Imana ku neza yawe. Ariko nimba ukora ibibi, birumvikana ko utegerezwa gutinya, kuko bafise ububasha bwo kuguhana. Ni abakozi Imana yatumye guhana inkozi z’ibibi.
5
Ni co gituma ubwirizwa kubumvira, atari mu ntumbero yo kugira ngo ntuhanwe, ariko kandi kubera ijwi ryo mu mutima ribidutegeka.
6
Ni co gituma ukwiye gutanga ikori neza, kuko abategetsi baba bariko barakorera Imana iyo barangura igikorwa cabo co gutegeka.
7
Uhe umuntu wese ivyo akwiriye guhabwa: abakwiriye guhabwa amakori mubahe amakori, uwukwiriye gutinywa mumutinye, uwukwiriye iteka mumutere iteka.
8
Ntihagire umwenda mugirira umuntu n’umwe, kiretse uwo gukundana, kuko uwukunda abandi, aba ashikije ivyagezwe.
9
Amabwirizwa avuga ngo: “Ntugasambane; ntukice; ntukibe; ntukipfuze ivy’abandi,” hamwe n’ayandi nk’ayo akoranirijwe muri iri rimwe rivuga ngo: “Ukunde mugenzawe nk’uko wikunda.”
10
Uwukunda nta kibi na kimwe yogirira uwo akunda. Uwukunda, aba ashikije ivyagezwe vyose.
11
Kandi ivyo mukwiye kubishishikara kuko muzi igihe tugezemwo. Iki ni igihe co kwikangura, kuko agakiza kacu katwegereye kurusha ca gihe twatangura kwizera.
12
Ijoro riritereye, bugira buce. Kubera ivyo, twiyambure ibikorwa vy’umwijima, twambare ibigwanisho vy’umuco.
13
Twigenze neza nk’abagenda ku murango. Twirinde kudandahirwa no kuborerwa. Twirinde ubusambanyi no kugendera mu biteye isoni. Twirinde gutongana no kugiriranira ishari.
14
Ahubwo, murondere gusa n’Umwami Yesu Kristo, aho kwitaho imibiri yanyu ngo mushitse ivyo yipfuza.
← Chapter 12
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 14 →
All chapters:
1
2
3
4
5
6
7
8
9
10
11
12
13
14
15
16